Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD washimye ingingo zafashwe n’inama y’umutekano ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD washimye ingingo zafashwe n’inama y’umutekano ya (...)

Umugambwe CNDD FDD washimye ingingo zafashwe n’inama y’umutekano ya ONU

vendredi 13 Munyonyo 2015, par egide

Umugambwe CNDD - FDD umenyesha ko washimye ingingo zafashwe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu, aho iyo nama yafashe ingingo ikomeye yo gufasha Uburundi kwogorora mu bibazo vya Poritike n’umutekano burimwo.

Uwo mugambwe uvuga ko ushima ko ibihugu vya rutura biserukiwe muri iyo Nama Nkuru y’Umutekano ya ONU hamwe n’ibindi bihugu kw’Isi vyatanguye kubona no gutahura mu nzira y’ukuri inyishu z’ibibazo bimaze igihe bibera. Muri CNDD FDD bamenyesha ko iyo abaserukira ibihugu bimwe bimwe mu Burundi bagenda bihweza neza ibiba mu Burundi, ingorane Uburundi burimwo ntizari gushika aha.
« Biragaragara neza ko ibihugu bimwe bimwe vyagiye birahabwa amakuru atari yo n’ababiserukira mu Burundi, bikaba vyatumye navyo bifata ikibazo uko kitari n’inyishu hagafatwa izitari zo.»

Mw’itangazo wasohoye kuri uwu wa gatanu, umugambwe CNDD - FDD urakenguruka ko mu ngingo yaraye ifashwe harimwo ukwubahiriza ukwikukira, ubwigenge n’ubumwe bw’Abarundi. Iyo ngingo ikaba yari yarahonyanzwe, umugambwe CNDD - FDD ugasaba ko iyo ngingo yoshimangirwa kugira Abarundi babe mu mwidegemvyo mu kwitorera inyishu ku bibazo bibega. Muri CNDD FDD babona ko Abarundi ubwabo ata bibazo bafitaniye hagati yabo, n’ivy’amoko akaba ari ababibatsindagiramwo, bivuye hanze bigatuma baryana ku nyungu atari izabo.

Umugambwe CNDD - FDD wibutsa ko nk’uko wiyemeje kuva kera inzira y’ibiganiro kuva ukiri n’Umuhari mu gutorera inyishu z’ibibazo biba bihanze igihugu, wemereye Abarundi n’Amakungu ko impanuro y’ibiganiro bisa n’uwakubise uwashaka kurira.

Uwo mugambwe urashimira kuba umurwi w’igihugu uzotunganya kandi ugakurikirana ibiganiro hagati y’Abarundi bari mu gihugu n’abari hanze waramaze gushingwa.
Muri CNDD FDD basaba Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) Ban -Ki- Moon guhimiriza ibihugu vyahagaritse imfashanyo zari zigenewe Uburundi kuzirekura, kuko abantu ntiboja mu biganiro, babirangure neza hari imbugita kw’izosi yo kubicisha inzara.


IGIHE

Messages

  • hhhhhhhhhh ibisuma gusa,vyirondera amahera.

  • NNE MUSHAK BAGUME BADUFASHA GUSHIKA RYARI AHUBWO NIMBA MURABAGABO NIMUBEREKE KOBIHENZ MUSHOBOY NAH MUKENY NIMWEMER MUTWAGWE NABO.

  • NONE MWEMEYE MUBAYE IKI ? UBIVUZE NEZA KO IBIHANO BIBANDANIJE NTITURONKE IMFASHANYO TWOKWICWA N’INZARA. ABANDI BO BAKIRONKA UTWO BIBA IGIHUGU BAHIMVYE NGO NTA MFASHANYO ZABO DUKENEYE . GUGA BAKAGARUKA NGO ABARUSIYA N ’ ABASHINWA BARATUBONA !

  • nuko bashima iborohereza uwiteka azaca izibereye

  • nuko bashima iborohereza uwiteka azaca izibereye

  • nuko bashima iborohereza uwiteka azaca izibereye

  • Ntagahegwemuzagiraniyingomamwivye Tuzoruhuka Tuyibatse Mwabicanyimwe Wenyabendawitonde Weho Imisiyawe Irazwi Ntiwasumba Adolphe Urazi Ahari??Camake Wajurawe

  • none unyumvira azoja mu buganda munama ya ONU?sha izonkina mico sizo reka turindire iherezo zavyo.

