Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi muri ONU yirukanwe mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi muri ONU yirukanwe mu Burundi

Umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi muri ONU yirukanwe mu Burundi

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyafashe ingingo kuri uwu wa kane yo kwirukana mu Burundi umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Paul Debbie yahawe amasaha 48 kuva kuri uwu wa kane, kugira azobe yamaze gusohoka mu gihugu c’Uburundi, bamwagiriza ko afise intumbero yo guhungabanya umutekano Uburundi.

Reta y’Uburundi yafashe iyo ngingo yo kwirukana mu Burundi Paul Debbie, umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, inyuma y’aho abatetsi b’Uburundi babandanirije kuvuga ko babeshuza, naho Reta itaratanga ivyemeza, ku vyavuzwe ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho mu ntara za Bururi na Makamba.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yari yasohoye haheze iminsi ibiri, yari yasavye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, ko yotunganya amatohoza akwiye kugira bashobore kumenya namba vy’ukuri ivyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyoba arivyo ko urwo rwaruka rwa CNDD FDD rwahawe ibirwanisho bigizwe n’inkoho n’imipanga.
Abatwara Uburundi barasavye kandi ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryotanga ivyemeza bikwiye vyerekana ukuri ku bivugwa mu rwandiko rwo mw’ibanga rwa ONU.

Reta y’Uburundi ntiyabaye ikirindira ivyo vyemeza vya ONU, canke ayo matohoza yokorwa na Ban K-Moon nk’uko babimusavye, ariko ica ifata iyo ngingo yo kwirukana ubutarariye (persona non grata), Paul Debbie, umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akaba yahawe amasaha 48 kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbe ABA DD murakomeye,Peter wabonye he uwirukana abaserukira ONU basha Ni ibimenyetso vy’ibihe mwahomotse peh,nano imbwa iturora igiro oya mweho murayurije igiti.Viva Rwasa izo ndura zaba DD zitubise tugarukire igihugu si non!!!!

  • Mbe ABA DD murakomeye,Peter wabonye he uwirukana abaserukira ONU basha Ni ibimenyetso vy’ibihe mwahomotse peh,nano imbwa iturora igiro oya mweho murayurije igiti.Viva Rwasa izo ndura zaba DD zitubise tugarukire igihugu si non!!!!

  • muri abagabo.ntibakabasuzugure

  • MBE BAKOZE ENQUETE MUZOHUNGIRA HE MWA BA DD ABAGOWE NI TWE MUGITANA ..KO MUZI NEZA KO IMBONERAKURE ZATANGUYE AKAZI MURI ZA BUBANZA NONE ENQUETE NTIZOBAFATA NAHO MWOKWIRUKANA BOOSE NTACO MUGIHISHA ..EREGA MURIYAHURA..

  • Good job, nuwo asigaye nawe uko nyene mwiheshe agaciro

  • Abarundi turaraba neza ntituze twikwegere!kuki Leta y’Uburundi yahisemwo kwirukana uwo ajejwe umutekano w’Uburundi muri ONU amatohoza basavye atarakorwa?ivyo vyerekana ko iyo Leta ifise ivyo yiyagiriza!kuk bitaruko yarikurindira ibizova mumatohoza ya ONU hama iyo Leta ikezwa canke ikagirwa n’ivyavuzwe.kandi ivyo ntaho vyakabaye kwisi kwirukana umuntu nkuyo!

  • Asha aba DD murawihaye!muri imihimbiri 0/0.warabonye umuntu yirukana uwumufasha?murimbwa gushika kukanyuma.

