Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL ishami rya Rwasa Agathon ryahaye HRW ayandi mayira (...)
Umugambwe FNL ishami rya Rwasa Agathon ryahaye HRW ayandi mayira y’amatohoza
mardi 19 Myandagaro 2014
Umugambwe FNL ishami rirongowe na Agathon Rwasa, ririyamiriza ibiherutse gusabwa na Human Right Watch, aho uyo mugambwe umenyesha ko ivyashikirijwe n’iryo shirahamwe bifise aho bihengamiye.
FNL ishami rirongowe na Rwasa rikavuga ko namba Pasteur Habimana yari umuvugizi w’umuhari Palipe Hutu FNL wahavuye uba umugambwe FNL munyuma, ko namba ariwe yiyemereye ubwo bwicanyi bwahitanye impunzi z’Abanyamulenge 166 bari bahungiye mu Burundi, abandi amajana bagakomereka, FNL ishami rirongowe na Agathon Rwasa basaba ko uwavyiyemangiye yobibazwa kugatwe kiwe, imbere y’ubutungane.
Mu mugambwe FNL ishami rya Rwasa Agathon, bagasaba Humana Right Watch ko hamwe ryobarishaka kumenya ukuri kuri abo bagandaguye izo mpunzi zari muri komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, yogira amatohoza, bagaheza bakamenya umuhari warwanira muri ako karere, gurtyo boheza bakamenya abagandaguye izo mpunzi. Muri uyo mugambwe bakavuga ko igisirikare ca Reta y’Uburundi c’ico gihe aribo barwanira n’aba FDD mu mashamba y’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ayo nayo agahana urubibe n’iyo ntara ya Bujumbura. Hamwe HRW naho yoba iriko isabira guhana umugambwe FNL canke indongozi za FNL mu gihe hegereje amatora yo mu mwaka w’2015, iryo shami rikavuga ko boja kubaza Jacques Bigirimana kuko ariwe yemewe na Reta ko arongoye uo mugambwe wa Gahutu Remy.
Mukamenya ko izo mpunzi zishwe mu mwaka w’2004, mu kwezi kwa Myandagaro. Mu mwaka w’2006 umuhari wa Palipe Hutu FNL ukaba waciye usinya amasezerano yo guhagarika intambara, amasezerano ndetse yatanga ikigongwe c’agateganyo, gushika hagiyeho umurwi uzosesangura amabi yose yakozwe mu Burundi, maze abakoze ivyaha bose bagakubitwa intahe mu gahanga.
Aristide Nizigire
Messages
19 Myandagaro 2014, 10:32, par bifaranga
Komera Mutama abo ni abashaka aho baguca,mbe ko bahukwa,na bado rindira 2015 tubatangaze kira noneho haba ku neza haba mu migere turi ready dd must gooo!Komera Rwasa komera Abarundi twese niwe twizeye kko Ni wewe gusa ushoboye guhindura ibintu aha mu Bdi,DD hasigaye amezi 8 bagabo ivyanyu bije ahaboba Welcome to. lahe!!!
19 Myandagaro 2014, 10:49, par james
Reka iyo HRW nabasazi abantu bapfiriye muburundi bose babonako abo banyamulenge aribo bafise agAciro abarundi ataco bavuze?nabantu bangahe bagandaguwe na Bikomagu,Buyoya,Busokoza hamwe nabanywamaraso benshi?gusa nuko ntaharuranye iyo muriko muzana ibi vyabanyamurenge bari bafise intumbero yo kwica abantu muburundi jewe numva nca nshavura cane.ahubwo ababakubise bravo.
19 Myandagaro 2014, 11:30, par havyarimanadesire
Abobahaye bagerageza ivyabo kugira mutama ntiyitoze azokwitoza neza.HRWnayo nifashe kugira habe uryamugwi ubijejwe kukwabakoze ivyagahomera bunwa nibenshi
19 Myandagaro 2014, 11:48, par Mahirwe.
Komera mutama ivyo bayasanvya bayasambagiza nibareke inkina mico yabo hanyuma tukuri inyuma Imana ikuzigame
19 Myandagaro 2014, 11:49, par mahungu
AGATHON RWASA KOYAMBAYE AMAKOTI MEZA
19 Myandagaro 2014, 12:48, par Mutama good
Mutama mbanjekukuramutsa nicubahiromwamanye kuvakera ariko nshangufashe akantugayi vyiza wosaba ikigongwe iriyamiryangoyabuze hanyuma habimana nawewemukajahamwe mugasaba abakozibimana bakabasengera gusa ntayindinzira iriho ruryarubanza nomwijuru ahakwisi ntuzorubana presidnte mwijurunaho ntuzorubonana imana habimana wamwikana wemera umenye komwabivuze ata ubibabajije kome mukomwajakubivuga ntega namarangara kobativuze 72 ndadaye 93 kobativuze mwabasumvya ubukomezi
19 Myandagaro 2014, 12:57, par al
Nibareke Ivyitwazo bagomba kumurenganya mbe abo bigez gucira urwo gupta ntibitoj naw nibamurek azitoz
19 Myandagaro 2014, 13:30, par Nelson
Mahungu wew uraba amakoti!!!HRw yarihe aho hapfa ibihumbi nibihumbagiza vyimpunzizari muri kongo??cank abapfiriyemugihugu hagati nanubu bagipfa???kubona babajwe nabanyamurenge nibaje kwa yakobo bigirimanawew ahagarariye uwomugambwe muri leta.
