Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD ugiye kwitwarira mu butungane Léonce Ngendakumana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD ugiye kwitwarira mu butungane Léonce Ngendakumana

Umugambwe CNDD FDD ugiye kwitwarira mu butungane Léonce Ngendakumana

lundi 17 Ntwarante 2014

Umugambwe CNDD-FDD wararungikiye urwandiko, Ban Ki-Moon umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uwo mugambwe ukaba muri urwo rwandiko wiyamirije ivyashikirijwe na Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC ikibiri, aho yashikirije ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko.

Iryo kete ry’umugambwe uri ku butegetsi ryarungikiwe Ban Ki-Moon ku genekerezo rya 12 Ntwarante ribaye nk’irije guhinyuza iryari ryarungitswe na Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri. Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko ivyashikirijwe na Léonce Ngendakumana vyerekana ubwigenge burenze mu gushikiriza ivyiyumviro, ubwo bwigenge nabwo bukaba bwatanguranye, nk’uko bishikirizwa n’uwo mugambwe, n’umuzo wa CNDD FDD ku butegetsi.

PNG - 570.7 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

Muri urwo rwandiko rw’umugambwe CNDD FDD rwateweko umukono n’umukuru w’umugambwe, umushingamateka Pascal Nyabenda, bamenyesha ko ivyo abatavuga rumwe na Reta bagiriza ubutegetsi ari amayeri yo kwibagiza uruhara bagize mu ndyane zihitiye mu gihugu.
Ikibazo c’ukwotoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu caragarutsweko muri iryo kete, umugambwe CNDD FDD ukaba wamenyesheje Ban Ki-Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko namba amategeko atarekurira Petero Nkurunziza gusubira kwitoza, nawe atavyo azokora, kuko asanzwe yubahiriza amategeko n’ibwirizwa shingiro, nk’uko vyamenyeshejwe muri urwo rwandiko. Ku bijanye n’ivyagirizwa Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, urwo rwandiko rumenyesha ko ari ikinyoma, ahubwo ko urwo rwaruka rwama rwasotowe n’abo bahiganwa muri poritike, ariko rukagerageza kuvyifatamwo neza mu bwitonzi, rubifashijwemwo n’inyigisho ruhabwa. Umugambwe CNDD FDD wasavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryokurikiranira hafi ibikorwa mu Burundi imbere y’amatora, mu matora nyezina, hamwe n’inyuma y’amatora, kugira ntihazogire umugambwe usubira kutemera ivyavuyemwo. Muri urwo rwandiko, umugambwe CNDD FDD warangije umenyesha ko bagiye kwitwarira mu butungane Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, kuko bamwagiriza ko yashikirije ibinyoma mu kuvuga ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko. Kubw’umugambwe CNDD FDD, ivyo Léonce Ngendakumana yashikirije bishobora ahubwo gukwega urwanko n’ukwinubana hagati y’amoko.

Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta, avuga ko ashimishwa n’ukubona urwandiko yarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rutanguye kugira akamaro, kuko rwatumye umugambwe CNDD FDD uva mu gacerere. Léonce Ngendakumana amenyesha ko kuba umugambwe CNDD FDD uvuga ko ukeneye kumwitwarira mu butungane wobikora, ariko ukitwarira umukuru w’urunani ADC Ikibiri, kuko nawe urwandiko yarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabikoze kw’izina ry’urwo runani.

JPEG - 73.3 ko
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri

Egide Nduwimana

Messages

  • Politique yuburundi iraryoshe igatera nagatwengo ngo::imbonera kure nizo ziba zasotowe hama ngo kubera inyigisho baba barahawe ngo zigaheza zikavyfatamwo nezo??hahahahaaaa biteye agatwengo ahubwo abo bantu bandi urwo rwandiko bakwiye guterwa ivyatsi mumakungu;;

  • Ese basha, aba DD imitwe yabo yuzuyemwo amazi kuko ntabwenge bagira nibipfu, ngw,imbonekerakure ngozirasotorwa! Uwoyabivuze anganya ubwenge nazo.

