IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ukorana gute (...)

Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ukorana gute n’amashirahamwe yigenga

vendredi 7 Kigarama 2012

Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH co kimwe n’amashirahamwe adaharanira ivycaro vya politike akorera mu gisata c’agateka ka zina muntu ni inzego zibiri zidasa ariko zifasha igihugu mu gukinga no guteza imbere agateka ka zina muntu. Zikora zuzuzanya.

Amategeko araha umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ububasha ugereranije n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. N’ubuzi izo nzego zibiri zikora buratandukanye.
Mu guhagarika ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, umugwi CNIDH ufise itegeko ryo gukorana n’inzego za reta ariko ukagumana ubwigenge bwawo. Ntikibuza ko umugwi CNIDH uguma wumviriza abandi bakorera mu gikorwa c’agateka ka zina muntu nk’amashirahamwe yigenga.

Aho izo nzego zibiri zitandukaniye n’uko umugwi CNIDH ari urwego reta ishiraho kubera ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryabisavye kuva mu mwaka w’1946. Mu bihugu vyose hari iyo migwi CNIDH ijejwe agateka ka zina muntu, ifise ububasha bwo guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu kandi itegerezwa kuba ataho yimiriwe gukorera. Ikindi naco n’uko umugwi CNIDH ushirwaho n’amategeko.
Kuvyerekeye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, biramaze kugaragara ko ata nsiguro imwe itomoye iriho isigura ayo ariyo. Ikizwi n’uko ari amashirahamwe yigenga aharanira guteza imbere no guharanira intwaro ibereye no gutwarwa neza hamwe n’ubutungane n’imico myiza.

Icigwa c’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD mu mwaka w’2002 cerekana ko mwene ayo mashirahamwe agizwe n’imice y’abanyagihugu bigenga dufatiye kw’itunganywa ry’igihugu. Ayo mashirahamwe ntaharanira inyungu n’ivyicaro vya politike. Ari mu bisata bitandukanye nk’ubutunzi, ibidukikije, inyigisho, amagara y’abantu, politike,kwinonora imitsi, imibano n’ibindi.

Ubundi bushakashatsi bwakozwe bwerekana ko ayo mashirahamwe kugira yemerwe n’abanyagugu bacisha mu buryo bune bukubukuru. Ubwa mbere ni ukwemerwa imbere y’amategeko. N’ukuvuga ko ayo mashirahamwe ategerezwa kwemezwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aserukira reta. Ica kabiri n’uko yemerwa imbere y’abanyagihugu. N’ukuvuga ko yitaho ineza n’ukwisununura kw’abanyagihugu mu buzima bwa minsi yose. Ica gatatu n’uko ayo mashirahamwe yemerwa ku kivu, nk’iyo ateye akamo kakitabwa. Ica nyuma n’ukwemerwa kubw’intumbero yihaye.

Biragaragara rero ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, mu bwinshi bwayo n’ibikorwa vyayo bitandukanye,akorera mu bisata bitandukanye ugereranije n’umugwi w’igihugu CNIDH kuko wowo ugarukira mu guteza imbere agateka ka zina muntu hamwe no gukebura reta ku bijanye n’agateka ka zina muntu.

Naho biri uko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ni gombwa abeho kandi asenyere ku mugozi umwe n’umugwi w’igihugu CNIDH ku neza y’umunyagihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.