Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi wo kurihisha itagisi imwe ku mbibe ugiye gutangura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Umugambi wo kurihisha itagisi imwe ku mbibe ugiye gutangura

Umugambi wo kurihisha itagisi imwe ku mbibe ugiye gutangura

lundi 30 Kigarama 2013

Ubushikiranganji bujejwe ibikorwa vy’akarere k’Afrika y’Ubuseruko bwaratunganije uruganda rwo kumenyesha no guhimiriza ku vyerekeye itangura ry’umugambi wo kurihisha ikori rimwe ku mipaka, ku bihugu (territoire douanier unique) vyose biri mu karere k’Afrika y’Ubuseruko biitegekanijwe gutangura mu kwezi kwa Nzero 2014.

Urwo ruganda rwuguruwe n’umushikiranganji ajejwe ibikorwa vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko Léontine Nzeyimana. Muri urwo ruganda, hakaba hari hatumiwe abarongoye ibisata bitandukanye vya Reta, abaserukira abasanzwe bafasha ubwo bushikiranganji, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe nabo mu mashirahamwe yigenga.

Umupfasoni Léontine Nzeyimana yamenyesheje ko inama idasanzwe igira 15 y’abakuru b’ibihugu bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko yabaye ku wa 30 Munyonyo 2013, basavye ko igice ca mbere c’uwo mugambi cotangurana n’igenekerezo rya 1 Nzero 2014, kandi ko bokora ibikenewe vyose kugira mu kwezi kwa Ruheshi uzobe wagiye mu ngiro.

Uburundi buriteguye, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, Yohani Rigi avuga ko uwo mugambi wahaririwe bikwiye mbere n’abahinga b’abarundi barafashije. Yongeyeko kandi ko uwo mugambi ari intambuko ya nyuma kugira hagere gukoresha itagisi Imwe ku mbibe zo muri kano karere k’Afrika y’Ubuseruko. Inkingi zishingiye ko gutangisha iryo tagisi rimwe, akaba ari kureka uruja n’uruza rw’ibidandazwa muri ivyo bihugu biri muri ako karere, hari ikindi co gutunganya amakori.

Yohani Rigi arangiza avuga ko uwo mugambi ufise inyungu nyinshi, ivyo kurihisha amatagisii amwe bizotuma ivyo guhanahana ibidandazwa binyaruka, gukuraho abarenga imbibe badatanze amatagisi, n’ibindi. Bizotuma kandi ivyo guteshumwanya baca ahantu hose basuzumwa, batanga ikori bizohera kuko vyatuma ibidandazwa bihononekarira kubera gutekurura bongera batekera.


Floxella Karire

Messages

  • Uwo Mugambi Nimwiza Cane Ngira Mu Burundi Ibintu Ntibizosubira Kuza Biraduzwa Ibiciro Umwanya Numwanya

  • Ivyiyumviro n’ivyipfuzo, kenshi ntivyigera biba bibi, ariko inkurikizi yavyo. Nizere ko Leta DD yateganije neza iryo hanahana ry’ibidandazwa kugire abarundi ntibazogire ingaruka mbi yavyo no gusamara ko abajejwe umutekano mu gihugu no ku mbibe. Aha rero ni ukuhabera magabo. Ego ibidandazwa vyinjire ariko bazi neza ibirimwo n’iyo bigamije. Iyo bizoza bizanana, ni ukuhatohoza kandi barwanye gukoresha bakaboko. N’ako ni akaryo keza bahaye benegihugu kugire barereke hama bahabwe agashirukabute (10%)
    k’ibidandazwa bafashe bidakwij’amategeko, haba no ku biciro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.