IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Umugambi wo gutahukana ikiziga c’umwami Mwambutsa ntiwahebwe"

"Umugambi wo gutahukana ikiziga c’umwami Mwambutsa ntiwahebwe"

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Mu gihe umushikiranganji Laurent Kavakure arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji muri uyu mwaka uheze w’2013, yagize ico yishura ku bindi bivugwa nk’ikijanye n’amasezerano aherutse guterwako umukono hagati y’Uburundi n’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, hamwe no ku bijanye n’iyugururwa ry’ubuserukizi bw’Uburundi mu bihugu bisanzwe vyarafatiwe ibihano n’amakungu.

Kuri ivyo bibazo, umushikiranganji Kavakure akaba yahumurije abarundi n’amakungu, aho yamenyesheje ko amasezerano yateweko umukono hagati y’Uburundi na Reta zunzubumwe n’Amerika atari ingendo yo gutakaza ubwigenge nk’uko bamwe bavyibaza. Umushikiranganji akamenyesha ko Uburundi atari igihugu ca mbere kigiraniye ayo masezerano yo gufashanya, kuko hari n’ibindi bihugu nk’Urwanda, Tchad, Benin, n’ibindi bifitaniye ayo masezerano. Avuga ko ibizokorwa n’ico gihugu vyose aha mu Burundi bizoba vyavuganyweko na bose, ku buryo ata ngorane bizotera.

Ku bivugwa naho ko Uburundi bushobora kugira ingaruka mbi ku bijanye n’uko hari ibihugu vyoba bitabonwa neze n’amakungu, nk’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ibihugu vya Buraya n’Amerika ariko ugasanga Uburundi bwaruguruyeyo ubuserukizi, Laurent Kavakure amenyesha ko ata ngorane n’imwe biteye. Yishura ko n’ivyo bihugu usanga bifise ababiserukira mu Burundi. Amenyesha ko Uburundi buriko buragwiza abagenzi, ndetse biri no mu bituma igihugu kiguma gitera imbere, kikabonwa neza n’amakungu, ari naco gituma igihugu c’Uburundi giherutse kuja mu murwi w’amahoro w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika.

Tukabamenyesha ko umushikiranganji Kavakure, yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha ko Uburundi buticaye ku kibazo co gutahukana ikiziga c’umwami Mwambutsa, ko hari umurwi uriko urabikurikirana, ari naco gituma yizeye ko bitebe bitebuke, uyo mwami w’Uburundi, azotahukanwa, agafubwa mu gihugu c’amavukiro yiwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.