Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FNL wipfuza kwitaba amatora yose kandi wiyunze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL wipfuza kwitaba amatora yose kandi wiyunze

Umugambwe FNL wipfuza kwitaba amatora yose kandi wiyunze

lundi 11 Munyonyo 2013

Abanamarimwe n’indongozi zatowe n’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe FNL ryabereye i Bujumbura ku magenekerezo ya 28 na 29 Munyonyo 2009 bamenyesha ko batewe amakenga n’inyifato ya Reta ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko muri Ntwarante hagati ya Reta, abanyeporitike n’abandi bose bitaho ubuzima bw’igihugu. Ayo makenga akaba ahagaze ku ngorane ziri mu mugambwe FNL, hamwe n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Mu rwandiko abo banamarimwe n’izo ndongozi basohoye kuri uwu wa mbere, rugaterwako umukono na Rwasa Agathon avuga ko ariwe akiramutswa umugambwe FNL, bamenyesha ko bababazwa kandi biyamirije uruhara rwa Reta mw’icanamwo ry’imigambwe na FNL urimwo. Baranegura kandi n’ukuntu utwigoro tw’iyo migambwe two kwiyunga duheza tukanigirwa mu menshi. Ni naco gituma bamenyesha ko baheruka kwandikira abarongoye umugambi w’akarere ku mahoro y’Uburundi kugira basabe abo bahagarariye amasezerano atandukanye bave hasi bagire ico bakoze kugira indyane za poritike ziriho mu gihugu zitorerwe umuti.

Nk’uko urwo rwandiko rubimenyesha, bafashe iyo ngingo yo kwandikira n’abo barongoye umugambi w’akarere ku mahoro y’Uburundi kugira babamenyeshe ko bipfuza ko amatora yo mu mwaka w’2015 umugambwe FNL uzoyitaba yose, kandi bakaba bashaka kuzoyajamwo uwo mugambwe wariyunze ukava muvyo bamwe bita amashami.

Ku kibazo gihari c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, abo banamarimwe batowe mw’ikoraniro kaminuza ryo mu mwaka w’2009 bamenyesha ko ibivugwa ko ari impinyanyuro z’ingingo zimwe zimwe zigize ibwirizwa shingiro ari ikinyoma, kuko mu gusozera iyo nteguro bitomoye ko ibwirizwa shingiro ryahahora rizoca risubirirwa na rishasha.

Urwo rwandiko rwateweko umukono na Rwasa Agathon rusozera rusaba Reta y’Uburundi ko yoshira mu ngiro urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko n’abanyeporitike, nk’uko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka kuvyemerera abafata mu mugongo Uburundi mu nama yari yabakoranije i Bujumbura, mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu. Basaba kandi ko umugambi w’akarere ku mahoro y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ibibazo vya poritike y’Uburundi ko bovira hasi rimwe bakagondoza Reta ikareka kwigungirako ikibazo c’ibwirizwa shingiro rigira rihindurwe abo vyega bose batagishijwe inama.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.