Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD wahakanye uruhara rwawo mu ndyane ziri muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wahakanye uruhara rwawo mu ndyane ziri muri (...)

Umugambwe CNDD FDD wahakanye uruhara rwawo mu ndyane ziri muri UPRONA

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Ibibazo bimaze iminsi mu mugambwe UPRONA vyatumye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akomborwa, akurikirwa n’abashikiranganji batatu ba UPRONA baciye batanga imihoho ku kamo k’umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije. Mu gihe ukutumvikana ku burongozi bwa UPRONA vyagirizwa umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, muri uwo mugambwe barahakana ko ata ruhara na rumwe bafise muri izo ndyane zivugwa mu mugambwe w’abadasigana UPRONA.

Mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe CNDD FDD, risomwa na Onésime Nduwimana, umuvugizi w’uwo mugambwe, bamenyesheje ko ingorane ziri mu mugambwe UPRONA zamyeho, kandi ko zifatiye kuri kahise k’uwo mugambwe, ariko ko ataco zipfana n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD. Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD yaboneho akaryo ko kwiyamiriza uwoshaka gufatira ku ngorane ziri muri UPRONA kugira acanishemwo abanyagihugu, canke uwokwitiranya ingorane ziri muri UPRONA n’indyane z’amako y’abahutu n’abatutsi.

JPEG - 2.7 Mo
Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yagirizwa kuba ariwe acanishamwo abadasigana ba UPRONA mukubabuza umugambi bari bafashe wo kwiyunga, mu mugambwe CNDD FDD uwo mushikiranganji asanzwe akomokamwo baramushimira kubona yarubahirije ingingo z’ubutungane, agasaba ko urubanza rwaciwe rushirwa mu ngiro, arikwo guca asubiza Bonaventure Niyoyankana mu burongozi bwa UPRONA.

Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko ibikorwa vya Reta bibandanya ukuri kwamye, naho Reta y’Uburundi idakwiye kuko itagira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, hamwe n’abashikiranganji batatu bakomoka mu mugambwe UPRONA baheruka gutanga imihoho. Onésime Nduwimana asaba abadasigana ba UPRONA kuja hamwe, bitorere indongozi zibaserukira, kandi zemewe n’amategeko, gutyo babone kugena abaja kubaserukira muri Reta


Egide Nduwimana

Messages

  • Maramarira kugasozi. Ibuka ivya Kayini igihe yica Abeli. Ruhuna mwa mwishe ahejeje kubavuma, kanatsinda biriyerekana muvyo mukora. Kwica abahutu bene wanyu kurenganya abo mwoguyeko. Uprona ntigaheze izobereka. Mwamenye murenganya abahutu, ngaho ivyanyu n’inguvu mwirigwa murahaya turabibonye. Nakare Ngo " Ubwambure bwinkoko ubwerekwa numuyaga" ubu Leta ya bishop Denisa na Nkurunziza turabonye ahigeza. Naho Onesime Ari kukiraka ivyo vyose adebagura nukurya ivyatsi. Akarinyuma karahinda. Rindira aho FNL Rwasa izinduka ibahamba for good kuburyo ntanuwuzigera abaririra.

  • Maramarira kugasozi. Ibuka ivya Kayini igihe yica Abeli. Ruhuna mwa mwishe ahejeje kubavuma, kanatsinda biriyerekana muvyo mukora. Kwica abahutu bene wanyu kurenganya abo mwoguyeko. Uprona ntigaheze izobereka. Mwamenye murenganya abahutu, ngaho ivyanyu n’inguvu mwirigwa murahaya turabibonye. Nakare Ngo " Ubwambure bwinkoko ubwerekwa numuyaga" ubu Leta ya bishop Denisa na Nkurunziza turabonye ahigeza. Naho Onesime Ari kukiraka ivyo vyose adebagura nukurya ivyatsi. Akarinyuma karahinda. Rindira aho FNL Rwasa izinduka ibahamba for good kuburyo ntanuwuzigera abaririra.

  • Wewe Josua, kuvuga ngobica abahutu benewabo,none abataribenewabo nibande?

  • Onesime abaze ico avuga yohora CNDD niyo itwara none amakosa ariko arakorwa y’ibaza ko abarundi tutayabona

  • None GA mama abo bansi babarundi bakubaguye bene Burundi ntuzi Yuko bagenda babesha abarundi n’amakungu Ngo baserukira Leta yabahutu? None ko batavuga ko Ari Leta ya batutsi? Ecera kirera ikirabura kikirabura. Abahutu na bahutu hama abatutsi nabo na batutsi ntubona uko bariko bakinagiza ABA DD nki mbagwa? Jewe nipfuza ko abamenyeshamakuru Bose bokora nka Domitira Kiramvu kuko niwe munyamakuru atayirya ugwara.