  • BARUNDI mwese nkunda caane,ibi vyiyunviro bitandukanye bica kubinyamakuru ntibibateshe umutwe,karumara icambu cuwuraho na matora,noho sikera,mwebwe gusa gumya isiri mufise kumutima,iconzi co nuko amategeko agenga imigambwe,mbere nayagenga IGIHUGU ntabwo yemera ugwo runani gwitwa IKIBIRI,icomwomenya coco rindira hagere gutanga umukandida azitoza kugwego gw,umukuru w,IGIHUGU.muzorabe ukuntu ADC ikibiri bacanamwo,mwebwe gusa mwihorere,ibwirizwa shingiro ryonyene bishimikiza nkabose,ntirizi icokintu citwa Ikibiri,none wunva abobantu,bazorohegwa,mukwitoza munzego zitandukanye??.banyakubahwa barundi mwese nkunda,ADC ikibiri,jewe ndakigereranya numwana yavutse hama bakamutazira izina,ariko ATABATISIMU yahawe na bakozi b,IMANA.mugihe amaze gukura,ntibamwemerera gukurikirana indagano,zurusangi,gukomezwa muri mutima mweranda,ikitavuzwe co marriage,aca acikiza,abana avyaye nabo baba abapagani,iyo batironderey,IBATISIMU.murambabarira karakarorero mbacishirijeko,unve Leonce nawe uyo mutego yiteze ngo bazomwitwarire kwizina ry,ikibiri,jewe uyo mushingantahe arantwenza,bomwitwarira kurunani gwikintu kitazwi namategeko gayemwe??.abo banya politike wapi kweri nabone harahombona bihenda cane,bakibagira kwibintu vyose ari AMATEGEKO,(Amabwirizwa)mukinyagwanda.ADC mudahinduye ngo mwisunge ayo mabwirizwa canecane IBWIRIZWA NSHINGIRO nayo Yandi mategeko ntaco musha mwokora ,nukuri jewe ndabarahiye.muriko murajuragirika,kandi amatora yegereje,muri nkababigeme bari bategereje umugeni amatara yabo atamavuta bashizemwo,umugeni akaca abashikira giturumbuka,namwe rero AMATORA azoshiko mukiri mumayira abiri.

  • Ndakeje LEONCE Ngendakumana nkamusaba ko yokomera kurugamba barimwo rwoguharanira demokarasi atakugumura inzego zumutekano!Pascal Nyabenda nawe ndamukeje cane ko atanguye gukorera kumugaragaro!nkamwemerera ko tugiye kumushikiriza iziyita imbonerakure zimutobera kandi zitabona aho tugeze naho zihagaze!

  • Leonce komera turinyumA yawe imana iguhagaze nayo Uwo Nyabenda baramuheje uti gute genocide niyo yaba niwe azoyibazwa koko niwe yaditse AbA DD nihatari mugusukanA niyabigire Manace ingene bamugize ncanke Lajabu Nayokuvuga ko genocide izoba nibiboneka bigara naho umuntu yaba ari impumyi

  • uwo pascal inzaniyumvira karumugabo canke karumwana bikasiga,nubwobafise canke?nambutaraheza gusahurigihu waracere vuba bigiye guhinduka utarike.haraho mwibaza karumugani ahibambewe ndabarahiye vyomwakoze biragaragara.

  • Ico wita AMATEGEKO mu burundi sinzi ko ari kuhabwa agrement muri DD Giramahoro we!!Iyo n’imitwe yo kugira ubutegetsi bufunge canke binashobotse bwice abatavugarumwe nabwo!!Naho bofunga Leonce ukuri kuzivuga!!Ico nawe wita amategeko n’uko ugitwarirwa n’abaguha agatsima,mbe wibazaigihe KADAFI yarasa abiyerekana kw’ata mategeko YIWE yisunga?Wibuke ko"Ata mutegetwi akora amakosa mugihe akirikuri bwo ariko abuvuyeko AMATEGEKO ATAGIRA NKUNZI agakora igikorwa cayo"

  • Uyu mugabo Leonce nimutamufatira ibyemezo bikaze arababyariraibara. Murwanda twabonye isomo rihagije abantu nkaba iyo ubaretse ujya kurabukwa igihugu bagisebeje maze ibyihebe nka Kagame bikifatira ubutegetsi. Nimumubohe cyangwa ahimbirwe ibyaha ajyanywe munzu y’imbohe aho atabona urumuri n’amazi yo kunywa.