  • Wamaze guhindura imvugo ? Kutamuhaye Gelase akuvugire ? Hagowe abari inyuma yanyu bazosanga mwabataye murudubi . Nizereko mwabonye ko Ububirigi bukomeye bwo bwagondoje Onu, Ubumwe bwiburayi be na Africa ? Ubujuju mufise ntimuramenya yuko uwagukoronije ariwe shobuja muburyo abagufasha bose barinda guca kuribo ariko akanyeshamba ntikarabavamwo.
    Nibindi muzovyemera .
    Ubu ingorane mugiye kuronka niza nterahamwe be nimbonerakure mwahaye akazi kokumara abantu uburyo mugiye kubasigurira .
    Ä°mivumo y’Ä°mana ibane namwe .
    Ukuri kugire gusinde .

  • mu burundi hasigay abagab intumva zaragiy mukigo gucunga urupang murugo hari burundi

  • Kowumva Peter arumugabo nanane urabe ingene ONU ituma Nyakubahwa umugabo wijunja Paul Kagame amufatishe intoke ajegufungirwa Ä°gitarama mu Rwanda abe araganira ninterahamwe nkawe .

  • mu burundi hasigay abagab intumva zaragiy mukigo gucunga urupang murugo hari burundi

  • Mbega none mudashimye ikindi mwari mwimirije gukora gisumba agasuzuguro kanyu nigiki??? uyo mugesera wumunyamusenyi ngo ni Pascal atakindi kimwuzuyemwo gusa atari amacakubiri yo gucanishamwo abonse rimwe. Mbega ko Manassin mwagendanye ubu wamurungitse he? uribagiye ko iryo pfupfu nibinga uvyimvya vyavuye kuri Manassin? Hama ibisigaye ngo abatutsi niyo nyirabayazana. Abatutsi nibo babwiye Piter ngo arenge kwibwirizwa nshingiro? Abatutsi nibo bapfunze Radjabu? Abatutsi nibo birirwa barahungisha abahutu benewacu? Abatutsi nibo bishe Feruzi? Muraja ngaho mugahoha, mukindira kumivyimba yabarundi ngo nabatutsi mukibaza ko abahutu bose ari ibijuju? Za gatumba na za muyinga abahutu bamaze gupfa bishwe nabatutsi? igihugu niyaba cabananiye gutwara hariho abandi bahutu bize mureke kwica abo twasangiye ugupfa nugukira.

  • Imana yaduhayebuburundi nibutuzigamire no muri bino bihe bitoroshe burimwo.

  • Ngiye nabona itangazo rya CNDD FDD rikoranye ubwenge kabisa,mbe basha uyu mujanama bamukuye he?!!! Amatangazo yayo nari maze imisi nsoma yari ayo gutuma ibibazo vy’imigenderanire n’ubutunzi u Burundi na CNDD FDD ubwayo irimwo biba bibi gusumba. Bari bamaze imisi basohora amatangazo yo kwubikira imbehe u Burundi.

  • mwali mwiyemeye ngo mulihagije ngo nibabajyane inkunga zabo none mutangiye kuvuza induru. nikikwereka yuko ibintu byabayobeye . nimwicare hasi rero babategeke ibyo mugomba gukora. muvuga mutabanjegutekereza.nta nisoni mugira.

  • Aba dd mwahora murahira mukarengwa ngo ntimuzoja mu biganiro.None raba abantu bari kurushi nibobatumye muja mu ma negociations. Mbega inkuru zitarizo baronse nizihe? None imbonerakure ntizafashanya na police canke mwoharira ko mutakoresheje INTERAHAMWE? Izo nterahamwe sizo zakuramwo abantu imitima? Guca ibihimba vyirondoka abagandaguwe ntivyabaye? Amajambo aturira ya Reverien ntiyayavugiye kumugaragaro ahimiriza abantu GUKORA ndetse akabemerera parcelles. Ninde atabonye igitero cigipolisi hakoreshejwe roquette kuri bus ivuye ku mpanda kumaziko? Hari umutumvise amajambo ya Gelase yikora mugahogo mukugomora aba dd ngo biruke kubabiligi?Sinumva rero izo nkuru zatanzwe zitarizo. Ahubwo namwe mutegerezwa guhongoka nkuko mwagize abandi. Hanyuma ayo macakubiri y-ubwoko yarabataye kuwamazi KK IYO BIGENDA NKUKO MWABISHAKA IBARA RIBA RYARAGUYE.NKABA NDABAHANURA GUSUBIZA MANDAT MWIVYE BAYINAYO KANDI VUBA.

