Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugore yitwariye Facebook kubera yerekanye isanamu yiwe iteye (...)
Umugore yitwariye Facebook kubera yerekanye isanamu yiwe iteye isoni
vendredi 1er Myandagaro 2014
Umuhora wa Facebook uherutse kwitwarirwa n’umugore aba mu ntara ya Texas, awagiriza ko wanse gufuta amasanamu y’ubuhumbu (Pornographie) umugabo wiwe yatangaje inyuma yo kwahukana.
- Meryem Ali yitwariye Facebook
Meryem Ali yagiriza Facebook ko yanse gufuta amasanamu y’ubuhumbu umugabo wiwe yatanze. Uwo mugore avuga ko umugabo wiwe yafashe amafoto yiwe ari gusa, arayahindura ayakoresha muri ya masanamu y’ubuhumbu( Pornographie). Uwo mugabo yabigira kugira amaramaze Meryem Ali kubera bahukanye.
Icababaje kuruta ibindi Meryem, n’uko Facebook yanse gufuta ayo masanamu iyo hatobaye abajejwe umutekano.
Meryem Ali asaba Facebook indishi y’akababaro ingana imiriyoni 123 z’amadorari. Abamuburanira bavuga ko Facebook itegerezwa kuriha ayo mahera kubera yarengeye agateka ka zina muntu k’uwo mugore.
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Myandagaro 2014, 13:45, par Iyumenya
None baramubeshera?raba izo mpuzu yambaye haraho zitandukaniye nizabakora pornographie ?navuge ko yironderera amahera naho ibindi vyo biramusa.
27 Ndamukiza 2015, 20:50, par arakaza marc
turavye ukwakanura arabisa.nareke gutakaza umwanya.
22 Munyonyo 2015, 11:24, par NGENDAKUMANA ESLON
KUMBE BOKABAYE BAKINISHA ABATABISHAKA,FACBOOK IRAKWIYE IHADABU MÊME N’UMUGABO WIWE.MBE NTASONI
26 Munyonyo 2015, 05:49, par NIMPAGARITSE FÉLICIEN
Ico niyumvira nuko mbere facebook yari kubanza igafatirwa ibihano nkuwuyirongoy agafungwa nkamayinga 2 hanyuma bagaca batanga amande 600 mille dorare kuk barahohotey uwo mugore.uwo mugab naw bakamufuna25 bakamuca amande 200 mile dorare bakambika agatamana uwo mupfasoni