Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore wa mbere avyibushe asaba kugabanurirwa ibiro imbere y’uko agire (...)
Umugore wa mbere avyibushe asaba kugabanurirwa ibiro imbere y’uko agire ubugeni
mercredi 30 Ndamukiza 2014
Urukundo ntirugira amaso, ntirugira amatwi canke rubuze uwuvyibushe gukunda uwonze canke uwonze gukunda uwuvyibushe. Uwu mugore wa mbere kw’isi avyibushe yikundiye umuyabaga w’umuhungu kandi ari se wabo. Asaba abaganga ko bomufasha kugabanya ibiro kugira bagire ubugeni.
Charity Piece afise imyaka 38, akaba afise ibiro bigera ku 765. Uwo rero yakunze se wabo Tony yifitiye imyaka 21 itarenga ntirenguke. Abo rero baca barikundanira birakomera. Ariko rero hari ikibazo, ubugeni bwabo burashoboka? Ikibazo c’uko Tony ari se wabo mutoyi wa charity baracumvikanyeko. Ikibazo gisigaye ni kimwe : Charity Piece afise ibiro bidasanzwe, bitayeko yararwaye n’indwara imutuma adashobora kuva naho aryamye.
Kugira rero bihebe bikunde ko abaganga bogira ico bamufashije n’uko yogabanuka nk’ibiro 200. Hanyuma akaja ku ngaburo n’imyimenyerezo vyotuma ibiro bigabanuka. Aho abaganga bamusaba ko yorya bike. Bigabanutse gato, abaganga bavuga ko bashobora kumubaga.
Tony naho akunda cane Charity, avuga ko abaganga batagize ico bafasha kugira umukunzi wiwe agabanuke ibiro, ntakibuza aramuheba. Charity yumvise ivyo, nawe n’amasozi menshi agira ati : "Hako nobaho uku nopfuma mpfa".
Chérif Nkeshimana
Messages
30 Ndamukiza 2014, 19:27, par BIGIRIMANA Christophe
Ndabaramukije mwanyakubahwa mujejwe kuturonsa amakuru agezweho sinibagiye nokuramutsa abasomyi bagenzi banje.ndabinginze musubiremwo murabe mushobora kuba mwihenze kubiro vyuwo muntu Charity.ubwanje sinshikana ibiro 70 hama mutubwire uwufise 700.mwotubwira uwugira kabiri ibiro apima?murakoze
1er Rusama 2014, 07:07, par rurimi
ntibihenze ivyo ni ukuri.ehe mbere nkubwire ava muri USA.aha muri USA uhashitse utangura kubona gusa mwene n.abo bantu.bitumwa n.iki ahanini indya zigwiriyemwo isukari amasoda Bakunda
1er Rusama 2014, 11:27, par mukobwajana
ABARUNDIKAZI IJUKIRE SPORT TWESE ,,MBE INGABURO NI GUTE ..TWIKEBUKE
1er Rusama 2014, 22:05, par kajebukeye
BABIVUZE NABI SI UKUVYIBUHA AHUBWO NI UKURWARA. BARIKUVUGA BATI UMUNTU ARWAYE INDWARA Y’UMUVYIBUHO
2 Rusama 2014, 05:53, par mtama
oya oya kabisa uyo muntu ararwaye uko si ukuvyibuha!ariko rero abantu barikwegera,uyo dogo rero yibaza ko agira arongore!ahubwo nawe nyene abaganga ni bamupime mu mutwe barabe!mbe abarundikaz ko hariho abagore bazi ko ari banini,mbwira babivuze ko iki?ahubwo ndakubwire,uyo muntu tumusengere kuko ntiyorohewe...