Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wasavye Ababirigi bose bari mu Burundi gusubira (...)
Umugambwe CNDD FDD wasavye Ababirigi bose bari mu Burundi gusubira iwabo
jeudi 19 Munyonyo 2015, par
Umugambwe CNDD - FDD ubona ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu ivuga ko Ababirigi bari mu Burundi botaha ari ingendo igayitse yo kubahungisha kugira ntibitabe ibiganiro vyaraye bitanguye, kugira amabi bakoreye Uburundi n’Abarundi ntavugirwe hejuru.
Mw’itangazo umugambwe CNDD FDD wasohoye ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, bamenyesha ko uko vyogenda kwose, Ababirigi botegerezwa gusaba ikigongwe, bagatanga n’inshumbusho ku gihugu c’Uburundi. Kubera iyo mvo, Umugambwe CNDD-FDD ubona ko n’imfashanyo igihugu c’Ububirigi cahora giha Uburundi ari uruhendo kandi zitagikenewe, ahubwo ugasaba ko Ababirigi bozana iyo nshumbusho ibindi babireke.
Umugambwe CNDD FDD wasavye Ababirigi bose bari mu Burundi ko bosubira iwabo ubu nyene.
Itangazo nomero 042 ry’umugambwe CNDD FDD rigira riti :
Kubera agahato Umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi Charles Michel, umuhungu wa Louis Michel yagize kuri Didier Reynders umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Ababirigi bose bari mu Burundi basabwe gusubira i wabo ubu nyene .
1. Mw’itangazo rikomeye Umugambwe CNDD-FDD waheruka gusohora kw’igenekerezo rya 03 Gitugutu 2015 wari werekanye umwitwarariko ufise ku kababaro n’agahinda watewe kandi ubandanya uterwa n’abakoroni b’Ababirigi, ukaba usaba Abenegihugu bose kuja hamwe kugira ngo bitwarire igihugu c’Ububirigi imbere ya za sentare, hagati mu gihugu no mu makungu kugira ngo ubwo Bubirigi bwishure ku mabi bwakoreye kandi bubandanya bukokorera Abarundi n’Uburundi kuva Igihugu cikukira. Umugambwe CNDD-FDD waravuze neza ko ico gihugu gitegerezwa kwisigura imbere y’Abenegihugu bose ku mabi cabakoreye, ivyo navyo bikaba bizoca mu biganiro vyatangujwe na Reta muri ya mirwi CNDI na CVR ibijejwe, imbere y’uko sentare zishikirwa ;
2. Umugambwe CNDD-FDD uratangajwe cane no kumva umushikiranganji w’umubirigi ajejwe imigenderanire n’amakungu Didiers Reynders, abicishije mu binyamakuru RTBF co mu Bubirigi na Iwacu co mu Burundi, kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2015 yahamagariye Ababirigi bose kuva mu Burundi bidatevye yitwaje ko ngo hari amajambo mabi abavuga nk’ukuko Ububirigi budategerezwa na rimwe gucishwa mu kanwa ku mabi bwagiriye igihugu c’Uburundi n’Abarundi kuva cikukira gushika uno munsi. Ivyo bigaca vyumvikana ko uwo mushikiranganji yabikoze ku gitsure c’umushikiranganji amutegeka, uwo nawe akaba ari umuhungu wa Louis Michel, bikagaragara neza ko ba banyeporitike b’abakoroni b’Ababirigi bica bagakiza, iyo hageze ibibazo vy’Uburundi. N’ubwo biri uko, Umugambwe CNDD-FDD ubamenyesheje ko vya bikorwa vy’ibiganiro mu gihugu cose ku barundi bose baba abari mu gihugu canke abari hanze vyaraye bitanguye kandi n’Ababirigi bafatwa nk’Abarundi bategerezwa kuvyitaba kuko badutwaye imyaka myinshi ;
