IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’umugwi wa ONU ukurikirana ivy’amatora vyatanguye

Ibikorwa vy’umugwi wa ONU ukurikirana ivy’amatora vyatanguye

lundi 5 Nzero 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon arashima itanguzwa ry’ibikogwa vy’umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ugiye kurabira hagufi itunganwa ry’amatora mu Burundi (MENUB) nk’uko biri mu masezerano inomero 2137(2014) yateweko umukono n’Inama nkuru y’umutekano.

Nk’uko vyamenyeshejwe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 3 Nzero 2015, Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon yibukije ko amatora akwiye kuba mu mahoro n’umutekano kuko ari akaryo keza kuri benegihugu ko kwitorera indongonzi biyumvamwo ngo zizobarongore. Ban Ki Moon agatera akamo abarundi bose ko bokwitanga mu gutegura amatora meza kuko ari akaryo ko gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu.

Tukabibutsa ko uwo mugwi ugiye gukurikiranira hagufi itunganwa ry’amatora mu Burundi(MENUB) urongowe n’intumwa idasanzwe yo mw’ishirahamwe mpusamakungu ONU, Cassam Uteem. Uwo mugwi MENUB uzoba ujejwe gukirikiranira hagufi amatora Uburundi bwimirije no gutanga icegeranyo.

Uwo mugwi MENUB ukaba uje gusubirira ubuserukizi bwa ONU mu Burundi, ubwo nabwo bukaba bwarangije ikiringo cabwo muri kigarama 2014.


Alida SABITEKA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.