Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umugambi wo kugandagura umuyobozi wa RPA woba ukibandanya
Umugambi wo kugandagura umuyobozi wa RPA woba ukibandanya
lundi 2 Ntwarante 2015
Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu n’akabanyororo APRODH rimenyesha ko hoba hari umugambi wo kugandagura Bob Rugurika umuyobozi wa RPA hamwe na bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike.
Nk’uko Petero Karaveri Mbonimpa abivuga, abavuzwe mw’igandagurwa ry’ababikira batatu b’abatariyanokazi Lucia, Olga na Bernadetta, nibo bavugwa ko boba bafise uwo mugambi mubi. Nk’uko Petero Karaveri Mbonimpa yabibwiye iradiyo y’abanyagihugu RPA, abo bafise uwo mugambi bakaba bashaka kubagandagura imbere y’ukwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka w’2015.
Petero Karaveri Mbonimpa rero akaba asaba Reta gukurikiranira hagufi ico kibazo, kuko hamwe abo bantu bokwicwa vyohava bita igihugu mu kaga. Amenyesha ko umugambi wo kugandagura umuyobozi wa RPA utigeze uhagarara, aha uwo mukuru w’ishirahamwe APRODH akavuga nk’ivyashitse aho uwo muyobozi yagiye gukurwa mw’ibohero ry’i Muramvya mw’ijoro, ariko akabankira.
Aristide Nizigire
Messages
2 Ntwarante 2015, 14:36, par Iyumenya
Petero Claver Mbonimpa,nawewe uravuga make kuko barakugwaye,iyo wubahutse ukavuga ko abavuzwe mw’igandagugwa dy’abo babikila mbe ugirango ntibiyizi? eka bambewe uraraba neza nawe ushobora kuba uri mubagiye kugandagugwa murino misi.
2 Ntwarante 2015, 17:00, par kiki
oya ntibazopfa bazobaho, babe baratabara abanyagihugu sha ni hapfe abataco bakimariye babure ikibakira bakigwe na shetani, murabona!!!!
2 Ntwarante 2015, 21:19, par Niyungeko Fidèle
Imana niyo nkuru, bategura imigambi mibi nayigaca icanzo, ntaho izore ka abashingatahe nkabo bahagarikiye igihugu ngo bagende itibiye akabanga abarundi.Ugira harico barategura gukora ngo bagishikeko kitaramenyekana!!bama babikora twabimenye kera .sha abobagabo kumabi bakoreye igihugu nabaco sinzi igihano bazohabwa,sinibazako na satani azobakira.Imana nihangaze Uburundi na barundi.
3 Ntwarante 2015, 13:11, par uwizeye arlène
mana ukor’ibihambay kandi turazi ko udukunda turagusavy ngo ukingir abana baw na can can abo bariko bahogwa ukuri.amaraso y’umwana waw nabatwikire maz ukuri kwaw kubandany kwigaragaza.tugusavy tukwizey ko ur’Imana mushobora vyos.bikiramariya maw dusabire.
3 Ntwarante 2015, 22:10, par Ciza Alexandre
Igandagurwa ry’umuyobozi wa RPA ntakindi ryoba rigamije atari ukuzana akajagari mugihugu, kuko atamunyagihugu numwe azi ico iyo radio yamaze yovyihanganira.Nuko rero twirinde inyifato igayitse yugusesa amaraso yinzirakarengane. murakoze. er9e
11 Ntwarante 2015, 06:53, par ibrahimmanirakiza
imvugakuri misiyose yamibonwa nabi abarundi twararushe inrwano none bashaka duubir kuba impunz kand turiko turahunguka
13 Ntwarante 2015, 08:30, par Alain
hahahaaa !!! reka tubtege amaso ! arko abo bagabo je 6nibaza ko bafise umutima canke ubwenge nkubw’abandi bantu baremwe na rugira vyose! arko nta vyamaho ! none ko abasoma biblia ko bavuga ngo nta butware butava ku mana,n’ubwabo bwavuye ku mana? niba naho ariyo yabatoye ivyo bakora nivyo yabatumye ?
18 Ntwarante 2015, 03:46, par augustin
imana iramubona kandi umwansi aguciricobo imana ikaguciri canzo nareme umuntu apfa hageze.
24 Ntwarante 2015, 17:25, par cubahiro
wa muntu wiharaje kuzana irementanya