Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CDP uhamagarira abarundi kutitaba amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CDP uhamagarira abarundi kutitaba amatora

Umugambwe CDP uhamagarira abarundi kutitaba amatora

samedi 27 Ruheshi 2015

Umugambwe CDP usaba abarundi bose bakunda igihugu kuguma mu mazu yabo,ntibitabe amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,ategekanijwe kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi,2015.

Mw’itanagazo ryateweko umukono n’umukuru w’umugambwe CDP,Anicet Niyonkuru,uwo mugambwe umenyesha ko kubera amatora ariko arategurwa atubahirije amategeko ngenderwako y’igihugu,kandi akaba agiye kuba mu bwicanyi nta ngere,kandi abarundi bakaba barara ntibuca,uwo mugambwe usaba abarundi kutitaba amatora.

Uwo mugambwe uvuga ko abarundi batokwitaba amatora kubera ko umukuru w’igihugu n’abo bakorana batumvirije impanuro z’abarundi n’amakungu,zisaba ko amatora yokwigizwa inyuma, mu ntumbero yo kurondera icuka ciza cotuma haba amatora ateguwe neza,abaye mu mahoro,mu muco kandi yitabwe na bose.


IGIHE

Messages

  • UWO MUGABO NUMUNEBWE ARARIKA ABANTU KUGUMA MUMAZU AHO KUBARARIKIRA IBIKOGWA ABANYEPOLITIKE BUBURUNDI SUBIRA MURI ECOFO MWIG’IKIRUNDI

  • Ww ntabweng ugira erega lundi nta bikorwa bihari hari conger ya electoral ww nja kwiga ivyi kiranga minsi c’igihugu

  • ARIKO JEWE NDABABAZWA N IBIHE UBURUNDI BURIKO BURACAMWO. NGO "CDP" ?! mUKAMA WANJE. UWO MUGAMBWE NTUNABAHO MU MATEKA Y IGIHUGU. UTWO TUGAMBWE DUTOBA AMAZI GUSA DUCA TURONKA IJAMBO KUBERA IGIHUGU KIBUZE UWUKIRAMUTSWA. TUZORONKA AMAHORO ARUKO ABARUNDI BARETSE GUTOBA NK’UTWO TUGAMBWE DUFISE UMUNYWANYI UMWE TUKAJAHAMWE N ABANDI.

  • Utokwitabaamatora, arumurundi yobaarikijj, nkabatayeigihugubagahunga

  • LETA Y’UBURUNDI NIMVE AKAMO ITEW NI IBIHUGU VYOSE VYA RUTURA NKA ETATS-UNIS,UNION EUROPEENNE,E.A.C .NISHIRAMWE RY’AFRIKA N’ABARUNDI BITA ANTI-3ème mandi ya petero KUKO BOSE NTIBOKWIYUMVIRA KUMWE ATANAMA BAGIZE KANDI IVYO BIHUGU BIGOMBA KO UBURUNDI BUKIRA.LETA NIYUMVE IMPANURO KUKO "INTABARIRWA IBARIRWA NUKO AMASO ATUKUYE"AMERIKA N’UBUFARANSA BIRASHOBOYE.KANDI "INKA ITINYA IMPFIZI MUKWIMA BAKORESHA URUSHINGE"NIMBA LETA YA PETERO IGOMBA GUTUKURA AMASO NUGUTERWA INSHINGE BAZOBIBONA NTIBARUSHA INKOMEZI KADAFI NA SADAM HUSSEIN WO MURI IRAKE IVYOBAKOREW BARABIZI NIBARINDIRE NABONYENE BAZORONKA IMPEMBO BARONSE YANEZEREJE AMAKUNGU.

  • Mbega yemwe nkuyo abuza amatora nka nde,CDP ni ivyitirigwa imigambwe ngo ni imigambwe.Umugambwe ugizwe na Anicet na 1 ou deux amis du campus ugasanga nawo ushaka kuja muri transition,reka umuntu aze aritwengera,erega niceti Nyabusorongo de l’époque irusha abanywanyi CDP,uranjoreje genda sinarinzi ko wokwi rabasheje gushika hiyo

  • TO ALL OF YOU BURUNDIAN OPPOSITION LEADERS , Secret :

    " IF YOU DON’T DEFEAT ...YOU JOIN .....!!!! "

    " IYO UDASHOBOYE KUGWANA URUGAMBA NGO URUTSINDE ...,UPFUMA URUSHIGIKIRA ...!!!" S.B

    MUZOGUMA MUSOKOORA , MUTINYA AMATORA GUSHIKA RYARI ????

    MU MATORA , URUHARA RUNINI RUFISWE NA BENEGIHUGU ARIBO TWEBWE SI AMAKUNGU HABA NAMBA !!

    POLITIKI NI UMUKINO NK’IYINDI MIKINO ,IGIHAMBAYE MUMUKINO SI UGUTSINDA ,KUKO HABURANA BABIRI HAGATSINDA UMWE , AHUBWO IGIKURU NI UKUJA GUHIGANWA , KUJA MUMUKINO . KOMERE

  • Peter kuneza yabarundi ,namakungu,vako.canke ubenkakadafe

  • REKA TWITORERE INDONGOZI NYAZO ZIZODUSHIKANA KW’ITERAMBERE NAYO ABIPFUZA INTWARO ZA YOBORA DUHURE NIMBA BARI BIZEYE GUSOMERA BAZOBURUMANGA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.