Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhagarikizi w’urukino Burkina Faso-Ghana yahagaritswe na CAF - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umuhagarikizi w’urukino Burkina Faso-Ghana yahagaritswe na CAF

Umuhagarikizi w’urukino Burkina Faso-Ghana yahagaritswe na CAF

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Umunya Tunisie yahagarikiye urukino rwahuje Burkina Faso na Ghana ku munsi wa gatatu yankiwe ivy’imfatakibanza kubandanya ahagarikira inkino n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF.

Amakuru avuga ko umuhagarikizi w’umunya Tunisie Slim Jedidi yanditswe n’ikinyamakuru “La voix du nord” kuri uwu wa kane igenekerezo ry’7 Ruhuhuma 2013.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF (Confédération Africaine de Football) ryafashe ingingo yo kubuza uwo muhagarikizi kubandanya ahagarikira inyuma y’urukino yahagarikiye rwahujije ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma imigwi ya Ghana na Burkina Faso.

Urwo rukino rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe ca Afrika kiriko kibera muri Afrika y’Epfo, rukaba rwaheze umugwi wa Burkina Faso utahukanye intsinzi y’ibitsindo 3 vya Burkina Faso kuri 2 vya Ghana ku mapenariti inyuma y’aho iyo migwi inganirije mu mwanya w’iminota 120 igitsindo kimwe ku kindi ku kibuga c’I Nelspruit.

Inkuru yo kwankira uwo muhagarikizi kubandanya akazi kiwe zikaba zatanzwe na Hicham El Amran umunyamabanga mukuru wa CAF nk’uko ikinyamakuru “La voix du nord” kibandanya kibivuga.

Hicham El Amran akaba ngo yongeye ko ati : “Twari twiteze abahagarikizi b’ibihangange”.

N’aho bari batahukanye intsinzi, urukino ruheze umugwi wa Burkina Faso hamwe n’abakunzi bawo bari baneguye inyifato y’umuhagarikizi w’urwo rukino, umumenyereza wabo Paul Put wewe akivugira ko ingingo zimwe zimwe zafashwe n’uwo muhagarikizi muri urwo rukino zari “akamaramaza”.

Mbere umugwi wa Burkina Faso ukaba wasavye ko ikarata y’umuhondo igira kabiri umuhagarikizi yahaye umusatirizi wabo Jonathan Pitroipa yofutwa ngo kuko yarenganijwe. Iyo karata uwo mukinyi yahawe ku munota w’117 yagirizwa kwitembagaza n’ibigirankana imbere y’urugo kugira ngo ahende umuhagarikizi ikaba yatumye ahabwa ikarata itukura imubuza gukina urukino rwa nyuma rw’ico gikombe ruzobahuza na Nigeria ku munsi w’Imana.

Kuri ivyo Hicham El Amran yishura ati : “Ingingo yafashwe n’umuhagarikizi mu kibuga ntishobora guhindurwa kiretse iyo uwo muhagarikizi yemeye ko yihenze akavyandika mu cegeranyo atanga urukino ruheze”.

N’aho biri uko, ikinyamakuru “La voix du nord” kimenyesha ko ivyo vyasabwe n’umugwi nserukiragihugu wa Burkina Faso bihava vyigwa n’umugwi ujejwe gutunganya iryo higanwa.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.