3. Umugambwe CNDD-FDD urabona ko iryo tegeko ryo gucura Ababirigi ku nguvu ari ingendo igayitse yo kubahungisha kugira ntibitabe ibiganiro vyaraye bitanguye kugira ngo ya mabi bakoreye Uburundi n’Abarundi ntavugirwe hejuru kuko uko vyogenda kwose, botegerezwa gusaba ikigongwe, hanyuma n’inshumbusho ku gihugu c’Uburundi igatangwa. Kubera iyo mvo, Umugambwe CNDD-FDD urabona ko imfashanyo igihugu c’Ububirigi cahora giha Uburundi ari uruhendo kandi ntizigikenewe, ahubwo nibazane iyo nshumbusho ibindi babireke ;
4. Umugambwe CNDD-FDD uramenyesha ko akababaro abakoroni b’Ababirigi n’abanyeporitike babo bashigikiye ivyo vyiyumviro bigayitse kashegeshe Abarundi biciye mu kubiba amacakubiri mu gihugu, imitima irasanzara, inganda ziratikira nabo bene gutera ako kabi bikubita ku matako, bishirira agati mu ryinyo ngo Abarundi baramaranye bagaca basimbira kw’isunzu ry’inzu ngo nibabafatire ibihano ngo babazanemwo n’igisoda mvamakungu aho hose kugira babandanye bategeka Uburundi inyuma y’ako kajagari bateza. Uretse n’ivyo, Umugambwe CNDD-FDD warababajwe kandi ubandanya ubabazwa n’ibimoko vyakubiswe abana b’Uburundi aho abagabo bakubitirwa imbere y’abakenyezi ,abana n’abakazana babo kugirango agateka k’Abarundi kazimangane . Ivyo ntawovyihanganira, harageze ko bavyishura. Ntibahunge ;
5. Uko guhungira imvura mu muvo kw’Ababirigi ngo biyonjorore intahe itarabakubita mu gahanga birasigura ko impamvu imwe nyamukuru ituma baremarema akagwi k’abagumutsi bakora ibikorwa vy’iterabwoba mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, bakagaha amahera n’ibirwanisho kugirango batembagaze ubutegetsi ivyo navyo bikaba vyabataye ku w’amazi , aho hose ni mu nzira y’uko Uburundi bwoguma mu ruhagarara ; inzego zigasenyuka gutyo ba Babirigi binkorabara bibagirwe, ntibakurikiranwe ku mabi bakoreye Abenegihugu. Muri uwo mugambi ugayitse wo guhonyanga ubwigenge bw’Uburundi bwokwitegeka no kwitunganiriza ivy’igihugu mu kwishiriraho inzego zitorwa n’Abenegihugu biciye mu matora, harakoreshejwe kandi n’ibinyamakuru bikorera hagati mu gihugu no mu makungu, aho hose bashigikira ka karwi bari bajeje gutembagaza inzego z’igihugu ku wa 13 Rusama 2015 bikabananira, uno munsi rero bakaba abo Babirigi nyene n’abo bafatanije basaba ngo abo bamenyeshamakuru ni babareke babandanye bakora ibara, naburya ari nabo bisamburiyeko nk’impene igihe bibananiye gutembagaza ubutegetsi bagahitamwo kwisamburirako amaradiyo yabo, imbere yo guhungira mu Rwanda n’ahandi aho mbere bashitse baronswa amaradiyo bakoreramwo;
- Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD
6. Umugambwe CNDD-FDD ntushobora kwumva ingene ibinyamakuru bikorera mu makungu bibandanya bivuga ngo mu Burundi hazanwe inteko mvamakungu za ONU n’Uburundi butagishijwe inama kandi ya ngingo No 2248 (2015) y’Inama y’Umutekano kw’Isi ya ONU iherutse kwemeza ko ubwigenge, ukwikukira, iyubahirizwa ry’imbibe n’Ubumwe vy’Uburundi bitegerezwa kwubahirizwa. None abo bandi banyeporitike babandanya bisunga vya vyipfuzo vy’Abakoroni b’Ababirigi,bahimiriza abamenyeshamakuru guca kubiri n’ingingo y’Inama y’Umutekano kw’Isi ya ONU nibo bahindutse abategetsi b’Isi yose ?
