Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FNL ntiwemera ko bikenewe ko wiyunga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL ntiwemera ko bikenewe ko wiyunga

Umugambwe FNL ntiwemera ko bikenewe ko wiyunga

mercredi 18 Kigarama 2013

Umugambwe FNL (Force Nationale de Libération) urongowe na Yakobo Bigirimana urabeshuza ko ibiriko biravugwa ko umugambwe FNL ugiye gusubiza hamwe, hama Rwasa Agathon asubire kuba umukuru w’umugambwe. Bamenyesha ko bagishigikiye ingingo y’iyirukanwa rya Rwasa Agathon, ingingo yafashwe mw’ikoraniro kaminuza ryo ku genekerezo rya 20 Gitugutu 2013.

Mu mugambwe FNL babeshuza ukwo kwiyunga kuvugwa, kuko badatahura ingene Rwasa Agathon yosubira kurongora umugambwe, kandi yaratakaje n’ubunywanyi bwa FNL. Ku bimaze iminsi vy’inzandiko z’abiyitirira abanamarimwe b’umugambwe FNL basaba ko Rwasa yosubizwa uburongozi bwa FNL, Emmanuel Cahunja, umuvugizi w’umugambwe FNL amenyesha ko abo batera imikono kuri izo zandiko batabazi muri FNL, kandi ko ari amazina yandikwa na Rwasa Agathon abifashijwemwo n’abasanzwe bakorana nawe.

Ku biriko biravugwa vy’ukwiyunga kw’umugambwe FNL, Emmanuel Cahunja amenyesha ko ari ibihuha kuko mu mugambwe avugira bidakenewe, ivyo akabivuga yisunze ko ata mashami bazi ahari muri FNL, kandi ko uwo mugambwe wa Gahutu Rémy wiyunze, kandi ushize hamwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.