Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umuhari M23 ugiye gusezererwa burundu
Umuhari M23 ugiye gusezererwa burundu
jeudi 12 Ruhuhuma 2015
Mu mayinga make gusa, umuhari wa M23 ntuzoba ukivugwa, nk’uko vyemezwa na François Muamba ajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’ Addis-Abeba hagati y’uwo muhari n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Amenyesha ko abahinga mpuzamakungu, uwujejwe gutunganya ingendo mu buserukizi bw’Urwanda mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo na Saïd Djinnit aserukira igihugu ca Ouganda, baravye ahageze ishirwa mu ngiro y’ivyapfundikiwe mu nama yabereye i Nairobi mu gihugu ca Kenya.
François Muamba akaba yamenyesheje inyuma y’inama yabaye hagati y’abaserukizi b’ivyo bihugu bitatu, ko umurwi uhurikiyemwo bose ni ukuvuga abazoba bava mu gihugu c’Urwanda, Kongo iharanira intwaro rusangi n’Ubuganda, ko bazokwihweza abazohurira mu gihugu c’Ubuganda, kugira basuzume abahoze ari abarwanyi ba M23, baheze basabe abashaka gusubira mu gihugu cabo batahe, abadashaka nabo bigumire mu buhungiro.
Aristide Nizigire
Messages
13 Ruhuhuma 2015, 17:24, par (§)
mutubwire ivyo TZ ihejeje gutangaza soma :ikaze iwacu cg shikama
13 Ruhuhuma 2015, 17:28, par (§)
mutubwire ivyo TZ ihejeje gutangaza soma :ikaze iwacu cg shikama