  • Mbega agahinda africa tuzakoresha ubwonko ryari??nigute tuvana amasomo kungaruka aho kugira ngo twihweze kazoza mbere yo kwigira ba ndigabo ntacyo dushingiyeho!tumeze nkumwana umara guhabwa amafunguro yahimba agaca akandagira ku isahani yibazako atazongera kuyicenera! ubu leta noneho yemeyeko inzara iyirembeje! ngo mwarikukiye!!?? muve ibuzimu muje ibuntu muharanire kwikukira nyako mukoresha ubwenge mwubake igihugu mwese hamwe mwigiye kuri kahise,Imana ibafashe iyo nzara ibigishe ubwenge.

  • Hahahaha ngo bariyoroheje hahahaha. Inzara igira ibahenure nune baratanguye kworoha. Hanyuma ngo mugomba ibiganiro bizobere hehe? Gombe mwigire ibijumbu bitetse mukworoha, ibigabiro bizobera hanze. Mureke gutesha umwanya abo banyagihugu ngo mwabahaye ubuzi ngo bwoguhuza. Nimba bazohuza akokagwi nyene babafashe kubatoza uwuzobaserukira kuja mugasho i Lahe hahaha. Mwitesheje agaciro mutesha agaciro Uburundi n’abarundi.

  • Barundi ntihazagire ubahenda muharanire AMAHORO mu gihugu cyanyu.
    Ndasaba umugambwe wanyu CNDD FDD gutwara neza ikiringo bahawe n’abarundi.
    Mwirinde amacakubiri ya KAGAME, abayobozi banyu cyangwa abanyamakuru b’i BURUNDI ndabasaba kureba kuri INTERNET. RWANDINFO KANYAMIBWA.FR afise za audio nyinshi aho KAGAME yivuze ibigwi yuko yishe ABANYARWANDA bari i CONGO, ABANYARWANDA NKA PATRICK KAREGEYA wari muri AFRIKA Y’EPFO abantu bakamuha amashyi yigamba yuko yishe.
    Buriya umuvugizi wa LETA YANYU NYAMITWE aho kuvuga kuri BBC na VOICE OF AMERIKA yagombaga gushyiraho cyangwa agaha abanyamakuru AMAJWI YAHO KAGAME yigamba yuko yishe aabanyarwanda mwari kuba MUGITSINZE MUBATABURANYE.
    None BARUNDI cyane umugambwe CNDD FDD mushake izo za audio MUZUMVISHE abarundi, abayoboke banyu ,binyure kuri RADIO AHO KUGIRA NGO BABITE ABICANYI KANDI KAGAME ARIWE WAMAZE ABANYARWANDA N’ABANYEKONGO HAMWE N’ABARUNDI BARIGUPFA MURI IKI GIHE
    Andi makuru tuaze kumenya nuko mu RWANDA ahitwa i GISAGARA mu bumanuko bwo mu RWANDA aha hoze hitwa i BUTARE hari za BATAILLON ESTATU ZA KAGAME ZITEGUYE KUZA GUTERA I BURUNDI NIMURYAMIRE AMAJANJA, NTIMUSINZIRE KAGAME AFITE IKIRAKA CYO GUTEZA AKAVUYO I BURUNDI..

    Murebe kuri Rwandinfo de Kanyamibwa jkanya.free.fr
    Turabasabire cane IMANA IBARINDE KANDI IBARINDE UMWANZI WANYU KAGOME... NA BA NYANGOMA,BA HUSSEIN RAJABU N’IBINDI BISAHIRANDA

