Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi w’ugukura Piyo Ntavyohanyuma umeze nk’uwutoroheye aba CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambi w’ugukura Piyo Ntavyohanyuma umeze nk’uwutoroheye aba CNDD (...)

Umugambi w’ugukura Piyo Ntavyohanyuma umeze nk’uwutoroheye aba CNDD FDD

mercredi 1er Ndamukiza 2015, par Egide N

Umugambi w’ukwegeranya imikono y’abashingamateka bashigikiye ikurwa rya Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka ugeze ku bashingamateka 39 muri 71 bakenewe. Uwuvugwa ko yomusubirira ni umushingamateka Benigne RURAHINDA, umupfasoni wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA.
Bamwe mu bashingamateka ba UPRONA boba batanguye kwifadikanya na CNDD FDD muri uwo mugambi.

Umugambwe CNDD FDD uriko urarondera uko bishoboka kwose ingene wosubiriza abashingamateka ba CNDD FDD baheruka gutera umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza. Kugira uwo mugambi ushoboke, n’uko uwo mugambwe woba uvyumva kumwe na Piyo Ntavyohanyuma umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ari nawe yobibafasha, uwo nawe akaba yagirizwa ko nawe yoba ari kw’isonga ry’abadashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, naho atarabishira ahabona.

JPEG - 32.9 ko
Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Kugira ukwo gusubiriza abo bashingamateka gushoboke, amakuru dufise avuga ko Piyo Ntavyohanyuma ariwe umugambwe CNDD FDD utegekanya kubanza gukura, agasubirizwa n’uwundi ashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, aho uwuvugwa ko yomusubirira akaba ari umushingamateka Benigne RURAHINDA, umupfasoni wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahora arongoye urwego rw’igendereza.
Kugira Piyo Ntavyohanyuma ashobore gukurwa, bisaba ivya kabiri bitatu (2/3) vy’abashingamateka, ni ukuvuga abagera kuri 71.

JPEG - 54.6 ko
Benigne RURAHINDA, umupfasoni wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA, akaba ariwe muri CNDD FDD bashaka ko asubirira Piyo Ntavyohanyuma

Ico gitigiri coba cagoye kuboneka, ari naco gituma ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, nk’uko amakuru dufise abivuga, abashingamateka ba CNDD FDD bahamagawe mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, kugira bigire hamwe ingene abo bashingamateka boboneka, hamwe n’isubirizwa rya Piyo Ntavyohanyuma arongoye inama nshingamateka.

Ayo makuru dufise avuga ko umugambwe CNDD FDD woba watanguye n’ukurondeza mu bashingamateka ba UPRONA abobashigikira muri uwo mugambi, bikavugwa ko boba bamaze kuronka babiri, harimwo umushingamateka André Ndayizamba yatowe mu ntara ya Bururi. Abo bashingamateka ba UPRONA bariko basabwa gushigikira uwo mugambi wa CNDD FDD wo gukura Piyo Ntavyohanyuma arongoye inama nshingamateka, nabo boba bemerewe ko abashingamateka batayoboka Conciliya Nibigira nabo bazoca basubirizwa, muri abo ishami rya Conciliya ryoba rishaka gusubiriza, hakavugwa kw’isonga abashingamateka Karori Nditije, Bernard Busokoza, hamwe n’abandi. Icibonekeza akaba ari uko ico gikorwa c’ukwegeranya abashingamateka 71 bashigikiye ikurwa rya Piyo Ntavyohanyuma kitoroheye umugambwe CNDD FDD uriko ukora ibishoboka vyose.


Egide Nduwimana

Messages

  • Pie Komera naho atavyawe ,uri niryo! Ja kurutonde rwabasinye hanyuma twipange!

  • Piyo attention kuberiki weho utoshirahabona icigona

  • Gusambura inama nshingamateka muri kino gihe twegereje amatora n’ugusamaza abarundi kandi n’uwoja mu kibanza c’uwo asubiriye nta co vyo mu marira kuko hasigaye ikiringo gito cane. Piyo gerageza ukore ibishoboka ufashe amatora azobe meza cane mu mutekano.

  • @titi
    "Pie Komera naho atavyawe ,uri niryo !"
    Erega ba niryo bararutana. Iyo aba niryo nyawe nta nduru iba iriko iramuvugirako!!!

  • Ati ni RURAHINDA!arabona ko ruhinda narindire gato cane buca ruhindira murugo iwe!

  • abo BAGUMYABONDO bashaka ko Igihugu gitegekwa n’inkandagirabitabo gusa nka wa mushingamateka HAVYARIMANA Juvénal wi Bubanza na Anglebert wo mu CANKUZO. Muragabe!!!! igihugu nticoterimbere hategeka abantu bera mu mutwe nkabo. Dusaba NKURUNZIZA ko yobona ko abarundi bakenye kandi akibuka ko ugutwara igihugu ko atari gusimbagurika canke gukina akabumbu. nahebe basi aje kuba umukuru wa fédération FFB. kandi aho, umupira wa maguru wotera imbere mu Burundi!!!!!.

  • @Baobab
    Oui ba niryo bararutana!
    Kuki none ataja ahabona ngo avuge aho ahagaze?
    kuki adashira ahabona amahinyu ariko akorerwa mumugambwe , muri ceni nahandi?
    Abo basinye nimba vyukuri ari gukunda igihugu nibashire ahabona amanyanga yose yakozwe , abivye igihugu tubashengeze!
    Hari naho wosanga bariko bavuga kuko babimye ibindi biti!

