Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo gutsimbataza amahoro mu Burundi si mushasha
Umugambi wo gutsimbataza amahoro mu Burundi si mushasha
mardi 24 Nyakanga 2013
Uruganda rw’ inama yo gutsimbataza amahoro mu Burundi mu mwaka w’2014-2016,ruriko ruhuza ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi b’ihugu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike n’abandi.
Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi yavuze ko ugufashanya kw’Uburundi n’ishirahamwe aserukira muri uyo mugambi wo gutsimbataza amahoro atari mushasha, ko watanguye mu mwaka w’2006. Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwugurura iyo nama, yamenyesheje ko Uburundi kuva mu mwaka w’2007, bwagiye mu bihugu bibiri vya mbere vyashoboye kuronka ibahasha y’ikigega co gutsimbataza amahoro, ingana n’imiriyoni 35 z’amadolare y’Amerika.
Yabandanije avuga ko iyo mfashanyo yaje kugira itsimbataze amahoro mu Burundi, mu gushigikira imigambi 18, iri mu mirwi mikuru mikuru ine:
-Amahoro n’intwaro ibereye, -Gushigikira igisata c’umutekano, -Igisata c’ubutungane n’agateka ka zinamuntu, _Ibibazo bijanye n’amatongo n’ayandi matungo. Uyo mugambi wo gutsimbataza amahoro rero, ukaba wari ugenewe gushigikira intara za Cibitoke, Bubanza na Bujumbura, benshi bita Bujumbura Rural.
Mu kurangiza, Parfait Ananga Onyanga akaba yavuze ko amahoro ariyo mushinge w’iterambere rirama. Yibukije ko kuri uyu wa gatandatu igenekerwezo rya 21 Nyakanga, ari muri komine ya Isale ahariko habera umunsi mukuru wahariwe amahoro kw’isi, urwaruka rwo muri iyo komine rwerekanye ko rufise ishaka ryo gutsimbataza amahoro mu Burundi, mu kwirinda gushamirana na bagenzi babo.
Icariho c’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Isai Kubwayo, akaba yamenyesheje mu birori vy’ukwugurura urwo ruganda ko umugambi wo gutsimbataza amahoro mu Burundi, wafashije cane bimwe biboneka mu bisata vy’intwaro ibereye, igisata c’umutekano, kurwanya kudahana ivyaha n’ugushigikira agateka ka zinamuntu hamwe n’ugushigikira ingana ry’ibitsina. Yabandanije avuga ko mu gushira mu ngiro uyo mugambi wo gutsimbataza amahoro mu Burundi, ibisata bitandukanye vyashizweho, aha akaba yavuze nk’igisata c’umuhuza w’abarundi na Leta, ibiyago hagati y’imigambwe ikorera mu Burundi, kurwiza za sentare z’intango mu gihugu, kurwanya kunyonora amatungo ya Leta n’ukurya igiturire, gushiraho urwego rwo gutoza amakori ya Leta OBR, n’ibindi.
Muri urwo ruganda rero abarwitavye bakaba baza kurabirahamwe ibibazo bitandukanye nk’ibijanye n’ikiyago hagati y’abarundi, ukwinjira kw’urwaruka mu buzima bwa politike , imibano no mu kunywanisha abanyagihugu, ugutorera inyishu ibibazo vy’amatongo atamishamirano n’ibindi.
Aristide Nizigire
Messages
27 Ndamukiza 2017, 22:16, par Igiranser
nibihe bintu bikurubikuru umuntu yokwisunga kugira aharanire amahoro?