  • Hahahahaha’ Murateba muje kumurongo, mbega ninde yabahanuye kugira mwemere ibiganiro ? ninzara burya irahambaye irashobora kubahanura mukaja kumusitari, nkuko mwavyitangarije. isigaye tangariza caki porisi nazambonerakure ,bahagarike kugandagura abeni gihugu, babahora kuba batabashigikiye mukutatahura kwanyu. Iconobahanura abategetsi bongaho mugisagara,mwuge kuzamuvugukuri, nki vyo urabeshe rwabaserukira ibihugu vyabo ngaho ibu Jumbura ngobatanze inkuru zitarizo, mbega babaye inzoya zitabona ibiriko birakoreka? burya amasezerano yi Harusha yahoryazwe,hamwe nayigihugu, burya makungu ntiyabikurikiranira hafi ? reka kubata kwinkubire ngo batanze amakuru atariyoo. Bacumugani mukirundi gusambururwiwe ngobamutizumuhoro,natwe iyo twisamburiyeko nkimpene tureke guta kwibirake abobanyamahanga. jewe ntabintu mbona biringaha muburundi,vyotuma abanyamahanga botamanirwa vyotuma bateranya abenigihugu. ahubwo twebwe nitwe tubibaronderako. murivyose rero ikishimishije nuko mwenye kuzoja mubiganiro, ndabasabe ni mba mwobona iyi message ntimusubire kuza murahindagurika ,izingorane zubwi canyi zateye nuko mwabaye abagabo mutemera guhanurwa. burya ntamugabo adahanurwa twese tubayeho duhanurwa.

  • Hahahahaha’ Murateba muje kumurongo, mbega ninde yabahanuye kugira mwemere ibiganiro ? ninzara burya irahambaye irashobora kubahanura mukaja kumusitari, nkuko mwavyitangarije igisigaye tangariza caki porisi nazambonerakure ,bahagarike kugandagura abeni gihugu, babahora kuba batabashigikiye mukutatahura kwanyu. Iconobahanura abategetsi bongaho mugisagara,mwuge kuzamuvugukuri, nki vyo urabeshe rwabaserukira ibihugu vyabo ngaho ibu Jumbura ngobatanze inkuru zitarizo, mbega babaye inzoya zitabona ibiriko birakoreka? burya amasezerano yi Harusha yahoryazwe,hamwe nayigihugu, burya makungu ntiyabikurikiranira hafi ? reka kubata kwinkubire ngo batanze amakuru atariyoo. Bacumugani mukirundi gusambururwiwe ngobamutizumuhoro,natwe iyo twisamburiyeko nkimpene tureke guta kwibirake abobanyamahanga. jewe ntabintu mbona biringaha muburundi,vyotuma abanyamahanga botamanirwa vyotuma bateranya abenigihugu. ahubwo twebwe nitwe tubibaronderako. murivyose rero ikishimishije nuko mwenye kuzoja mubiganiro, ndabasabe ni mba mwobona iyi message ntimusubire kuza murahindagurika ,izingorane zubwi canyi zateye nuko mwabaye abagabo mutemera guhanurwa. burya ntamugabo adahanurwa twese tubayeho duhanurwa.

  • Nkeka aba dd bafise resolution idasa nkirya yemejwe na CS de l’onu. Ivyo vy’ubwigenge babikuye he? Ninde yababwiye ko le 1er juillet 1962 ko tutikukiye? Ngo nta bihano birimwo? None ingingo ruhasha ( des mesures supplementaires) bazobafatirani iki? Kandi cs de l’onu irashigikiye ingingo za cs de l’UA. None ikindi mushaka ni igiki?
    Leta yuburundi yirukanye bnub none hashobora no kuza inteko, none ngo dd yashimye? Ibiganiro bitegerezwa kuba kandi bizobera hanze yhburundj, leta irazosiba ni bayitumira niho nzokwemera ko bikukiye koko. Ngo Cnared ntirimwo? Womengo Nkurunziza nta biganiro yaciyemwo ! Insiguro nyayo ni rirya tangazo rya ONU, UA na UE basohoye batumirira ibiganiro vyihuta bizobera Kampala canke Addis. Ibisigaye vyose ni ukwidigadiga.

  • Umve ngo bafise inzara,uwobaraba ngo murabagabo imitwe yanyu yuzuye amazi,mwavuze ko mwikwije none ngo inzara irabishe,nibamanze babime imfashanyo umwaka wose mutangure kugurisha ni pantalon zanyu.

