IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhari Ligue Iteka uranegura ingingo ziriko zifatwa n’umurwi (...)

Umuhari Ligue Iteka uranegura ingingo ziriko zifatwa n’umurwi CNTB

jeudi 30 Rusama 2013

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu Ligue iteka warashize ahabona itangazo ku musi w’ejo ku vyerekeye itunganywa n’ibikorwa vy’umurwi CNTB utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu Burundi.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, muri ino misi imiryango itari mike iriko irakurwa mu mazu n’amatongo yahora yita ayabo, agahabwa abahunguka n’abavuga ko bari barayanyazwe.

Uwo muhari League Iteka uharanira agateka ka zina muntu ukaba urajwe ishinga cane n’ukuntu uwo murwi udashira imbere umwumvikano.
Ivyo bikorwa rero bikaba biteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’agateka ka zina muntu.

Mu bisanzwe ingingo ziba zafashwe n’uwo murwi siwo nyene woca uza uzishira mu ngiro. Uwo murwi CNTB si sentare canke ahandi bacira imanza.

Iryo tangazo rikabandanya rivuga ko ibikorwa vy’umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira arivyo vyari gutangurira ibikorwa vya CNTB kuko ariwo wari gutanga umuco.
Umuhari League Iteka ukaba wemeza neza ko ibiganiro n’umwumvikano bizokwama ari inzira nyakuri y’amahoro no gutatura amatati.

Namba rero akarenganyo ko muri kahise kazanye gusesa amaraso n’ubwicanyi butagira izina mu bavukanyi, ivyo bituma nyene birashobora kuvyara izo ngaruka nyene muri kino kiringo.

Uwo muhari uranegura wivuye inyuma ubugira kandi ugukoresha inguvu kw’igipolisi kwibonekeza nk’uburyo bumwe mu gutatura ayo matati mu benegihugu kandi ama dosiye y’abo bantu ari akiri mu bucamanza bw’igihugu, bagasaba Leta y’Uburundi kudafata minenerwe ico kibazo. Kubw’iryo tangazo ryateweko umukono na Joseph Ndayizeye, umukuru wa Ligue Iteka, nta na rimwe ugukoresha inguvu kwigeze gutora inyishu y’ibibazo. Ingaruka z’intambara zari zikwiye kuba icirwa.

Twobamenyesha rero ko kuri uno musi nyene kuwa 30 Rusama ariho hashashe urubanza rw’urwaruka rwafatiwe mu Ngagara igihe Nyakabeto Justin yariko asohorwa mu nzu yagira ishikirizwe umuryango uvuga ko wayinyazwe. Urwo rwaruka rwafashwe n’igipolisi rukaba ruvuga ko rwari rwaje kwiyamiriza iyo ngingo yitwa ko ari akarenganyo gakorwa n’umurwi CNTB. ibijanye n’urwo rubanza rugishashe tukaba tuza kubibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.