Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD wiyemeje gukurikirana mu butungane abahohotera abanywanyi (...)
Umugambwe MSD wiyemeje gukurikirana mu butungane abahohotera abanywanyi bawo
vendredi 6 Nyakanga 2013
Umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) usaba abanywanyi babo, ku ntara ku ntara, kuza barandika amazina y’ababahohotera kugira umunsi uri izina, bazobibazwe mu butungane.
Haraheze iminsi itari mike hariko havurwa ibikorwa vy’uguhohotera abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta. Mu gihe kenshi ivyo bikorwa vyagirizwa urwaruka rukomoka mu mugambwe uri ku butegetsi « Imbonerakure », abarongoye urwo rwaruka bavyamirira kure. Denis Karera, arongoye imbonerakure ku rwego rw’igihugu yamenyesheje ko uwubikora ari ku gatwe kiwe, ataba yabitumwe n’umugambwe.
- François Nyamoya, umuvugizi w’umugambwe MSD
Mu mugambwe MSD bafashe ingingo ko kuva ubu bagiye kwikurikiranira mu butungane abagirizwa uguhungabanya agateka ka zina muntu ku banywanyi babo. Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo, umugambwe MSD uhamagarira abanywanyi bawo, kuza barandika, ku buryo buramvuye ingene umunywanyi wabo yahohotewe (ikibanza, amasaha vyabereyeko, ivyabona, amazina y’uwabikoze). Iyo naho ari umunywanyi wabo yahagaritswe n’igipolisi, agapfungwa agasakisaki ata mategeko yubahirijwe, basabwa kwandika amazina n’ibiranga uwo mupolisi yamuhagaritse.
Abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu bakaba biyemeje kuzoca bakurikirana mu butungane uwuzoba yagirizwa. Nk’uko biri muri iryo tangazo, n’aho ubucamanza batazokorera kuri ivyo birego, bitebe bitebuke ubutungane buzokora, uwuzoba yagirizwa ahanwe.
Egide Nduwimana
Messages
6 Kigarama 2013, 16:36, par Fostino africa ndayizeye
Turabishigikiye abakora ivyaha bahanwe nabandi bafise ico ciyumviro babihebe. turibamwe tukavuga ururimi rumwe kuberiki twankana
6 Ruhuhuma 2014, 19:22, par Mateso
Vyari vyiza kubivuga, ariko nuko uwuhoterwa bica birushiza kandi atagitabara "ntaco mvuze murubwo butungane"
25 Ruhuhuma 2014, 14:02, par Nigendako Enock
Nubwo baduterubwoba tubibonye tuzovyandika ahubwo batevye kubitubwira kuko abantu bahohotera abandi nabo guhangwa.