  • ICO GIFATA NZOKA CIYITA MUTABAZI KIREKE . IVYO MU RWANDA BITANDUKANYE NIVYO TWUMVA IBURUNDI . NATWE TUTAR’IBURUNDI TURABIZI KO CNDD FDD IGOMBA KUMARA ABANTU KANDI VUBA NATWE TWITEGUYE GUTABARIZA BENE WACU BARI IBURUNDI NONE ADOROFO, NA PIERRE BE NA NYABENDA WABO BUCA BADUSANGA IYO TURI?IBINYAMAKURU ABAFISE ZA WEB BANDANYE MUDUHA INKURU NA ZA VIDEO TWIKORERE AKAZI DUFISE VYINSHI ABIHENDA BO NGO BASHIGIKIYE CNDD FDD MUVYIYUMVIRO MUGABE MUZOKWIBONERAKO

  • Igihe mwakoze ikose gushira ifoto ya Leonce invunga kuri hamwe numwangushi umukuru w’umugambwe CNDD aho mutukishije Leonce kuko ntibakwiye kwicarana.

  • Ariko iwacu u ruhande rumwe uteye gahinda muge gurto; nonega kwiruka ku nkoko ngo n’uko ibitse bihuriyehe no gukiga ic’iitse? Sindamwise umuhanuzi arikou Rwanda hari abatabaje bavugako hari iimenyetso vyerekanako icago c’ihonyabwoko cegereje, Bafashwe nk’abo ataburimwo, ariko bwarakeye biraba! Benshi mur’abo barapfunzwe abandi baricwa mugabo ntawashoboye kurica(ionyabwoko).Uuhanuzi ivyiwe bikengerwa iyo bidashitse.

    Nonega ko umengo ataragira ico avuga hatari bwagire uwibutsa abanyagihuguko Prezida agendera kw’Ibwirizwa Shingiro gurtyo kwitoza uuira kandi kwoba ari kurihonyanga? Sintukanye ariko abarundi turakwiye kuganira kuvyacu tutarata wakuba.

  • Aba dd hari ho isazi yabadomye ko boose umengo nta bwenge kiretse umugaragu wabo Edouad wenyene.!!!Akora amabwa yoose..

  • Nipfuje gusaba abarongoye IKINYAMAKURU IGIHE muze mudusabire RAdio RPA canke nimba basoma ivyiyumviro bishikirizwa kumakuruaba yanditswen’Igihe baze vyukuri batumire uyo muvugizi yavuzeko bagiye kwitwariraLeonce atubwire neza ukwo imbonera kure zisotogwa ningene zikwirikizainyigisho ziba zahawe.Amakungu yoyo sha ntahendwa canke ngo atamikwe ijambo nkakumwe biba aho Mu Burundi eka pe ahubwo DD irabe neza kuko ngo umanika agatu wicaye mukukamanura ugahaguruka

  • Sha jw nama mvuga abarundi ko boba bararozwe kuko nibutse aba ba dd ukuntu bavuga ngo barahohoterwa mu butegetsi bwari buhari bigatuma bafata inkoho bavyibagiye ubu rero babona uwuriko nawe aravuga ihohoterwa ry,umunyagihugu bakamugwanya nibasubize ubwenge inyuma biyumvire ko ivyo bariko barakorakorera bandi batavuga rumwe unkuntu ari amabi gusa nabo barabizi kandi baravyirengagiza ,iyo rero habonetse uwusemerera umuti wabo ni kumwitwarira ,nukwica,nu gufunga?ahubwo umuti NU KWIKOSORA AHO BITAGENDA NEZA hama bakaraba koharuwusubira kuvuza induru ,uwavuze naho imbonera kure ngo zikora neza None gasha yovuga ngwiki hamwe yoba umushingantahe akavuga ukuri ntiyorara kuri kirya kibanza c,uburongozi bw,umugambwe nukugira abe araca AGAKATE k,umwana,aho batagera umutwe ugwego rucungera umutekano w,igihugu vyararenze inkombe nibabandanye kimwe nuko barangije nabi iconzi bazokwiruka bahunga igihugu

  • Mbega Batutsi benewacu ubwo ntasoni,mumyaka 8 yonyene CNDD-FDD ibarongoye muratanguye kwiranda gayemwe,iyo iporona yanyu mwishimako yaducuze bufuni na buhoro imyaka nimyaniko,irenga40,turihangana.none mwebwe muti wapi kweri,NABADO:nimutekereze,CNDD-FDD nayo itunganye igihugu mpaka 2050,nimiburiburi.kandi mwebwe abatutsi ikibishe nuko mwirarira caane,nagatutsi kagwaye amavunja usanga kagomba kwama gasungaraye kubandi,mushaka kwamira kubukuru gushika ryari,iconsavye abarundi mwese ,canecane abanywanyi ba CNDD-FDD nabakunzi bacu bose icomwomenya,NTAWANKA KWONKA NYINA NGWAGWAYE AMAHERE,ukwabari kwose aguma arumuvyeyi,abatavuga rumwe nubutegetsi nimwihangane kandi mutekereze.