7. Umugambwe CNDD-FDD urasavye abo banyeporitike bahemukiye Uburundi kwemera akabi kanatsinda inzira zo kwiyuhagira zarategekanijwe muri wa murwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR be no muri wa murwi ujejwe gutunganya ibiganiro mpuzabarundi CNDI. N’aho Ububirigi be n’abo bafatanije bahagaritse imfashanyo,Umugambwe CNDD-FDD ubamenyesheje ko Abenegihugu ari abantu beza, ko bazobumviriza, bakabatega amatwi kandi nibasaba ikigongwe bazokubitwa inkoni ngufi,mu gihe bokwemera kuvugisha ukuri, gutyo Uburundi n’Ububirigi bigaheraho bibana neza m’ukwubahana no mu kwubahiriza agateka k’Abenegihugu b’ivyo bihugu vyompi. Bitabaye uko Ububirigi ntibozogira amahoro mu mutima wabwo na burya akahise katahanagurwa ;
8. Uretse ko n’ako kahise kadashobora kwibagirwa, Umugambwe CNDD-FDD urababazwa n’uko Ububirigi bwama bwongera ikibi mu kindi uko bukeye uko bwije mu guhimiriza nk’Ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya, ibigize Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU), eka no mu kudushuhurirako Igihugu kibanyi kandi twari dusanzwe turi abagenzi, aho hose bitwaje ngo ni uko badukoronije twempi, mu kurondera uburyo bwose inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu zinigirwa mu menshi, maze ubutegetsi bukomoka ku mugambwe CNDD-FDD busambuke. Iterabwoba ryo kudufatira ibihano mu vy’ubutunzi no mu vy’imigenderanire ntirisiba guca mu binyamakuru, eka no gusaba ko Uburundi burongorwa n’igisirikare mvamakungu ca ONU ntirisigara inyuma ;
9. Umugambwe CNDD-FDD urakurikirana ibintu n’ibindi ukabona ko nk’igihugu c’Ubufaransa cakoronije za Sénégal, za Côte d’Ivoire, za Burukina Faso n’ibindi, bukora uko bushoboye kugira buvugire ivyo bihugu iyo habaye ingorane iyi canke iriya . Igitangaza rero ni uko Ububirigi bwobwo butigeze buhengeshanya gusenyura inzego z’igihugu bwakoronije, kuva Uburundi bwikukira gushika uno munsi. Kandi igihe cose bagiye barema uturwi tw’inkorabara bakoresha kugira babangamire ubwigenge bw’igihugu. Ivyo vyarabaye igihe bagandagura Incungu yo kwikukira Umuganwa Rwagasore Louis mu 1961, igihe Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe yagandagurwa mu 1965. Ivyo vyarabaye igihe Umwami Ntare wa gatanu Ndizeye Karori yagandagurwa mu 1972 n’ubu tukaba tutazi iyo yahambwe, akaba yakurikijwe Abarundi ibihumbi n’ibihumbagiza bagandaguwe Ababirigi bitwengera kuko ari nabo bari barabiteye. Ntawokwibagira kandi Incungu ya Demokarasi Ndadaye Melchior n’abafasha biwe bagandaguwe mu 1993, aho hose hakaba harimwo ukuboko kw’Ababirigi . Ivyabaye kuva mu 2010 gushika mu 2015 bijanye no gutembagaza uburongozi bukomoka ku Mugambwe CNDD-FDD vyateguwe n’Ububirigi bishirwa mu ngiro n’akarwi katumwe nk’uko vyagiye biba kuva aho hambere;
10. Twisunze ivyo twavuze aho haruguru, Umugambwe CNDD-FDD usaba Abenegihugu kubandanya bafatanye mu nda, bagize urunani kuko ari yo nkinzo yo gukinga amabi aterwa n’agatimatare k’igikoroni katarava mu mitima y’abanyeporitike b’Ababirigi bamwe bamwe. Bigasigura rero ko urugamba rwo kwiganzura rubandanya, Abenegihugu bakabandanya bari maso, bacunga na cane cane ko vya biganiro hagati y’Abarundi vyatanguye co kimwe n’ibikorwa vya wa Murwi Ujejwe Ukuri no Kurekuriranira ( CVR) bitaba nk’ibindi biganiro vyabaye mu bindi bihugu bitewe n’uko Ababirigi batigeze barengutswa na rimwe muri ivyo biganiro, haba i Arusha mu 2000, haba mu vyo guhagarika intambara mu 2003 akaba ari naco gituma bitagiye birama. Uno munsi rero harageze ko ukuri kuja ahabona, ibiganiro bifatire ku muzi w’ibibazo gutyo igihugu kibone kwikukira nyakuri, ubwigenge bwuzuye, iyubahirizwa ry’imbibe ridasubirwamwo co kimwe n’Ubumwe bw’Abarundi atari ubwo amayeri.
