Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugenzi wa Nick Minaj bakorana n’umuzika,yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umugenzi wa Nick Minaj bakorana n’umuzika,yagandaguwe

Umugenzi wa Nick Minaj bakorana n’umuzika,yagandaguwe

vendredi 20 Ruhuhuma 2015

Nick Minaj afise umubabaro mwinshi, kuva aho aburiye umugenzi wiwe akongera akaba umucuraranzi wiwe akomeye. Uwo mucuraranzi wa Nick Minaj yaragandaguwe acumiswe imbugita.

Nick Minaj, umuririmvyikazi wo mu mudiho wa Rap, yatangaje ku rubuga rwa Twitter ko abacuraranzi babiri bakorana umuziki, umwe yitwa De’Von ‘Day Day’ Pickett na Eric Reed, bacumiswe imbugita mu gihe bari mu bunywero mw’ijoro mu gisagara ca Philadephia. Nick yongera avuga ko umwe muri bo yapfuye, kandi ko abo bagabo babiri bari bamaze iminsi ibiri bari ngaho bariko bategura ibiteramo vya Nick Minaj.

Nk’uko igiporisi kibivuga, abo bagabo barashwanye mw’ijoro mu bunywero barimwo bwitwa "Che’ Bar and Grill" n’abandi bari ngaho, ubwo niho batangura ku bacumita, umwe muri bo De’Von ‘Day Day’ Pickett yaracumiswe cane ku buryo ahasiga ubuzima bamushikanye ku bitaro. Uwundi mugenzi wiwe, Eric Reed ni indembe mu bitaro.

Abaporisi bakaba bamaze kumenya umugabo yakoze iryo bara n’ubwo amatohoza akibandanya. Nick Minaj n’umwe mu baririmvyikazi wo mu mudiho wa Rap akomeye muri Reta zuzne ubumwe z’Amerika mbere kw’isi yose. Abakunzi biwe bamwandikiye babicishije ku mbuga ngurukana bumenyi bamuhoza ku mugenzi wiwe yabuze.

Mwomenya ko abo bacuraranzi ba Nick Minaj bariko barategura ibiteramo vya Nick Minaj bizobera mu bihugu vya Buraya, mu buryo bwo kwereka abakunzi biwe urukirikirane rw’indirimbo rwitwa "Pinkprint"yasohoye mu mpera z’umwaka w’2014.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.