19 Myandagaro 2014, 13:48, par gihuha
Kuberiki urwo rubaza bagiriza mutama agatto RWASA,bataruburanye muriyo myaka cumi irangiye DD icura bufuni na buhoro abanyagihu,ubu haze kobakinjura bagaca bizanisha ama manza yatagira ifatiro. Kugira ibe iratakaza umwanya kuko bazi atawo basigaranye.igitangaje nuko nurubanza rwa NDADAYE tutarabona uwo rwagira nkuko umengo yigandaguye.amatora arageze ngo RWASA narengutswe!!!.bobo tubarengutse he???
19 Myandagaro 2014, 15:11, par nwari
komera mutama reka kwisigura !!abo babaza ngo yambaye neza mwari muzi ko mwamuhe jejeyo?aracahari aba munzu nziza ncane.umugabo atari igikuri wigwiza kumutima komera ncuti ?uwukwanka yagare amene ibaga inzuba rimenye ijuru
19 Myandagaro 2014, 15:12, par ngumi
Mangumi
19 Myandagaro 2014, 15:23, par ntukamazina
Mbeko mwihutiye guca urwa muta agatto RWASA.kandi nurwa NDADAYE ruraho.
19 Myandagaro 2014, 19:50, par Barumwete
Mbega ntuze icokintu HRW,kivutse vuba ko abantu 37 biciwe kukibuga c’umupira mu Rumonge bicwa nigiporisi ca reta,abiciwe mumitonto bicwa n’igisirikare ca reta hagiyemwo nindege, none HRW iryoshirahamwe ko ritabavuga? Hariho nahandi henshi mugihugu, none abatutsi nibo bantu abahutu nabo ninyamaswa?
19 Myandagaro 2014, 21:59, par Nivyo
Izinyishu za Rwasa ninkizo Bebe yokwishurape.
Uvyanka canke uvyemera uwomutego uzokugora kuvamwo naho 100 ans yohera.
20 Myandagaro 2014, 13:21, par ndiho
Umuvugizi wareta ejo bundi yabeshuje ivyavuzwe niryo shirahamwe yongera avuga ko iryo shirahamwe ataciza ryipfuriza uburundi mwaramutse muramogotsa uzi ko nindero mufisenke none. Ubu rirabahindukiriye namwe ukuri kwama arikumwe naho kubabaza ico abantu bagomba kumenya nuko makambi nkayose yari mugihugu harimwisore myishi yarifise inkoho none ababa ibujumbura ntimuzi abanyamurenge. Bomungara amabi bakora naje ndibuka neza igihe twatera ikambi yigishubi. Abasoda barirutse twasigaye duhanganye nimpuzi rero kuba rwasa yarateye ikambi. Yo mugatumba abanyamurenge bagatabara nawe akabivuna nibisanzwe niyemere yisigure neza. Ariko kuvyegeka kuriya nuriya iyo nimvugo yapolitike idakorshwa mubutungane
21 Myandagaro 2014, 16:19, par Tubirabe
Gusa ndemeza ko kuba abanyamurenge barishwe birababaje kandi ikindi tutokwibagira nuko tuziko abo banyamurenge aho bava bakagera bose n,abasirikare,uwubiharira,naharire abantu bahawe icumbi muri congo none raba ingene babijije iyashu aba kongomani.Ubwo rero Mutama barya bagomba nabo kuja gutera ikongo.Mbe ko nama mvuga nibitwarire ONU yabegereje kurubibe rwigihugu bavamwo.Ubwo abo ba DD ntibatume muvuga nabi kandi tuzi ko muzi kwisigura kumbure na Habimana avuge nawe nabi kurico kibazo nibabahe amahoro bakureke ubakubite ipfupfu 2015.
21 Myandagaro 2014, 17:43, par uwubizi
Aba DD ntibashobora kumwemerera. Ahubwo ni abe ararondera uwundi muntu azotanga hageze kandi na we nyene ntamuvuge ubu. Abanze arindire azomutange mu giye co kwiyandikisha sinon abo bagabo na we boca bamuhimbira ivyaha.