IGIHE
Messages
19 Munyonyo 2015, 19:40, par uwimana
mbe ko mwanse imfashanyo iyo shumbusho muyironderera iki ?niyo iryoshe? akaryoshe kariwabo muzobarondera
19 Munyonyo 2015, 20:19
nkurunziza
19 Munyonyo 2015, 20:37, par Uwizeye
Emwe,ah’imfizi Zibiri Zigwaniye;ivyatsi Nivyo Bihasigara.Buce Tubibone!
19 Munyonyo 2015, 20:54, par BIGIRINDAVYI Astere
Mana Mushobora Vyose tabara Uburundi Kuko Abo Wabuhaye Ngo Babuyobore Vyabananiye.None Ga Yemwe Ababiligi Nibaza Ko Bitavye Akamo Batewe Nabo Bayobozi,kuk Iyo Ubona Kumuntu Ataco Amaze Arakubisa Akigira.Ariko Harico Atavuze Igihe Bagenda Mwishamba Babitumwe Nababiligi Abishwe Na CNDD Hamwe nabamaze igihe bagandagungwa bicwa nababirigi?ivyu BURUNDI biragoye.
19 Munyonyo 2015, 20:54, par Muhammad ibrahim
eeh! ubu babonyeko ababirigi ari babi,mbe ko batavuga abahora babasha bakiri mu bibira? ko bavugak ububirig bufise uruhara mumabi yose yashikiye uburundi n’ukuvuga ko nabo nyene bafashwa nabo. barayamaze bati :"Umukobwa atazi ikizoba ejo atwengwa intama iriko iravyara."
19 Munyonyo 2015, 20:57, par Muhammad ibrahim
eeh! ubu babonyeko ababirigi ari babi,mbe ko batavuga abahora babasha bakiri mu bibira? ko bavugak ububirig bufise uruhara mumabi yose yashikiye uburundi n’ukuvuga ko nabo nyene bafashwa nabo. barayamaze bati :"Umukobwa atazi ikizoba ejo atwengwa intama iriko iravyara."
19 Munyonyo 2015, 21:00, par maso
mbe umugambwe niwo wirukana abanyamahanga? aho RADEBU yokwirukana abanyamahanga? umushikiranganzi w, imtwaro yo hagati yariguca afuta umugambwe warengeye leta.
19 Munyonyo 2015, 21:05, par Misago Jerome
Emwe Mwari Muyavuze!!!
19 Munyonyo 2015, 21:10, par burikukiye
ivyo ni sawa, abazugu barasuzugura abirabure cane. namwe ni mubereke ko mufise igihugu muminwe,kandi hano atari iwabo,kandi ubukoloni bwaheze ngaha muburundi. ndashimye cane ingingo yafashwe kuko abandi banyamahanga bari ngaha baratekanye ntampamvu yuko ababirigi baca birukanka kandi aribo bamaze gucana umuriro.
19 Munyonyo 2015, 21:15, par Ciza
Ohoo!Musaba ifashanyo mubwenge?Ntibazibahe nakare mwoshize munda zanyu gusa, nyarucari akaguma atubitse umukanda munda.
19 Munyonyo 2015, 21:18, par Ciza
Ohoo!Musaba ifashanyo mubwenge?Ntibazibahe nakare mwoshize munda zanyu gusa, nyarucari akaguma atubitse umukanda munda.
19 Munyonyo 2015, 21:40, par Frodebu
Ndabakeje. Kuriyo ngingo ihambaye mwashitse ko komereze ahonyene iyomikobwe yabazungu basubitiwabo. Nta kandi kibatungisha atarukuza mubihugu vyo muri Afrika gusahura niyo bamara imyaka itatu bazoza badusaba ikigongwe Natwe turime ibijumpu namateke dudatnge amatagisi tuzohaba ayomashano yabakoroni batuvuye kwizosi niyi mihimbiri ba sindumuja bamaramare tuzorabe iyobazocisha ibigwanisho bahora babaha Komere kumuheto tuzogitwara dufatanye munda abahutu na batusti bashaka amahoro kanatsinda nibobenshi its in I nikashi kugeza 2020
19 Munyonyo 2015, 21:57, par Bacemwo
Nibagende izonjavyi ubushinwa nuburusiya niho bibereye buzokora ibikenewe
19 Munyonyo 2015, 22:28, par Aaron
Igihugu muracononye mwaba gabo mwe.Kananirabagabo ntiyimye muvyemera kandi mubikunda mutegerezwakuganira. Kiretse mushaka gusiga igihugu ari umunyota. Ntimwigire agahambaye sauvez ce qu’il a encore a sauver pour ne pas tout detruire.