  • Ngabo za nkehabwenge zaba DD ziratashe kubera kutagira ubwenge no kutubaha.nibabise nyakubaha RWASA agathon abigishe aba DD politique.bye DD,muratewe imfufu mudasamvye

  • DD aho nisawa mwaciye ubwenge?onu yoyo subana murahuza ubwayi hinge ibereke kumugaragaro nivyo mwarimuzi ko atamuntu numwe abizi muce mugoka .imana yabarundi irAhari kuko ntakuntu mwotuvuyeko iyo ataba onu ,amatora agire abe neza kuko onu imbere yokubaha amahera muzobaza kwemera ivyo babAsavye vyose atakintu nakimwe mukuyemwo,Rwasa aritomboreye na ADC .DD iryohonyabwoko wateguye ntirikwerera mbabanjwe nabari inyumayawe bagiye kuzira ubugugu bwabo

  • nyakubahwa president ne anyanga wewe mumusigiyiki?uriko urakubita ibihimbi nturabira igihaka.arega bafise umugambi umwe na leonce.mbe nyakubahwa kuberiki leonce mwamuretse agataha?

  • MBE WEWE WIYITA bifaranga ngo mwe na SHOBUJA RWASA NGO MUGIRE MUGARUKIRE IGIHUGU!
    UWUSOMYE IVYO WANDITSE UBONA YOKWIZERA N’IMVUGO YAWE Y’ABUNGERE!IGARURE KUKO I DOSSIER YA GATUMBA NA TITANIC NTAHO MWOYIJANA.

  • nwari na bifaranga,imbere yokugira ico mwandika ngaha kurubuga bamubanza mutembereze ubwenge mwibaze igitumye mwandika.ONU mugihe tuyubaha natwe itegerezwa kutwubaha twebwe abarundi n,uburundi.igihe abo bakozi bayo baciye kubiri namategeko abagenga ntidushobora kubihanganira nagato,ikindi mukwiye kumenya,ONU sumuntu,nishirahamwe,birunvikana ko abakozi baryo badaca bahinduka bakaba ONU,ninkakurya haba umugambwe,sukuvuga ko abanyamugambwe baca bahinduka umugambwe,oya nagato.nyakwubahwa Presidant nunva nciye ndamukunda caaaaane kwizi ngingo ariko arafata kuneza y,igihugu cacu,iyakaminuza niyo yokwirukana abo bahemu,bashaka kuduta mukaga.muri 2015 haraho imana yosubira kutwishura nkuko imazigihe ibidukorera,nyakubahwa president imbere niheza komera kwivola conyene.

  • Ohoho ibisaka vyimbwembwe birahiye iyombwa nimba arimbwazi KAMI nashikirize iciyunviro ciwe arekane na Bifaranga Yikundira Mutama RWASA nikosa??Orya mutegetsi wo muri ONU ufite ubwenge bukora neza uribaza ko bamuhaye igiturire kugira ashire ahabona ubwo bubisha??Noneho ngo ibuye riserutse ntiryica isuka

  • Inyenzi yisema itondera kumugenza winkoko.Ahoabarundi mubona mwokwihanga 0NU!!!Muzomaramara nibabazanira amasanamu yafashwe igihe mwariko murabitanga ivyobigwanisho.

  • Umwami wanyina: ahubwo wewe tebereza ubwege ureke ivyuyumviro vyabandi .onu uti itegerezwa kububaha mwebwe aba DD none,kumengo mukiva muri ryashamba nimwe mwayihamAgaye ?mwe na onu ubona arinde yokubaha uwundi haaahiii ubu wamututsi mwatinya vyaheze!ubu naho onu vyaheze!muhaga nabi kabisa . Uwonawe yiyita kami avuga nabi Rwasa bikuzugurutse gose buca tukitwara kandi neza ncaneeeee

  • Barundi barundikazi muzogeza ryari kuvisha amaraso benewanyu?izo mbonerakure aho kubona ubukene bwaterigihugu bwifuza kuvisha amaraso yabenewabo uwo ariko arabahenda we buca yiyuririra indege yigire hanze nimwe muzosigara murawota urara rubunda nawe arikwira imishito hanze namwe murya ugondo vibuzimu mujibuntu muvavanure uwo presiden arabahenda muri mwebwe ntimurarubusa nawe akararariye haruwo arahamagara ngongodusangire uwubasubiza muntambara uwo niwe mwansi wanyu

