Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA ya Karori Nditije imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro bitunganijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA ya Karori Nditije imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro bitunganijwe (...)

UPRONA ya Karori Nditije imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro bitunganijwe na CNDI

mardi 19 Nzero 2016

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishamirirongowe na Karori Nditije ,Tasiyano Sibomana amenyesha ko uwo mugambwe utazokwitaba ibiganiro bihuza abarundi bitegekanijwe gutangura kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016,kuko ivyo biganiro bidashobora gutorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi.

Tasiyano Sibomana amenyesha ko UPRONA irongowe na Karori Nditije idashobora kwitaba ibiganiro bitunganijwe n’umurwi CNDI kuko utemera uwo murwi. Avuga ko bidakenewe kumara amasaha,iminsi n’amezi baganira kuko ibizova mu biganiro bizoza bihuye n’ivyo umugambwe CNDD-FDD ushaka.

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije amenyesha ko atewe impungenge n’uko umurwi CNDI uzogenzura ibwirizwa nshingiro,amasezerano ya Arusha,amasezerano y’ubumwe bw’abarundi n’amasezerano yo guhagarika intambara. Avuga ko atinya ko bishobora guhindurwa ata kuganira kubaye.

Tasiyano Sibomana amenyesha ko ari ngombwa ko ibibazo bitorerwa inyishu,kandi bitegerezwa kuganirwa n’abanyapolitike bose,abarundi n’abafasha Uburundi. Avuga ko ibiganiro bishobora gutunganywa umwanya wose,ariko atarivyo bizotorera inyishu ikibazo c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • umviriza ivyiyumviro vyabarundi bari mugihugu, none bobo uvuga ko atajambo bafise? muraraba nza ntimube murondera inyungu zanyu, ariko ivyo murondera vyose mubirondere mukwub aha imana, mwihane kuko imana ibandanya kugabanya imyaka yo kubaho kubwivyaha vyimonogoje ariko mukabesha ngo muko rera abanyagihugu ariko ncuti yanje ndabakunda uwiteka abarinde! ese imana yompa kurangiza nza! ok mrc.

  • umviriza ivyiyumviro vyabarundi bari mugihugu, none bobo uvuga ko atajambo bafise? muraraba nza ntimube murondera inyungu zanyu, ariko ivyo murondera vyose mubirondere mukwub aha imana, mwihane kuko imana ibandanya kugabanya imyaka yo kubaho kubwivyaha vyimonogoje ariko mukabesha ngo muko rera abanyagihugu ariko ncuti yanje ndabakunda uwiteka abarinde! ese imana yompa kurangiza nza! ok mrc.

  • Jewe kunkuru novuga bokwihangana bakitaba ivyobiganiro bigirehamwe umuti wakarenganyo ,abantu bakareka kuzira ubusa

  • uporona yatwaye imyaka myimshi narinzi ko yobaye mubambere bo kwegera abenegihegu bakaganira bakumva ico bagona ,none ngo ntimuzitaba ibiganiro, murakoresha inguvu .bazobarwanya kumwe babarwanya mwishe presida ndadaye ,hakutwibagiza ivyo mwadukoreye .muguma mudukora munkovu ?wansubira niwe mubi .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.