19 Munyonyo 2015, 22:44, par Banks
Aho da ubujuju gusa , aho rero inda ziruzuye muga muratanguye kubona ko atari heza, aba birigi bobo ntangorane bafise nta nzara igira ibice !!! Ewe bararuhiga !!! CNDD-FDD isigaye yirukana abantu niyo reta ??? Koresha ubwenge umusi umw gusa basi ??!!!
19 Munyonyo 2015, 22:45, par Bwengebuke
Nibace birukana rero n’abarundi bose bari mu Burundi bafise ubwenegihugu bw’Ububirigi kuko nabo ari ababirigi mu bandi, kandi ni benshi muri Gouvernement ya Nkurunziza...
19 Munyonyo 2015, 22:48, par manariyo
mwibuke yuko ibice birenga 50% vyamafaranga leta ikoresha biva hanze.rekakuzurakaboze kora ivyubaka igihugu
20 Munyonyo 2015, 03:54, par Mpozamarira Erias
Bacumugani mukirundi ngo uwo binaniye ntabura uwatako umwikomo, mbenga ababirigi ni bobatumye ngo basambure yamasezerano ya arusha? ivyo navyo yifadikiza rwabarundi bakubiswe ibiboko na babirigi,ntitwabikubitwa turiko twigishwa gutera agahawa tubihunga? bariko bakubita ubujuju.harya barundi turagoye uwuriko akwereka ukuri, aharurwa kwarumwansi. noneho ntamusi numwe aba cdd fdd bazigera bashima ivyiza umuntu ya bakoreye kuko ayera bayita ko yirabura,ayirabura bakayita ko yera. namwe nimwibuke abobita kwarabasi ntako batagize mukubahanura ngo peter Nkurunziza nti yi yongeze manda 3 ariko kubera bamugize ikigirwa mana, ntibigeze bemera ababahanuye .unomusi nibo bitwa abansi, rero jewe nasomye iritangazo rya sohowe na cdd fdd, na marira yivyo bahora baronka babihawe nu Bubirigi none icatera kirasheshe. rwintahanurwa ibwirwa nukwa maso atukuye ivyovyose biriko biba bitumwe nukutumva. mbabazwa nabantu bariko bagandagurwa, ni co gi porisi hamwe nizo mbonerakure zakwiragijwe ibirwanisho zikaba ziriko zihinkumbi,bikegekwa ku Bubirigi sinzi kubwo Bubirigi kwaribwo bwatanze inkoho namagerenade mumbonerakure? ni mwikebuke mutahure ko mwahemutse.
20 Munyonyo 2015, 04:49, par Twaje
NUKURI TURETSE NIBIBOKO VYABA BILIGI BAKUBITA ABANYACUBAHIRO BABAGABO/ABASHINGANTAHE, ABANA , ABAKAZANA ABAGORE BABONA UGASANGA BASHINYIRIJE BAKUBITA KUBIBUNO UMUGABO UGASANGA YASHINYIRIJE ATAGITABARA IYOMIRYANGO YABO IRABA INTUNTU IKABARENGA ETC.
TURETE GUKUBITWA BARAKOREYE ABARUNDI IKINTUKIBI ARINACOCIKI"
GUFATA ABANTU BITWA ABARUNDI BASANZWE BIYIZI KWARA BAHUTU, ABATUTSI, NA BATWA, BAKATWINJIZAMWO AMACAKUBIRI YOKUBONAKO HARIHO BAMWE MWAYOMOKO BASUMBA ABANDI NGOKWARINABO BAKWIYE GUFATIKANYA NABOBAKORONI BABABILIGI NGWARIKO AYANDIMOKO NTIBAYEMERERE KOBAKORANA! UCONOBIBUCA NUKO UBWOBOKO BASHIZE IMBERE ATARIBWO BWABASAVYENGO BABUSHIRIMBERE, ABABILIGI NIBOBABIGIZE MUNTUMBERE YOKUGIRA HABONEKE UMUGERAMUBI MURIKAZOZA ARINAWO TWAMAZEMWO IMYAKAMWISHI NONE ABABILIGI BABONYE TWARITWARAWUBONYE TURAWUKURAHO NONE BARIBAGERAGEJE KWONGERA KUBIGARURA ARIKO KUBERA AMOKOYOSE YABONYE ATANYUNGU ARABARAHIYE MBERE BIZOKWANDIKWA MUMATEKA IBINTU AMOKOYOSE YABARUNDI BAKOZEMWAKINOGIHE. BANAGERAGEJE GUCA KUMWAMI WAMACAKUBIRI KAGAME ARAHAMAGARA ABANTU BABARUNDI NGOBARIRIMBE NGO HANGOMBAKUBA GENUCIDE ARIKO ABARUNDI BOMUBWOKOBWOSE BARAHAGURUKA BARIYAMIRIZA ABAGUMA BABAGIRIZA IRYOSHANO.
