Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore mubi ni igitero mu muryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Umugore mubi ni igitero mu muryango

Umugore mubi ni igitero mu muryango

vendredi 31 Rusama 2013

Burya umugore ni we rupfunguzo rw’umubano, mu bavukanyi n’ababanyi. N’aho umugabo yogira ubuntu n’umuburwaneza, n’ahoo yomwenyurira abandi no kugerageza kwakira neza abantu, ntaco vyomarira abashitsi, ababanyi n’abagenzi, kuko inyifato y’umugore ari yo itanga ikaze mu rugo. Ingeso mbi z’abagore nizo zirukana ababagenderera.

Ng’ibi bimwe mu biranga umugore mwiza :

1. Yubaha Imana n’umugabo wiwe; 2. Agira umwete ku bikorwa vyiza; 3. Azi kugabura ku gihe, azi no kurondera ibikenewe; 4. Akunda gufasha abo arusha ubushobozi; 5. Amenya kubana neza n’umubanyi;
6. Yita ku bashitsi akabagirira neza; 7. Azi kwifata mu majambo; 8. Yihanganira ubukene; 9 Atishimira ubutunzi, kandi ititerera hejuruUbukire 10. Aharanira ivyokwubahisha umugabo wiwe.

Nk’uko umugore mwiza atabiterwa n’ubwiza bw’inyuma ni nako n’ububi bw’umugore budaterwa n’ukwo ateye inyuma, ahubwo ububi bushingiye ku ngeso mbi zituma aremerera uwo babana, abo bavyaye, ababanyi ndetse n’abahagendera.

Ibintu biranga umugore mubi

1. Umugore mubi yanka gusangira ingorane n’umugabo wiwe, ntibahuza ivyiyumviro, ntabwiza umugabo wiwe ukuri. Iyo umugabo agize ingorane, umugore mubi arabimutererana.
2. Umugore mubi abaho, mu riwe atagira imigambi, usanga kenshi akunda ibimuzanira inyungu gusa. Ntamenya ivyo umugabo wiwe akunda, n’iyo abimenye arabimwima, agize ngo aragize ico akora, agikora atanezerewe.
Urugero runini rukunze kugaragara mu mibonano mpuzabitsina aho yiyima uwo bubakanye, agize naho ngo aremeye ko barangura ayo mabanga akayarangura abwira nabi umugabo wiwe, canke ugasanga baranguye ayo mabanga ari ukwo babanje kwumvikana ivyo uyo mugore yobanza kuronka.

3. Iyo agahararo gaheze canke habonetse agahombo, umugore mubi atangura gufata umugabo nk’umuntu asanzwe, ndetse kumwitaho bigaca bihera.

Urugero:

Igihe umugabo ata kazi afise, yirukanywe ku kazi, canke ugasanga umugore arusha umushahara umugabo, umugore mubi aramucurira, aramusuzugura rimwe na rimwe amusuzuguza n’incuti ziwe, hari n’abadatinya kumuzanirako abandi bagabo.
Ikindi naco, umugore mubi ntatinya guhemukira uwo bubakanye, abikoresheje mu gukunda abandi bagabo, akima umugabo wiwe urukundo kandi vyari bizwi ko arufiseko uburenganzira. Kuri iyi ngingo, umugore nk’uwo aba akomerekeje umutima w’umugabo wiwe, amutesheje agaciro mu bandi, amaherezo benshi barabirwamwo.

4. Umugore yama ahanganye n’umugabo wiwe. Bene uyo mugore rero yama mwikosa rimwe. yemera ico ashatse gusa, ntiyemera gukosorwa kandi ntava ku ngingo ziwe. Ivyo bigabanya urukundo umugabo wiwe iyo amukunda, kugeza mbere aho yipfuza abandi bagore canke akabura ubushake bwo kumunezereza. Nico gituma uwo umutima wanse n’umubiri utamukunda. Uyu mugore rero kenshi yama yidodomba. Utujambo tutagira ishingiro ni co giteramo amenyereza ab’umuryango wiwe. Iyo vyamaze kumurenga akarimbi, ntatinya kubigaragariza mu nzira no mu bantu bakoranye.
5. Umugore mubi anyereza itunga ry’umuryango akoresheje gusesagura mw’ iraha n’ibinezeza binyuranye, no kwiba itunga arijana kurinyegeza iwabo, gukoresha ibirenze ubushobozi bwo mu rugo. Ubunebwe butuma yicisha inzara abana, umugabo n’abashitsi.

6. Umugore mubi aba imborerwa, azana ingorane zitesha abana ubwenge, urutonde n’ubuzima. Ntahuza urutonde rw’ivyokorwa n’umugabo wiwe, abana biwe, bariturutsa bakicura. Akabera ikirumbo umugabo wiwe, agahinduka incuti y’abatagira imigambi.
Ikindi ni uko umugore mubi atamenya ivyo asabwa n’ivyo abuzwa. Ikirwanisho akoresha kenshi ni ukwivumbura gusa, usanga atazi ibikorwa bimujejwe, ahari hose yama avyibutswa.
7. Umugore mubi yemera inama zose atabanje kubaza . Urugo rushobora kugira ingorane, aramutse agendeye ku vyiyumviro vy’umuryango w’iwabo avamwo, canke icuti ziwabo. Aho naho, umugabo aba yahukanishijwe na sebukwe.

Bene uwo mugore, inabukwe na sebukwe abahindura nka bakeba biwe, agahora ashaka kurondera hasi no hejuru abo yoronderako urwanko n’indwano. Umubano mwiza w’abubakanye ushobora kwononwa n’umugore yanka inama nziza z’umugabo wiwe, akagendera ku z’iwabo n’iz’abagenzi babi afise.

Ingaruka 3 zihaba iyo umuryango ufise umugore mubi:

Ingaruka ni uko ahanini abana bamwigana ivyo abigisha n’ivyo yikoza, bakavyereka ndetse n’abo babana bikaba uruhererekane mu miryango babana.
Imico mibi y’umugore yica ivyipfuzo n’imigambi myiza y’umugabo. Umugabo ntasubira kumunezerererwa, bikamutesha imigambi yiwe myiza yari afitiye umuryango.
Ivyo umugore mubi yakoreye ababanyi bituma bipfuza kubimwishura akaba ibuye ritsitaza ku bamukomokako cokimwe n’abavukanyi.

Nta woba umugore mwiza ngo abure akanenge, nta n’uwoba mubi gusa ngo abure iciza na kimwe agira. Ica ngombwa ni ukumenya ivyo udakora neza ukabikosora n’ivyo ukora neza ukarushirizaho.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.