Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi mushasha w’igihugu utanga umwavu w’ikizungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umugambi mushasha w’igihugu utanga umwavu w’ikizungu

Umugambi mushasha w’igihugu utanga umwavu w’ikizungu

mardi 16 Mukakaro 2013

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwifadikanije na IFDC ikigo kiraba ivyo guteza imbere igisata c’umwavu bwarateguye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 11 Mukakaro mu ntara ya Gitega, inama yo guhanahana ivyiyumviro hamwe no guhimiriza ku vyerekeye aho ibikorwa bigeze muri uwo mugambi wo gutanga umwavu w’ikizungu mu gihugu c’Uburundi. Iyo nama ikaba yateguwe iraba na cane cane ababijejwe bose mu kugira bashire mu ngiro uwo mugambi.

Uwo mugambi w’igihugu PNSEB ukaba washizeho mu ntumbero y’uko uwo mwavu uboneka ukongera ukegera abanyagihugu b’abarimyi borozi, kugira barwize umwimbu, inzara ihere mu Burundi.

Salvator Sindayihebura, umuyobozi mukuru w’uburimyi ati uwo mugambi uzoraba ubwa mbere ibiterwa mbumbarugo, abarimyi bagiye kwiruhutsa kuko ubu bazova ku biro 3 hama bagere ku biro 25 vy’umwavu w’ikizungu ku muryango umwe umwe wese.

Mu kugira uwo mugambi ugende neza aho uzotangura igihe co kurima umwaka w’2014, nk’uko vyamenyeshejwe na Sindayihebura, baciye ku ntambwe nyishi, babanje gutora imiryango izoronswa uwo mwavu w’ikizungu hamwe n’irihwa ry’amahera 5000 ku mufuko w’ibiro 25.

Izo ntambwe uko ari zibiri ziramaze guhera, intambwe ya gatatu ikaba iraba ivyo kuzana uwo mwavu mu Burundi bakaba baguze amatoni 28000. Intambwe ya 4 yerekeye kuriha amahera nayo yatanguye kuri uwa wa mbere igenekerezo rya 15 Mukakaro 2013. Intambwe ya nyuma ikazoba ari iyo guha uwo mwavu abo banyagihugu.

Ku vyerekeye ayo mahera, Sindayihebura amenyesha ko umurimyi azokwirihira ibice 60 kw’ijana, Leta nayo hamwe n’abafasha bazoca bafasha gushika ku bice 40 kw’ijana. Ufatiye rero kuri ayo mahera, Leta yarishe ivyo bice 40 kw’ijana ubu rero igiciro camaze gushingwa ni ibihumbi bitanu ku mufuko w’ibiro 25 vy’umwavu.

Muri iki gihe, abadandaza b’umwavu w’ikizungu bakaba bahamagariwe kuvuga ububiko bwabo ingene bungana kugira baronke uruhusha rwo kudandaza uwo mwavu. Baramenyeshejwe kandi ko mu gihe kindi kizoza, umwavu uzoba watangiwe amahera na Leta ariwo uzoja kw’isoko gusa.

Iyo nama ikaba yarangiye bashizeho inzandiko z’ivyo umwe umwe wese yiyemeje gukora hagati y’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, ababuramatari b’intara, abayobozi b’ibiro bikuru vy’intara bw’uburimyi n’ubworozi (DPAE), hamwe n’abakomiseri b’igipolisi, abasanzwe bakura hanze uwo mwavu, batibagiye abaserukira amashirahamwe araba ivy’uburimyi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.