Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge : Inyubakwa ya komine yuguruwe n’umugambi "Gutwara neza" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Inyubakwa ya komine yuguruwe n’umugambi "Gutwara neza"

Rumonge : Inyubakwa ya komine yuguruwe n’umugambi "Gutwara neza"

mercredi 17 Kigarama 2014

Inyubakwa y’ibiro vya komine Rumonge yubatswe ku mfashanyo y’umugambi "Gutwara neza" yaruguruwe icese kuri uwu wa kabiri. Ukwugurura iyo nyubakwa vyahuriranye y’isozerwa ry’uwo mugambi "Gutwara neza" wari watanguye mu 2007.

Mw’ijambo ry’ukwugurura iyo nyubakwa ya komine Rumonge, Patrick SPIRLET aserukira ishirahamwe ry’ubumwe rya buraya mu Burundi, yamenyesheje ko ivyo biro vya komine Rumonge vyubatswe ku mfashanyo y’umugambi "Gutwara neza", mu gisata cawo kijejwe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Patrick SPIRLET aserukira ishirahamwe ry’ubumwe rya buraya mu Burundi akavuga ko n’ibindi biro vya komine bigera kuri mirongo itandatu vyubatswe, ibindi birasanurwa ku mfashanyo y’uwo mugambi nyene.

JPEG - 25.5 ko
Patrick SPIRLET aserukira ishirahamwe ry’ubumwe rya buraya mu Burundi

Iyugururwa ry’izo nyubakwa za komine Rumonge zahuriranye n’isozerwa ry’ibikorwa vy’umugambi "Gutwara neza" wari watanguye mu mwaka w’2007. Uwo mugambi wahora uhashwe mu mugongo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, hamwe n’ibihugu vy’Ubwongereza, Suède hamwe n’Ububirigi ku mafaranga agera ku miriyoni zigera kuri 28 z’amafaranga y’amanyaburaya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nivyiza ariko igihe mubamwavuze ngo inyubakwa murayoma photo kwerekana mubamukwiye kubamwigora mukatwereka neza iyonyubakwa ukwimeze, kukomukunze kutwereka bakatimigozi gusa ntiduheze ngotibone iyonyubakwa buguruye. Ariko nubwobirukwo turabashimira iyomutubwiye ibintuvyizanavyo.

  • None iyo nyubakwa iri hehe ko tutayibona?

  • Mbese mwashatse kutwerekako mu Rumonge arahantu hishambagusa? Rumonge irimubusagara 10 vyambere ivyobirazwi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.