Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi wo kworora inkoko wahomvye kubera iminsi mikuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo kworora inkoko wahomvye kubera iminsi mikuru

Umugambi wo kworora inkoko wahomvye kubera iminsi mikuru

mercredi 9 Nzero 2013

Hasigaye inkokokazi ziri munsi ya 2000 ku nkokokazi 12000 abanyagihugu bo muma komine abiri y’intara ya Ngozi Abanyagihugu bari baronkejwe na FAO ,hakaba hadaheze n ’amezi abiri izo nkokokazi bazironkejwe nkuko muganga w’ibitungwa muri iyo ntara ya Ngozi Muganga Alain Bimenyimana.

kubw’uwo Muganga, urugo rumwe rumwe rwari rwararonkejwe inkokokazi 6, n’isake imwe. Izo ngo rero ngo zotegerejwe kwitwararika izo nkokokazi kugira zishobore kurondoka cane nkuko bari babibabwiye, ariko abanyagihugu baciye bahitamwo kuzirira.

Ico abo banyagihugu bayo ma komine ya Mwumba na Nyamurenza bireguje, bavuze ko batari kwicwa n’inzara kandi izo nkokokazi bazifise mu nzu « Ngo ntakuntu bari kumara imisi ibiri ataco bashize mu nda kuri noweli na bonane bafise inkokokazi n’isake munzu zabo. »

Abandi bavuze ko vyabananiye kubungabunga no kugaburira izo nkokokazi kuko ubuyobozi bukuru bw’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara bwahagaritse kubaha imfashanyo y’ivyo kurya vy’izo nkokokazi.

Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Ngozi, Muganga Alain Bimenyimana kubwiwe avuga ko naho vyabananiye kubaha ibifungurwa vy’izo nkokokazi, ngo abakuru b’imitumba ntibabafashije kumenyesha abanyagihugu iciza c’izo nkokokazi.


Grâce Irimbere

Messages

  • ndabatahura kuruhande rumwe abo banyagihugu.None wewe bokubitsa isake kubunane ukayisonzana?Abarongoye igihugu bararaba ibikenewe kugira inzara ihere mu Burundi.Muri urundi ruhande abo bariye izo nkoko nababegito kuko iminsi mikuru yinda izokwamaho.None ubu ko baziriye inzara yaraheze?Ariko iyo bihangana bakarya ivyo bahorako kuko za nweli na bonne année zizokwamaho boriye amagi ayandi bakayashora kandi ninyama boziriye kuko atari abatindi inkoko zirwira ningoga.Umwanya Fao atabaindi yabahaye bazigaburira bari kwigora bakazigaburira nkizikirundi canke bakazishora bakagura izikirundi zitagoye gutunga kuko naho atari iza kijambere zisumba ubusa.Urazi amagi yazo n’inyama zazo ukuntu biryoshe

  • J Ndabakengurukiy Kwiyonkuru Nn Inkoko Nibihebintu Wozigaburira Kugira Zigumane Ubuzima Bwiza.Nagomb Kuzorora Kand Murakoz

  • J Ndabakengurukiy Kwiyonkuru Nn Inkoko Nibihebintu Wozigaburira Kugira Zigumane Ubuzima Bwiza.Nagomb Kuzorora Kand Murakoz

  • Icompa Nanje Izonkoko Norora Ntabwo Nomera Nk’abo Bantu.Biratanjaje Kweli.Ntibaramenya Ubworozi Ico Arico.

  • ndabaramukij mwese! Jew ndi umwe mu rwaruka ruzi ubuhinga bwo kworora, inkoko, imbata, inuma, inkanga, idendwe, ingurube ubwo buhnga mfis butuma umworozi ashka kundoto ziw! Uwipfuza inyigisho murivyo yondondera kuri 69581022, benjaminzoyi1994@gmail.com

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.