Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kavakure : ’’Umurwi MENUB ntabubasha bwo guhakana canke kwemeza ivyavuye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kavakure : ’’Umurwi MENUB ntabubasha bwo guhakana canke kwemeza ivyavuye mu (...)

Kavakure : ’’Umurwi MENUB ntabubasha bwo guhakana canke kwemeza ivyavuye mu matora ufise’’

lundi 26 Nzero 2015

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu (MENUB) mu Burundi ni umugwi wo kurubuga (mission technique) ariko si umurwi wa poritike ngo wemeze canke uhakane ibizoba vyavuye mu matora ariko arategurwa mu Burundi, nk’uko bivugwa na Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu.

Laurent Kavakure avuga ko umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu (MENUB) waje mu Burundi gucungera amatora ariko arategurwa, imbere, mu matora n’inyuma ya matora mu kuraba ko ivyavuye mu matora bija mu ngiro. Laurent Kavakure akagira ati : ’’Amajambo benshi bavuze ntiyariyo na gato kuko umurwi MENUB ni umurwi wo kurubuga (mission technique) ariko si umurwi wa poritike (mission politique) ngo wemeze canke uhakane ibizova mu matora mu Burundi’’.

Laurent Kavakure, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'u Burundi n'ayandi makungu na Patrick Spirlet, Aserukira Ishirahamwe ry'ibihugu vyaburaya mu Burundi

Ku kibazo co kumenya igituma Reta y’u Burundi itaserukiwe mu birori vyo gutanguza icese ibikogwa vya MENUB mu Burundi, Laurent Kavakure yishuye amenyesha ko hari hakiri amasezerano hagati ya MENUB n’Uburundi batari bwaheze kunonosora ari naco gituma batagiye. Laurent Kavakure akamenyesha ko muri ayo masezerano, banavuganye ku gikorwa uyo mugwi uzoba ufise mu Burundi.

Mukamenya ko umurwi MENUB warungitswe gucungera itegugwa ry’amatora mu Burundi wongere urabe ko ivyavuye mu matora bija mungiro. Umurwi MENUB ukaba uzoshobora no kuja kuraba aho baharurira amajwi, ariko babanje kubivugana n’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi (CENI) ariko nta bubasha na bumwe bazoba bafise bwo kwemeza canke guhakana ibizova mu matora.


Alida SABITEKA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.