Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora (...)
Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora guhinduka
vendredi 8 Rusama 2015
Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora guhinduka mu gihe umurwi ujejwe gutegura amatora CENI wokoresha ubuhinga, ntihabe ihungabana ry’inzego.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama,Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko umugambwe CNDD-FDD umaze iminsi mu biganiro bibera mu murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU waje gukurikirana ivyo amatora mu Burundi.
Pascal Nyabenda amenyesha ko mu vyo biga harimwo ko ikirangamunsi c’amatora cohinduka, ivyo navyo akaba ari ibintu bishoboka ariko bagatinya ko inzego zohava ziheza ibiringo igihugu kikagwa mu kaga. Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD akamenyesha ko naho ikirangaminsi c’amatora cohinduka, bitoba urwitwazo ku bari mu migambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, rwo kurondera kuja mu ntwaro nfatakibanza.
Ku bijanye n’amakenga y’umutekano mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo imyiyamamazo itangure, Pascal Nyabenda yavuze ko imyiyamamazo izoba kuko bafatira akarorero ku munsi mukuru w’abakozi wahimbajwe hamwe n’ikibazo co mu mwaka wa 6 cakozwe,ariko asaba abajejwe umutekano gukora ico gikorwa neza.
Mwomenya ko bamwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, hamwe n’uwurongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bamenyesheje ko amatora adashobora kuba mu gihe igihugu kikiri mu bihe vy’umutekano muke, wibonekeza mu Burundi.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Rusama 2015, 17:46, par DESIRE
CALENDRIER YAMATORA ITEGEREZWA GUHINDUKA NYENE!MB KOBATINYA KO INZEGO ZOHAVA ZIHUNGABANA!WOTE NIMWBW MWAWUCANY SHA
8 Rusama 2015, 17:48, par DESIRE
CALENDRIER YAMATORA ITEGEREZWA GUHINDUKA NYENE!MB KOBATINYA KO INZEGO ZOHAVA ZIHUNGABANA!WOTE NIMWBW MWAWUCANY SHA
8 Rusama 2015, 17:50, par Louis
Nyabenda arinze yemera ko ikirangaminsi c’amatora GISHOBORA guhinduka, ibintu birakomeye. A suivre...
8 Rusama 2015, 19:24, par Nuwera
Nibihebintu bikoneye guhindura ikintu nibwobwambere mwumva iryojambo?
8 Rusama 2015, 19:34, par nzirubusaetienne
Kamunyagihugu Je Mbona Ico Kirangamisi Cohirwa Habanje Kuja Hamwe Abovyega bose bakavyumvikana batabihurijeko bakakireka uko.
8 Rusama 2015, 19:40, par kalu
Ntarirenga ricaka
8 Rusama 2015, 19:57, par Jean Claude Dusabe
basha ndumva ntivyoroshe!
9 Rusama 2015, 00:27, par nzomukunda Eric
Jewe imvugo z’abanyepolitike na canecane abarongozi canke abari mu mugambwe cndd fdd bavuga ko amatora canke se imyiyamamazo izoba barantwenza kabisa. Mbere hamwe nca mbona ko umengo ntibabona ibiriko biraba mu gihugu c’uburundi.mbega Hoba imyiyamamazo knd abantu bariko barahwera?mbega Hoba amatora abantu bariko barapfa?mbega ninde yoyajamwo?ico kintu cuko amatora canke imyiyamamazo bizoba ,abarundi na cane cane umugambwe uri ku butegetsi niwikuremwo ivyo bintu’kuko nta kintu na kimwe gishobora kuba ata mahoro ahari.
9 Rusama 2015, 14:47, par claude
Bararaba ntibaz bat uburundi mu kaga babona bidakunda amatora yokwigizwa imbere hakabanza hakaboneka icuka ciza.
9 Rusama 2015, 15:33, par MANIRAKIZA EMMANUEL
EMWE NI HATARI AMATORA AKWIYE KWIGIZWA INYUMA.