  • jewe ni baza ko uyo onesime yabanza kwiyumvira avant yuko avuga!!! Abaciye ubwenge bakabona imigambi yo gusambura imigambwe biraboneka! Ariko ico yamenya n’uko abarundi bose bo mubwoko bose bamaze guca ubwenge kandi babona uwubaronderera ineza. Uyo Onesime nibaza ko ari ikijuju kuko abaciye ubwenge turi benshi tubona amabi CNDD-FDD ikorera iyindi migambwe, cane cane FNL , MSD ,

  • mBEGA ABA DD muzokanura ryari. Qui vous a dit que l’UPRONA a des problèmes. Je nibaza ko CNDD-fdd, ari mwe mufise ikibazo mugushaka gusambura imigambwe mutashinze. Murota konona iyindi migambwe aho gukora akazi mushinzwe. C’est dommage. Quant ànduwimana, il n’est que votre exécutant, azoyora yaramaze gusesa. je vous souhaite de continuer vos rêves, quand même.

  • mwese muribipfugusa mwapfuyekera mubura ababahamba tuzobereka nimurindire,mbemwebwe mwokwihanga cndd-fdd mukayishobora?muzogwa mwubamye!

  • AMAKOFERA NIMITEMERE YAMANWA!!!!!AMARASO MWANYWEREYE MU MASAMBA NIYO ABABIRAMWO GUSA NGO NTAMIGAMBWE MUSAMBURA IVYANYU VYARAMENYEKANYE MBABWIRE UBUTUNZI MWIVYE UKO MWABUNYEGEJE KWOSE TURAKUZI AMAZINA MWAGIYE MWANDIKISHA NABABIRABA RINDIRE TUZOBEREKE

  • Ariko mwe nti mubonako afise ibimaramare mu maso ? Erega hrya arazi ko inryane zooose ziri mu migambwe yo murundi ziva muba DD ! Baragiye ngaho bfata umututsi bamushira kwisonga ryo kuryanisha abarundi , bimwe vyaramushobokeye, ubu rero yaragiye kwihanga Umugambwe w’Umuganwa atari umugani ? hahaha ! Mbega ntazi ko nyenewo aguma awusabira kwa JAMBO ? aho rero yaruriye igiti kiturirwa, yarariye ivyabandi yagiye yashikira ISIMBO Y’INUMA !!!! Aho rero naveko ! Ubu aravuga yishimangira kuko uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma, ariko umunsi iyo ngwe yafashwe azosubira kuvoma se ?
    Nayo uyo muvugizi wabo erega ntakundi yovuga none ko intenderi yasheshe umuti , erega nihamwe nyene atakundi yigira aho arashobora KUBAMA umugani wa President sinzi abo yavuze ko bazo KUBAMA . Aho nawe rero arashobora kubama imbere y’abamenyesha makuru kubera ibimaramare !

  • Josua wewe nubwo upfa guhengekereza mukunyishura kubijanye niryamvugoyawe yokuvuga ko aba CNDD FDD ngobica benewabo babahutu nakwumviseko ushaka kuvuga, abantubafise ibitekerezo nkawe vyogushirimbere ubwoko bumwe gusumba ubundibwoko bugize igihugu cacu cuburundi ntimuzopfa mudusimbanye umutaru, icazanye CNDD FDD sivyo wiyumvira wewe CNDD FDD yazanywe nogufata kumwe ubwokobwose bwabarundi, Tubikurikiranye nicogituma mwahagurukiye kimwe mukurwanya umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu kuko wewe mukazikiwe amokoyose ayafata kumwe ntanyagupfa ntanyagukira umuzanyeko amafuti ntarebera ngo uruwomubwoko runaka. Abantu bashaka guharanira ubwokobumwe gusumvya ubundi Imana izobaturinda.

  • Uwo muntu ngo ni Mama mbega yarabuze ivyashigikira aho ashaka kuvuga ko abahutu bica benewabo atababona canke atabunva??sindamukuye kuri DD yiwe ariko Edward nduwi nuwo adendemba ngo niwe Onesme ni bikebuke babone ko kuvaho vyabereye ari kera harigihe bazocumita bagasanga bicumise munda.

  • Uwo muntu ngo ni Mama mbega yarabuze ivyashigikira aho ashaka kuvuga ko abahutu bica benewabo atababona canke atabunva??sindamukuye kuri DD yiwe ariko Edward nduwi nuwo adendemba ngo niwe Onesme ni bikebuke babone ko kuvaho vyabereye ari kera harigihe bazocumita bagasanga bicumise munda.

  • Igor Leta irakwiye kwikubita agashi abarundi turarushe uyo nduwimana ashobora kwo Nona igihugu cose nihilism? Mbe arazi urusase

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.