Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR watevye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR watevye (...)

Umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR watevye kujaho-AMPCI

lundi 18 Ntwarante 2013

AMPCI n’ishirahamwe ryishinze gukinga ivyaha mpuzmakungu. Rimenyesha ko Reta y’uburundi yatebeje gushiraho umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi kubera amabi y’intambara yabaye mu myaka iheze. Ni mugihe umukuru w’igihugu yari yavuze ko ukwezi kwa Ruhuhuma kwari kurangira uwo mugwi CVR wagiyeho.

Umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR utegekanijwe n’amasezerano y’i Arusha yo mu mwaka w’2000 yatumye intambara mu Burundi ihagarara haba kugabura ubutegtsi hagati ya Reta n’imihari yahora igwana. Ayo masezerano yavuga ko uwo mugwi uca ujaho bidatevye.

Amashirahamwe yigenga cane cane ayaharanira agateka ka zina muntu n’ayahuza abacitse kw’icumu mu ntara zo mu mwaka w’1972 no mu mwaka w’1993 amenyesha ko ishirwaho ry’uwo mugwi CVR ryacerewe cane. Ayo mashirahamwe abonako harimwo ukudashaka kw’ama Reta yagiye arajaho.

Desire Ndagijimana ari mubarongoye n’abashinze rimwe muri ayo mashirahamwe AMPCI ryishinze gukinga ivyaha mpuzamakungu harimwo ivyo mu ntambara avuga ko Reta yo mu mwaka w’2005 yari yavuze ko uwo mugwi ugiye gushirwaho ariko ngo siko vyagenze. Mu mwaka w’2010 naho nyene ngo Reta yari yavyemeye ariko ngo uwo mugwi ntiwagiyeho.

Amenyesha ko ukwo kwiyobagiza gushiraho uwo mugwi CVR bifise insiguro ya politike. Avuga ko hariho abanyepolitike batinya ko hamwe uwo mugwi ugiyeho bokurikiranwa ku vyaha boba barakoze canke barategetse mu ntambara. Abo ngo nibo banigiye mu menshi uwo mugwi.

Iryo shirahamwe ritangazwa n’uko imvugo itajanye n’ingiro ngo kuko umukuru w’igihugu yari yavyemeye mu mpera z’umwaka uheze ko ukwezi kwa kabiri k’uyu mwaka w’2013 kudahera uwo mugwi utagiyeho.

Hari mu ntara ya Ngozi itakie 22 Kigarama umwaka w’2012 aho umukuru w’igihugu yabivugira mu kiganiro yahaye abanyagihugu ku murongo wa telefone. Umukuru w’ighugu Pierre Nkurunziza yari yamenyesheje ko uwo mugwi CVR usaba ubwitonzi bwinshi, ngo nico gituma utarajaho. Ariko yariyemeje ko integuro y’itegeko rishiraho uwo mugwi CVR rigeze mu nama nshingamateka kandi ata gihindutse uzojaho mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante uyu mwaka.

Muri kino gihe iryo shirahamwe AMPCI risaba umukuruw’igihugu gukora ibishoboka vyose kugira uwo mugwi CVR ujeho kuko ngo waratevye.

Ikindi naco n’uko ishirahamwe AMPCI risaba ko iyo nteguro y’itegeko yobangabanganwa na sentare idasanzwe yohana abazokwagirwa n’ivyaha bidaharirwa.

kw’ifoto: Aloys Batungwanayo, arongoye AMPCI


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • Yewe umurwi wo kumywanisha abarundi waratebye rwose;none se imyaka 13 iraheze amasezerano ya Arusha abayeho ubwo ukuri kuzaza ryari! abagirizwa bazaba barapfuye canke barashaje ntibyoroshye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.