MUVYUKURI ABABIRIGI BADASAVYE IMBABAZI ABARUNDI BAZOBA BANDAKUNDA IGIHUGUCABO KANDI NURUNGANWE RUZOGENDA RUKURA RUGASOMA IVYAKAHISE BAKABONA IVYOBAKOREYE ABARUNDI ARIKO NTIBABONE AHOBASAVYE ABARUNDI IMBABAZI BAZOKWIBAZA VYISHI.
20 Munyonyo 2015, 06:21, par Dodo
ABABIRIGI NIBABIRUKANE BONONA IMPANDE ZOSE.NIBO BATEGEKA IGIPOLICI CARETA KWICA ABOCAFASHE BARI MUMINWE YABO!MURIKO UMUVUMO.BAVEKO.NTAMVURIDAHITA.
20 Munyonyo 2015, 06:35, par Mwenegihugu.com
Nibagende batuvire mugihugu cacu bareke kuducanishimwo.iyo basokuru nabavyey barikutuganirira ingene imigwi y.abazungu birabura yabahohotera ibasinzikariza,turarira arik tukaguman umutima wukutihora.umwenegihugu agiy kwishul yacahigwa ngo NUMUMENJA.umwenegihugu ashoy akimbati barayimwak bakamukubit agatah uko.
20 Munyonyo 2015, 06:41, par nyakuri
abatusti mwabahevye mugiye kuba birigi ????
20 Munyonyo 2015, 06:48, par VERITE
CNDD-FDD isaba ngo ababirigi basubire iwabo, ahandi ngo bagume aho mubabaze ivyo bagirizwa????
Ngo imfashanyo ntayo mushaka ahandi ngo mushaka umuzibukiro ???
Ngo nibo bateye amabi yose ahandi ngo ni abatusti???
20 Munyonyo 2015, 06:52, par UKURI
Subira gusoma neza kahise ubu biringi nti bwa colonije uburundi, bwahawe mandat ya UN gusa
20 Munyonyo 2015, 07:53, par bakame
vyari bikenewe
20 Munyonyo 2015, 08:19, par che
Nizere ko mwavyizeko neza, ntimwicishe inzara abenegihugu.
20 Munyonyo 2015, 08:39, par ndibanje
Aho iryo tangazo nivyo ko aba DD bose baryemanga? Emwe uwuramvye arabona! Ndabirabe we, reka tubirabe aho bizoshika ivyo wirirwa urazura akaboze. Biraboneka ko uwo mugambwe DD ushaka kwibagiza abenegihugu ingorane nyamukuru nayo ni Pierre Nkurunziza. Ni bapfe bambaye mandat yaraheze kandi ukwo gushaka kugomora abahutu bababesha ngo umwansi ni naka bamenye ko n’uwutariko aravuga ico avyiyumvirako adashigikiye na gato abo ba mpema yuzuye (Ndabirabe et consort).
