Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yo kwongereza ikiringo co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yo kwongereza ikiringo co (...)

Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo yo kwongereza ikiringo co kwiyamamaza

samedi 23 Rusama 2015

Umugambwe CNDD-FDD urahumuriza abarundi,ukongera ukamenyesha icese ko atacobuza ko amatora aba mu Burundi,kuko hari umutekano naho hari ibice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura biri mu myiyerekano.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22 rusama 2015,riteweko umukono n’umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu,umushingamateka Pascal Nyabenda,Umugambwe CNDD –FDD umenyesha ko ushima ingingo yafashwe yo kwongera ikiringo co kwiyamamaza ku matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka, yungururijwe kw’itariki 5 ruheshi uyu mwaka nyene.

Umugambwe CNDD –FDD uramenyesha kandi ko naho biri uko, wowo utigeze uhagarika kwiyamamaza mu gihugu cose, ugahamagarira iyindi migambwe kuwufatirako akarorero.

Umugambwe CNDD-FDD uriyamiriza abanyepolitike bamwe bamwe biboneka ko gushika n’ubu bakirota guta igihugu mu kaga, aha ubona ko nka Rwasa Agathon, avuga ngo amatora ntashoboka bitumwe n’umutekano muke, kandi ariko ariyamamaza, vyibonekeza neza ko umutekano ukwiye mu bice nka vyose vy’igihugu kiretse mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura.

Muri iryo tangazo, Umugambwe CNDD-FDD uributsa Abarundi n’amakungu ko mu mwaka w’2005 amatora yabaye ukuri kwamye kandi abarwanyi bahabwa amategeko n’uwo Rwasa Agathon nyene birirwa bararasa, ndetse no ku musi w’amatora bazindutse bararasa.

umugambwe CNDD-FDD ubicishije muri iryo tangazo uributsa ko mu mwaka w’1993, mu Burundi habaye amatora kandi havuga iradiyo imwe y’igihugu gusa, ivyo ngo ntivyigeze na gatoya bihagarika kwinjira mu matora nyezina yo kwitorera indongozi. Ukamenyesha kandi ko utarota usubira inyuama mu nzira y’intwaro rusangi.

Muri iryo tangazo nyene ,Umugambwe CNDD-FDD usaba amakungu kwirinda guhengama, maze akwirikirane neza kandi yumvirize ibibazo vy’Uburundi, yongere yame yibuka ko Uburundi ari igihugu cikukiye kandi kiramutswa intahe n’abagabo.Uwo mugambwe ubicishije muri iryo tangazo usubiye kwemerera Abarundi n’amakungu ko ataco utazokora kugira ngo amatora abe kandi agende neza cane.

Uwo mugambwe uboneraho n’akaryo ko kwibutsa abanywanyi bawo, kwirinda agasotoro, gufatana mu nda, no kubandanya imyiyamamazo, maze itsinzi itagabanije, itahe mu Bagumyabanga.

Messages

  • Mudakoze ubusuma nkubwabaye 2010 ntantsinzi mufise,aho muvuga ngo kiretse uduce tumwe<<KIRETSE>>risigura iki? Utwo duce tumwe turi muri RCD?turi muri TANZANIA?turi muburundi! Twarabamenye sha,,,,ubu niho mukivuga ngo abanywanyi banyu ntibasotore?eeeeeeeeego daaaaaaaaa,,,,igihe baza bata abantu munzuzi ko mutabivuga,igiti ntikigukora mujisho kabiri aho mwasize abandi,burakeye namwe muhaje!

  • ubundi cndd bisigura iki????? intekoshingamateka yurwanda yitwaga cnd gwiki haryangonikijuju cyumurundi nikinye politiki haaaaaaaaaa twarabavumbuye muge mwubika ibitwe munzira mugirango ntitubazi ibyomwakoze bizabakurikirana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.