  • Imber yokuvuga ibinabiriya abantu baribakwiy gutohoza inkuru kandihakaza haratangwa inkuru z’ukuri nivyobizodufasha gusohoka mubibazo turimwo.Munkundire ndabibarize,Iyomuvuz ngoharashw kuri bus ivuy gushingura umuntu nikuki mutibaza imyaka ihez kiryakibanza gishingugwamwo abantu mbe ivyokobitaribwabe cank ni gut umuntu ahambwa akongera akazugwa mbehoho ziryankohozari zamuherekej zarizigihugu?Iyo mwndika mwihendako ibiba bitamenyeka ariko mwari mukwiy kuhitondera can!Iconsaba indongozi ziramutswa igihugu zikoresh uburyo bwose hani IBIGANIRO birmwo bose kugira igihugu bagisubiz kumurongo abarwanya leta nabo bemerekobatay umurongo basubir muruhongore barekeguhenda amakungu ahubwo bazedufashanye kwubaka igihugu.

  • Imber yokuvuga ibinabiriya abantu baribakwiy gutohoza inkuru kandihakaza haratangwa inkuru z’ukuri nivyobizodufasha gusohoka mubibazo turimwo.Munkundire ndabibarize,Iyomuvuz ngoharashw kuri bus ivuy gushingura umuntu nikuki mutibaza imyaka ihez kiryakibanza gishingugwamwo abantu mbe ivyokobitaribwabe cank ni gut umuntu ahambwa akongera akazugwa mbehoho ziryankohozari zamuherekej zarizigihugu?Iyo mwndika mwihendako ibiba bitamenyeka ariko mwari mukwiy kuhitondera can!Iconsaba indongozi ziramutswa igihugu zikoresh uburyo bwose hani IBIGANIRO birmwo bose kugira igihugu bagisubiz kumurongo abarwanya leta nabo bemerekobatay umurongo basubir muruhongore barekeguhenda amakungu ahubwo bazedufashanye kwubaka igihugu.

  • ahubwo nimunyarutse kurondera uwundi mukandinda hakirikare azomusubirira nkuruziza.kuko twebwe abarundi nabanyamugabwe dukeney amahoro niterambere gusa.ivyonavyo vyamoko turasavye mubigumize mundazanyu nimiryago yanyu twebwe bikinjana cubu ivyakahitse turabiziko vyabaye rro ubutwebwe sivyo tukigendera twebwe tujana niterambere gusa ikiriho nimurondere politike yokuza musabikanya ubutegetse nkuko twabibonye muri tanzania nukuri bidateyigomwe bibaye nkavyo.rro nimwikubite agashi mubirabe hakirikara ivugo zisigaye zivugwa murikigihe zaratayigihe nimurondere nov politike ataruko umugabwe ugiyekuba nkimigabwe yo mukahitse ata numunwanyi ikironka

  • NAMWE MWABIHEMU MWAGIYE KURYA UBUKOROTSE KWA KAGAME NICO GITUMA MUPFA IVYO MUVUZE. MURAZE NEZA IYO MIZURU TUZOYICISHA URUKERO

  • You wait we are coming soon,murica abantu baremwe nimana hivyo tu.

  • erega abarundi mumenye ko ntarutugu rukura ngo rusumbe ijoSi mumve ibwo amahanga ababwira mureke kumara abanyagihugu. nkurunziza ntacyo boazabagezaho uretse ibibazo mwirirwa muvuga ngomufite igisirikari gikomeye.7a6 MUBIREBERA CYARWANIHE CYATSIZE INTAMBARA ZIHE MURIHENDA SS4 IRIYA NTERAHAMWE MPOZAMARIRA IZAPHANA INGENGABITEKERESO YOKUNWA AMARASO YABANTU 066J

  • erega abarundi mumenye ko ntarutugu rukura ngo rusumbe ijoSi mumve ibwo amahanga ababwira mureke kumara abanyagihugu. nkurunziza ntacyo boazabagezaho uretse ibibazo mwirirwa muvuga ngomufite igisirikari gikomeye.7a6 MUBIREBERA CYARWANIHE CYATSIZE INTAMBARA ZIHE MURIHENDA SS4 IRIYA NTERAHAMWE MPOZAMARIRA IZAPHANA INGENGABITEKERESO YOKUNWA AMARASO YABANTU 066J

  • Umva abo nabo ngo barekure imfashanyo,aho rero mwivugishije ngo mwabishimye kugira babahe imfashanyo?mbe hamwe mwatangura kwisamburirako nibo bari babatumye?ba mucubwenge mukore aho kwonona ivyodutunze akimuhana kaza imvura ihise.