  • ico kigugu ciyita mutabazi uwakuvyaye yarahomvye imyaka ufise ukwingana kose igupfuyeko ubusa iyo upfuma uyimara mumpimba.wozobaye umuntu

  • Ugorugabo Nyabenda Pascal isura yiwe irateye ubwoba ikibi kugikora niho adatinya biramusa .

  • Ariko mwarimu urihenze cane gose izina ufise ntirigusa ubwo ba leonce,ba rajabu,bavuginyunvira ba alexi sinduhije boba babaye abatutsi ryari??nihobavuze ko urupfu nipfane bijana bwabundi rero ikete leonce yandits ko hashobora kuba ihonyabwokobizohava bibavyo utanguy kwitiranya abatutsi nabatavuga rumwe na leta.Abatutsi bamwe arabantu bazi ubwenge kanatsinda mwize inyuma yabo c’est prkuoi bihagararako!

  • Muravuga ngo CNDD irikubamara mbese aho i Burundi abahutu mwishe guhera 73 kubera ko babihoreye muragira ngo mwongere mwice abandi?? Mwasanze kagame wanyu ufite Doctorat mukwica akabaha ahogutura niba kuba i Burundi bibananiye!! Ibyo Leonce avuga ni inyota y’ubutegetsi ntabwo ari urukondo abafitiye.. sindi umuhanuzi CNDD yarabahaye mwebwe aba UPRONA murangije guhaga mugwa ivutu nuko mutangira kuruka kubera guhaga!! Ese muyobewe ko uriya iriyamyanya UPRONA yabonye yari igombye kuba iya FNL? Mukinyarwanda baravuga ngo ibirenge bijya imbu kujya imbere namwe rero aho kumoka
    Nkimbwa mwibagiwe ibyo bene wanyu babikomagubakoze bica Ndadaye?? Cyangwa se mwibagiwe izo nkaramaraso zikaba naza Rwisasiramirarambo za UPRNA abantu zishe Ntega na Marangara?

  • sanze abatutsi naho mwiyita abanyabwenge muribihuna vyuma. ubunyene mutavye uko mwatugize mumyaka 40 mwibazako dushobora kubzdubiza hayaragera? genda murye amanazi nkayo twariye Hama muze . ariko sinziko bizoborohera? erega Ubu umuhutu ayifashe ntiyirasa

  • sanze abatutsi naho mwiyita abanyabwenge muribihuna vyuma. ubunyene mutavye uko mwatugize mumyaka 40 mwibazako dushobora kubzdubiza hayaragera? genda murye amanazi nkayo twariye Hama muze . ariko sinziko bizoborohera? erega Ubu umuhutu ayifashe ntiyirasa

  • Njye sinumva uko Leonce yashyigikira intagondwa za UPRONA!!! Wagira ngo ntabona ko FRODEBU yari iyakera !!!! Erega igihe kizagera FNL naFDD bafatanye kuyobora naho umuntu nkuwo wanga abahutu witwa Leonce ngo bagiye gukora ihonyabwoko ntabwo azi uburemere bw’amagambo abavuga!! Ni mumufate mumukanyage azabyumve ashaje.

  • @Gahutu. Rero wakigoryi we ukaba n’igisahiranda kurusha impyisi bihehe. Njyewe Mutabazi unzi igice kandi uzamenya bikugoye. Ayo maraso ufite muntoki kubera kwica abahutu ukageza naho witwa Gahutu niyo akuvugisha wasanga nawe uri intumwa ya Rukarabankaba Kagame i Bujumbura. Humura ababarwanyije mu cibitoke, mu Kamenge turi kumwe ni intare Savimbi ntaho twagiye!! Ejo niduhirika so wanyu Kagame uzajyahe wamwicanyiwe wabigize umwuga. Bucya bwitwa ejo

  • mwarimu,abashaka ko CNDD-FDD yoduvako wibaza ko ari abatutsi gusa!Natwe twapfakajwe nabo bagesera dushaka ko batuvako tubitwarire!Barakagorwa babe abapfakazi nabo!!!!