    Mais ndabashikiye nta mandant ya 3 !

  • kirahiye amamanuka nukuri kwose!wawundi ngo haguhura nuwunyotewe ubutegetsi yohura nuwunyotewe agacupa.nibareke kumarana yemwe nabis abandi ivyo yarose birakwiye nawe nu ntabukene bagifatana.ivyo vyerekana ko afise icinyegeje muri abo bantu batinya ko inzego zihinduka.Mana garukira uburundi ntiduhone dupfa abategetsi bacu bashira imbere amaronko yabo bakibagira twebwe ba nyarucari.

  • Shihurane gwose! Amaraso mwasheshe ariko arabakora! Rindira nibindi birahaye biraza! Sinkumusi twasubiye kubona Peter yinjiye murusengero tuzoca twugara imiryango yinjira niyisohoka! Hama duhamagare NZABAMPEMA agukoShihurane gwose! Amaraso mwasheshe ariko arabakora! Rindira nibindi birahaye biraza! Sinkumusi twasubiye kubona Peter yinjiye murusengero tuzoca twugara imiryango yinjira niyisohoka! Hama duhamagare NZABAMPEMA agukosore.

  • AMASHURE YO KUREMENTANYA YO MURAYAFISE ARIKO MUZOHAVA MWIVUGA MWEBWE NYENE. MBE UWO MUDAME MUBONA YUKO ARIWE CNDD-FDD YOTANGA ? BA MWIYUMVIRA IYO MURIKO MURAVUGA IBINTU MUMENYE KO MWANDIKA IBINTU BIDASOMWA NABABASUMVYA IBINTU. CANKE AMAJAMBO YABAHERANYE? AKO NI AKAGAYE KO KUGAYA UMUGAMBWE NKURYA DUSANZWE TUZI. SUBIZA IVYIYUMVIRO VYAWE INYUMA KANDI UBUBUBESHI TURABWIYAMIRIJE.

  • priions pour le Burundi. Umuntu yizeye Imana wese azofate akanya ejo isaha indwi juste 5 min aho uzoba uri hose usabire igihugu cacu bivuye k’umutima.

  • shiraho Rurahinda,twaragoranywe umushingantahe wiwe ariko atugwanira ngo ntidupfire mu kamenge,ubuto bwiwe buherera mu kibira yagarutse yarahindutse yagiye ari umusore muto kandi w’intore,murahumba abo mwiyita ko mwize muciye ubwenge muzozana iterambere bwoko ki,ni découvertes mwakoze ngo mutwubakire za industries mwese nukuza gusega abazungu,arico gusa rero nihagume abo nyene,ivyiyumviro vyanyu birimwo ubujuju gusa,abashaka kudusubiza mu buja teshwa mute twarabahinyuye!

  • Ariko igihugu kirahiye kimanuka ! none ko amategeko avuga ko mugihe umukuru w’igihugu yitavye Imana umukuru wa Assemblee ariwe aca aba umukuru w’ígihugu none uwo mugore n’úmugabo wiwe igihe vyoshika nibo boca baramutsa Uburundi ?noneho n’aba DD bíncabwenge sages bafise ijambo bariko barabagosora hasigaye des déchets incapables de tous on n’aura tout vus dans notre chere patrie

  • Mbe assemblée na Senat birindiriye iki kubona ko Peter yamaze guhemukira igihugu: Haute trahison!!

  • kare ngw’ikinyoma camara umunsi nticamara umwaka none ubu kigomba kimare inywaka 10!!muraraba uwomutama Pie mumureke ntacakamaro muzoshikako.

  • 30 mille Euro peut construire un centre de santé qui peut être utile à1000 habitants, mais voir qu’un seul individu pour une seule mission peut consommer toute cette somme, c’est regrettable. Je ne nie pas que c’est une personlité importantante dans le pays, mais quand même ça c’est trop. Et si on comptait ce qu’il a consommé depuis 10 ans, plusieures hopitales de réferences peut-être. Seigneur, que mérite ce genre de personalité? A toi de décider le sort dans tes 1000 chemins.

  • "Toute chose vient a point a qui soit attendre" petero nkurunziza we tu est notre president mais pas a dire que uburundi ari icibare cawe uteramwo ivyo ushaka vyose ushatse ukanabisoroma bitarera.ubu abo bagabo bariko baguhenda
    ariko umenye ko ubwatsi busha bukabisa ubundi

  • Reka ayo manyanga president niwaba wubaha IMANA .reka gutoteza abana bayo !

  • jewe sinkekeranya uwo Piyo Ntavyohanyuma kwashobora gusubirizwa nuwo Mufasoni Benigne !nimba twibuka ingene Imaculé yakuwe ku ntebe yariyicayeko bazoba batabishatse kuko ububasha bwo gukurakuntebe nugushira kuntebe kunguvu barabufise none nubona ko bababuje kuja hanze kuvy’akazi!!!!!

  • Ce qui me plait chez les burundais, ils voient des problemes venir et parler comme des femmes esperant que le vieux "amakungu" va reagir et bien attander vous avez assez de temps.

  • nukuri ni bateshwe bate twarabahinyuye!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.