  • JELASE YAVUZE NGO 80 KWIJANA ZASUBIRA IWABO MUSHAKA GUSUBIRA GUHOMBA.NTIMWISHOBOYE AMATORA YO NTIMWAYATUNGANIJE.

  • Mbega ko Cndd ifatanya ibiganiro n’imfashanyo ni kuki ? Siko bigenda . ibiganiro bizobanza kurangira kugira tubone nikivuyemwo , hanyuma imfashanyo iza hanyuma , Vyaribonekeje cane yuko leta y’i bujumbura yemera ibintu ku munwa , ntibishire mu ngiro, ubu rero siko bizogenda. Guhagarika imfashanyo bioroshe , kuzisubiza ho bica kure caneeeeeee. Ivyo nibaza yuko CNDD ibizi!!!!!

  • Mwirirwa mubatuka mwongera mubagerekako inkono ishushe hanyuma ngo Ban ki moun nabahimirize bagarukane infashanyo nkaho wogira ngo arabishoboye !!! Mwavuz ko muhisemwo inzara hakubura inzego ubu rero inzego murazifise genda zibagaburire tuzorabe ko mu gihe gito izo nda zitazoba zahotse.

  • Ni akamaramaza kubona abakuru b’ibihugu bo hanze aribo babwira amajambo y’ihumure Abarundi kurusha abatwara igihugu c’Uburundi.
    Abatwara Uburundi mwobwirijwe kumaramara kuko akanwa kanyu kavamwo amajambo mabi y’ubwicanyi n’ubundi bubegito.

    Ndashimiye Président Obama.

  • At Dobo, umuntu agusororeye inzoga mugasangira akakubita amagerasi atatu nawe ukanwa igerasirimwe ivyomwobipfa? Igikuru nu rukundo nokwubahana. Harinumushakashatsi wumurundi aherutse kubizlvuga ko igikuru kwarukugira twibanire nabonabodadufasha vyishi bigasubira iwabo. Nanjerero unsororeye ukanwako vyishi kunsumvya sinocamvugango ntusosubire kunsororera ariko unsuzuguye nokwiyama ntarebeye ngonuko wamunsororera.

  • Ahubwo Nibarindire Barabe Ikizokorwa Munyuma.Burya Cdd Bibaza Ko Amakungu Ko Batari Barungitse Ababo Baza Kuba Muburundi Kugirango Baze Baravuga Ivyo Biboneye Ubwabo?Nhki Catumye Bakuraho Ababo B’ababirigi?Harageze Ko Intahe Y’amakungu Ikora Hamwe Bamwe Mubakoze Amabi Banyegera Aho Badakwirwa.Imana Ize Yereke Icanzo Uwutatereye Na Kimwe Mugusesa Amaraso Yumunyagihugu Yapfuye Ataco Ariko Arazira

  • Mukwiye gusaba ubwenge buva ku Mana!! Niho muzomenya ico muvuga nico mureka. mugatinya Imana mukareka gusesa amaraso yabo yaremye mwishusho yayo!! Uburundi ntaho bwigeze bushira isoni nkivyo tubona muriki gihe. Amaraso yi ntama ni myagazi yayo arahuma- ya bavyeyi ni bibondo!!

  • CNDD-FDD nari nzi ko muciye ubwenge none nsanze musumbwa n’ubw’inkoko. Mbere mwavuga ko mwikukiye kandi kw’ata mfashanyo mukeneye z’abazungu none iryo jambo mwaherejeko ry’ugusaba imfashanyo ibihugu vyaretse kuzitanga, kandi ngo Ban-ki Moon atange itegeko bazitange! Si ku nguvu canke kw’itegeko ryanyu. Yoooo, muraburaniwe!! N’ejo n’ejo ntuzovuge ngo wa sôko we sinzokwigera nywa ku mazi yawe !

  • Turashimwe Kuriyo Ngingo Yafashwe na ONU ariko icodusaba nibaturekurire izomfashanyo bahagaritse Imana iturwanire cane.

  • NONEGA UBWOBUFALA SA BWOBABWALAKOZE NABI OYA BWAKOZE N EZA KUKO PITA ALI N AGAKENGELE LEKA TU LABE ICO ALOGABULIL A UBULUNDI

  • Ababipfa nababisangiye nyamba atar aba DD umunyagihugu atambuka bakajingitwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.