Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinga mu kuvuza umuziki "Dj" Saido ari mw’ihiganwa rizobera mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinga mu kuvuza umuziki "Dj" Saido ari mw’ihiganwa rizobera mu (...)

Umuhinga mu kuvuza umuziki "Dj" Saido ari mw’ihiganwa rizobera mu Bubirigi

mercredi 4 Ruheshi 2014

Imyiteguro y’igiteramo ca Farious na Dr Claude kizobera mu gihugu c’Ububirigi irabandanya. Kiyoyo Juma asanzwe ategura ibiteramo vy’abaririmvyi b’abarundi bibera mu gihugu c’Ububirigi amenyesha ko, inyuma y’igiteramo hazoba ihiganwa ry’abahinga karuhariwe mu kuvuza umuziki, umurundi Saido ari mu bazohiganwa.

JPEG - 60 ko
Kiyoyo Juma Pro

Nk’uko twari twababwiye, igiteramo ca Farious na Dr Claude (umunyarwanda) kizobera mu Bubirigi gifise intumbero yo guhuza abarundi n’abanyarwanda babayo, hamwe no kurondera ivyo gufashisha abasigajwe n’imvura yahitanye ibintu n’abantu mu Kamenge. Inyuma y’isaha imwe Farious na Dr Claude bahawe guteramisha isinzi rizoba ryabitavye, hazokwirikira ihiganwa ry’ibihangange mukuvuza umuziki (Dj) ari bo: umurundi Dj Saido, umunyarwanda Dj Sevy, umuholande Dj Billy na Dj Selecteur Jaf umufaransa.

Ayo makuru duhabwa na Kiyoyo Juma Pro(producer) afise intumbero yo guteza imbere umuziki w’Uburundi afasha no gutegura ibiteramo, amenyeshako uwuzoba uwa mbere muri iryo higanwa, azoronswa agashimwe k’amahera y’amanyaburaya angana 400(400 Euros).

Tubamenyeshe ko Kiyoyo Juma agiye kuza mu Burundi kugirisha ikindi giteramo inyuma y’ico yagirishe mu mwaka w’i 2012 kuri Cercle Nautic, azoba aje kugira aronke abandi baririmvyi azofasha gushika mu biteramo vy’i Buraya, inyuma ya Fizzo na Kidum.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.