  • Nagombakubwira uwowese mbonamengo aratangaye kubona igihugu cirukanye umuntuyakorera ONU mubimenye mwongera mubitahure sibwobwambere abakorera ONU batumurongo bakirukanywa mubihugu bababararungitswemwo gukoreramwo, iconshaka komumenya nuko iyobirukanye umukozi wa ONU kubera abayataye umurongo canke akarangamutima ka ONU ntibisigurako ishirahamwe canke abagize ONU bosebababagize ikosha,ONU turayemera ariko uwuyikorera agatumurongo’niwetutemera, ndabona abarundi mukomeza kubona umuntumwe acumuye mumuryango mucamushaka kubonako ishirahamwe abasanzwe avamwoko abarigizebose bababacumuye, ndababwirako nejo ONU nirungike uyunditumwakirizayompi wanashaka ningoma tuzimuvugirize,ariko uwoyahawe amasaha 48 ntagihinduka kandintacoduhindura.

  • Barundi barundikazi muzogeza ryari kuvisha amaraso benewanyu?izo mbonerakure aho kubona ubukene bwaterigihugu bwifuza kuvisha amaraso yabenewabo uwo ariko arabahenda we buca yiyuririra indege yigire hanze nimwe muzosigara murawota urara rubunda nawe arikwira imishito hanze namwe murya ugondo vibuzimu mujibuntu muvavanure uwo presiden arabahenda muri mwebwe ntimurarubusa nawe akararariye haruwo arahamagara ngongodusangire uwubasubiza muntambara uwo niwe mwansi wanyu

  • erega uburundi twarikukiye dufata ingingo ibereye kuburundi

  • Mwabantumwe nimureke kubakebura.ahubwo uwuzubwenge yobagirinama yokwirukana nabandi kuko niyonzira yumuherawaba DD.ahubwo mubemurandonderera ibiziriko vyokuboha izosiha.iryohonyabwoko naryobategura haraho ritoberera.ndifuza kuzobona iherezo ryaba DD.bazorira bazoburiyo banyikira bitebe bitebuke icogihekizogera.

  • Murabe iyo négligeance iri muri iryo kete. Gushika n’aho bihenda kuzina ry’uwo birukana! Ni Dobbie canke Debbie? Nta nakimwe abo bantu bakora avec professionnalisme. Nigute ministre asinya ibintu bihambaye nkivyo ata vérification n’imwe agize? Abo bantu bararushe yemwe! Sibo bazobona ivyo bintu biraheze. Ne pas confondre rapidité et précipitation Monsieur le Ministre!

  • kandi barundi ndababwire tureke kwunviriza anya politike izi ningwano zabo .kuberiki abanyagihugu batobato iribo bahasiga amabwena ?kubera mubaha amatwi babahenda nimwikangure banyagihugu .mufatane munda ntahonyabwoko ikiba muburundi .iyo nimitwe yabantu bamwebamwe .babanka agakira .

  • Nyakubahwa president nimba muzi kwiryo koza mwarikoze ryogutanga ibirwanisho mwibuke kwatari ibigori nibiharage mwatanza mubanyagihugu kandi wibuke ico utagomba kobagukorera nawe ntugikorerabandi umupanga ningoho bitumbeye muhira iwawe utabiziga vyokuryohera? Ni wibuke murimurembwe baguhushije ingenewavuze urazi kotwagendenye nawe ibihe vyishi ibituriko turaguhanuranuko tugukunda tanga igihugu hadaseseste amaraso niho uzoba ubaye umushingantahe wijambo muburundi

  • Mwebwe mujejwe kugenzura ivyobandika kururubuga murabeneza ivyiyumviro bimwe nkabatukana nkizo ntizikwiye kucangaha

  • Poleni sana wananchi wa burundi kwa machafukoyaliowakuta mungu atawasidia

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.