20 Munyonyo 2015, 08:56, par DANY FRANCH
Gélase arwaye mu mutwe kweri , mugabo n’abandanye ariko arafasha kuko bica biboneka ivyo aba cndd-fdd bamwe bamwe biyumvira nabi kuko , benshi biyumvira neza ubundi ho igihugu kiba carapfuye . ntakundi ico kirogorogo covuga kuko umengo ntari kwisi . mbe uyo avuga ivyo igihe uburundi bwikukira yarafise imyaka ingahe ? ARIBESHA KUKO UBURUNDI NTIBWAKORANIJWE BWARI SOUS MANDAT , ntacazi kuri l’histoire du Burundi . mugabo ico yihenda ko nuko ututse Ububiligi uba ututse USA FRANCE UBWONGEREZA UBUDAGI UBURUSIYA UBUSHINWA EKA ISI YOSE . BAHEREWE PE
20 Munyonyo 2015, 08:56, par DANY FRANCH
Gélase arwaye mu mutwe kweri , mugabo n’abandanye ariko arafasha kuko bica biboneka ivyo aba cndd-fdd bamwe bamwe biyumvira nabi kuko , benshi biyumvira neza ubundi ho igihugu kiba carapfuye . ntakundi ico kirogorogo covuga kuko umengo ntari kwisi . mbe uyo avuga ivyo igihe uburundi bwikukira yarafise imyaka ingahe ? ARIBESHA KUKO UBURUNDI NTIBWAKORANIJWE BWARI SOUS MANDAT , ntacazi kuri l’histoire du Burundi . mugabo ico yihenda ko nuko ututse Ububiligi uba ututse USA FRANCE UBWONGEREZA UBUDAGI UBURUSIYA UBUSHINWA EKA ISI YOSE . BAHEREWE PE
20 Munyonyo 2015, 08:56, par DANY FRANCH
Gélase arwaye mu mutwe kweri , mugabo n’abandanye ariko arafasha kuko bica biboneka ivyo aba cndd-fdd bamwe bamwe biyumvira nabi kuko , benshi biyumvira neza ubundi ho igihugu kiba carapfuye . ntakundi ico kirogorogo covuga kuko umengo ntari kwisi . mbe uyo avuga ivyo igihe uburundi bwikukira yarafise imyaka ingahe ? ARIBESHA KUKO UBURUNDI NTIBWAKORANIJWE BWARI SOUS MANDAT , ntacazi kuri l’histoire du Burundi . mugabo ico yihenda ko nuko ututse Ububiligi uba ututse USA FRANCE UBWONGEREZA UBUDAGI UBURUSIYA UBUSHINWA EKA ISI YOSE . BAHEREWE PE
20 Munyonyo 2015, 08:56, par DANY FRANCH
Gélase arwaye mu mutwe kweri , mugabo n’abandanye ariko arafasha kuko bica biboneka ivyo aba cndd-fdd bamwe bamwe biyumvira nabi kuko , benshi biyumvira neza ubundi ho igihugu kiba carapfuye . ntakundi ico kirogorogo covuga kuko umengo ntari kwisi . mbe uyo avuga ivyo igihe uburundi bwikukira yarafise imyaka ingahe ? ARIBESHA KUKO UBURUNDI NTIBWAKORANIJWE BWARI SOUS MANDAT , ntacazi kuri l’histoire du Burundi . mugabo ico yihenda ko nuko ututse Ububiligi uba ututse USA FRANCE UBWONGEREZA UBUDAGI UBURUSIYA UBUSHINWA EKA ISI YOSE . BAHEREWE PE
20 Munyonyo 2015, 10:19, par Newcome Habarugira
Dufise Ni, Sn, Au, Ct, Fe,... None Abo Ba Colonis Nibagend Gusa Mukubaburanya Babanz Baduhe Ya Carte Ya Sous Sol Badutwara..!
20 Munyonyo 2015, 12:57
Va te faire soigne, parceque tu es totalement malade mosieur.
20 Munyonyo 2015, 13:21, par Jek
Iyi nkuru nayisomye mubambere ndabura ico nandika, mbe CNDD FDD yose habura numwe azi ubwenge? Canke Gilase asohora itangazo ntawe agishije inama? Ngo Ababiligi bakoronije Uburundi? Sibisanzwe none? Nahandi harabaye colonialisme kandi haramahoro. Ikindi cama cantangaje CNDD nibwo bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu? Amatangazo menshi bandika ntaraba umugambwe uyu n’uyu abajejwe gutanganzwa nubushikiranganji.
20 Munyonyo 2015, 14:32, par Twarabahinyuye
Huuh, huuh, huuh!!! iyi 3ème mandat igiye kubasaza walahi.
22 Munyonyo 2015, 09:12, par ikiringo
mushinkanta kuvuga urabizi nukuri ariko igorane sababirigi cagw abatutsi twebwe abenegihugu turaciyibwenge vyotse muvuga turabizineza cane gotse igorane nikiringo gusa.niyo ntambara yamanda yanyu adahaga murikubitagashi mureke kwiyambur agashambara
23 Munyonyo 2015, 15:44, par tuyishimirejackson
nonewocamibirukanakuberiki ahuawomwokumvikana
30 Ntwarante 2018, 10:04, par burunditerimbere
nibatuvireho izo nkora bara,abo wumva,bagiye bahekuye uburundi nabarundi |