Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe MSD uranegura "agasuzuguro" wakorewe na CENI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD uranegura "agasuzuguro" wakorewe na CENI

Umugambwe MSD uranegura "agasuzuguro" wakorewe na CENI

jeudi 2 Gitugutu 2014

Umuvugizi w’umugambwe MSD, Fansisko Nyamoya aranegura ico yita agasuzuguro k’umurwi CENI wabahaye ibibanza bike mubazotegura amatora ku rwego rw’igihugu. Mu murwi CENI bavuga ko imigambwe yose idashobora kunganya, kuko hari n’iyitaronse n’umwe.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora uheruka gusohora urutonde rw’abagize imirwi y’intara ijejwe gutegura amatora (CEPI : Commission Electorale Provinciale Indépendante). Ku bagize umwo murwi 164 bazotegura amatora mu gihugu cose, umugambwe MSD wahawe abantu batatu gusa. Muri uwo mugambwe bavuga ko ari agasuzuguro, kubona bemewe n’amategeko, ariko ntibafatwe ku rugero rumwe n’iyindi migambwe, aho tukababwira ko hari imigambwe yahawe abagera kuri 17 n’abarenga. Fransisko Nyamoya, umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko inzego z’umugambwe zigiye kuzokorana kugira bagire ico bapfunditse kuri ico kibazo.

JPEG - 37.7 ko
Fransisko Nyamoya, umuvugizi w’umugambwe MSD

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI : Commission Electorale Nationale Indépendante) basigura ko imigambwe yose idashobora kunganya, kuko hari n’iyitaronse n’umwe ayiserukira. Prosper Ntahorwamiye, ajejwe inyigisho muri CENI avuga ko atari imigambwe gusa yategerezwa kuja muri CEPI, kuko hari n’abaserukira amadini hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Nk’uko Prosper Ntahorwamiye abishikiriza, abatashoboye kuja muri CEPI borindira, bakaba bashobora kuzoshirwa muma CECI (Commission Electorale Communale Indépendante)

JPEG - 20.7 ko
Prosper Ntahorwamiye, ajejwe inyigisho mu murwi CENI

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.