Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuganga w’abakenyezi akurikiranwa kuko yafashe amasanamu y’abarwayi bari (...)
Umuganga w’abakenyezi akurikiranwa kuko yafashe amasanamu y’abarwayi bari gusa
jeudi 17 Nzero 2013
Umuganga w’abakenezi w’umudagi yarakurikiranywe n’ubutungane kuko yafashe amafoto y’ibihimba-ntagaragazwa vy’abarwayi biwe batabizi ivyo vyamenyekanye kuri uyu wa gatatu muri sentare nkuru ya frankenthal mu burengero bw’ubudagi. Uyo mugabo yaremanze ivyo yagirizwa ariko akamenyesha ko yafashe ayo mafoto kubera impamvu z’ubuvuzi.
Sentare nkuru yamenyesheje ko yahejeje amadosiye y’uwahoze ar’umuganga muri schifferstadt hafi ya francfort yagirijwe ko yafashe amasanamu n’amasinema yerekana ibihimba vy’irondoka incuro 1.484 zose.
Abunganira uwo muganga baciye bamurega kubw’iyo myifato mibi
Mu kwezi kwa nyakanga2011 mu biro akoreramwo bahasanze amasanamu n’amasinema ashika 35.000 yari yafashwe hagati y’umwaka wa 2008 nuwa 2011. Abatohoza babajije abantu 1600 bigeze kuvurwa n’uyo muganga basanga abashika 266 baramwitwariye.
Uwo mugabo yarakurikiranywe kandi ko yoba yarakinishije ibihimba vy’irondoka yishimikije ko ari umuganga.
Amaze guhagarikwa mukazi muri nyakanga 2011 yaremeye imbere y’abagize amatohoza ko yatanguye gufata ayo masana mu mwaka wa 2008 gushika aho yageze aho afata amafoto incuro zirenga cumi kumusi.
Sylvere Bavumiragiye
Messages
17 Nzero 2013, 05:44
No mu Burundi uwo birondera aho wosanga biriho bakabura ababarega gusa.Canke ngirango barabisha amaso gusa?
17 Nzero 2013, 06:54
mbega kuki berekana uwomukenyezi aho kwereka na uwomuganga ?
18 Nzero 2013, 07:31, par james
Nonese niyi foto y’umugore uryamye imbere ya muganga nawe azayibazwa