  • @Giramahoro ndakubwiye kndi nti twarakumenye kuri umu DD!!ico nzico ntanamashure wize uri imbundege yumu DD wikijuju kirengeje usigaye uvuga namajambo ya systeme kiDD!!ikindi naco ndabona wandika nikinyarwanda nimba uri interahamwe waje kwinyegeza muBurundi uzosubire iwanyu mu Rwanda bazokwakira mbona babakira ureke kuza kwigisha aba DD uko bazica abantu nkuko mwa nterahamwe mwe mwabikoze murwanda!!aba DD barabizi ntaco ubarusha kwica baravyize nubu nivyo barara bakirirwa bakora!!ibijambo vyawe mwe na Mutabazi bituma twumva twogira vomissement!ntuzosubire nokwitwaza Imana wa Nterahamwe we!!hama aba DD nabo uvugira sibo baremye Uburundi!!

  • Abarundi nivyo turarushe ariko kandi dukeneye ko naho abobagabo botemba tworonka basi uwuduhumuriza numwaka numwe wo.IMANA Iriho abarundi nimukomere

  • Uwo binaniye gutwara yitwaza amoko abahutu turambiwe nubu butegetsi turibenshinimureke kwitwaza ubwoko atacomubumariye ubu turi mumahanga kubera ubutegetsi bwatwangaje kandi turi abahutu

  • Wewe wiyita NDARAMBIWE,eka urarambiwe vyukuri,kandi ntiwitege guterimbere mwivyo vyiyunviro vyawe bigwaye umugera,usunvya ubukari umugera wasida,jewe ntuzosubire kunyihendako.ndi umuCNDD-FDD yiyemera,ndabigendera,nkavyiyunvamwo no mumaraso.ico womenya co muracafise ingorane ,yokutabona ahotuva naho tuja,CNDD-FDDizorongora igihugu cuburundi imyaka IPRONA yaturongoye incuro100%,urunva rero ntiwiteze kuruhuka,kuko wewe ndabona kuri umututsi wanyuzwe namacakubiri yimpitagihe,wiyahura ,umara abantu,wita mumuriro canke muruzi tuzobarongora mpaka,gushika musubije amero mwisaho,ndabona ko mwashangashiwe nkimbwa zisara,nimutekereze shahu,ahomwahora hari abandi.

  • gerageza abantu bandika aya ma commentaire bahebe gutukana kubera naco bitumarira na cane cane kubwoboko bwa bantu muri uyu mwanya abarundi twese turazi ko abantu benshi biyengeza kuri ico kintu cubwoko kugira bashikire aho bashaka ubu ko leonce ari umuhutu yanditse birya kubera ari umuhutu canke kubera ari umurundi ubu rero ni mureke kuvuga ngo abahutu biriya abatutsi biriya turindire CVR ize ishire ahabona ico twafuye nabishe hama dusabane ikigogwe nu butungane bukore dusubire kubana nka mbere

  • GIramahoro na Mutabazi ico ndicose naba umututsi cnke umuhutu mbere numutwa ico nzi co muri ibijuju vyaba DD gusa mumitwe yanyu huzuye amazi nubwicanyi gusa!!kandi mwebwe muri interahamwe zo murwanda mwaje kwiyorobeka muba DD ngo muri abahutu kndi mwari muvuye kwica rubi murwanda!!muzopfa mwangara nka gahini sha!!amaraso mwanyoye azobasaza azokwama ababiramwo nubu burya mwumva mwogira nkivyo mwakoze murwanda!!hahhaa!!ndagutwenze ngo muzotwara 40 ans??!!!ce ne sont pas les DD sha!!gusa ngira nabandi naho batoba abatutsi muga ubuhutu bwibwa zaba dd bwarambiye abarundi sha!!uzobaze!muzomaramara gusa ivyo vyo ndabizi kndi uzokwitwe Giramarushwa kuko ndabona nab DD bagukuye habi uri mayibobo,ikirofa,...ahubwo taha iwanyu murwanda bakwereke wa nterahamwe mwarishe inzirakarengane none muzopfa musara gushika kubuzukuru banyu amaraso mwanyoye nimutihana azobahumira!!

  • hemwe mwavyemera mwareka,indunduro ya vyose n’iyi:nta muntu n’umwe azokwigera azana amahoro mwisi kuko abo bose mwita ko batowe ni intumwa za satani..nta kindi bajejwe atari ukwiba,ukwica no gutikiza..,rero nobabwira nti kaze kwa yesu abahe amahoro nyayo

  • LEONCE NTATINYE NTACAZOBA TURINYUMA YIWE HAMA CNDD FDD NIYITONDE NA UPRONA NTAWARAZI KO YOVA KUBUTEGETSI ARIKO UBU YARATEKEREJE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.