Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuhinyanyuzi Amili Pro ashobora gufatirwa ingingo ruhasha
Umuhinyanyuzi Amili Pro ashobora gufatirwa ingingo ruhasha
mercredi 7 Rusama 2014
Umuhinyanyuzi Amili Pro ariko yidogerwa cane n’abaririmvyi aguma ajuragiza ku ruririmbo bamushiriye abakorere. Igihe cabaye kinini kandi nawe ntababwira ikibazo yoba yaragize. Uwu munsi wa gatatu ni uwa nyuma, bakavuga ko baca bafata izindi ngingo.
Abo bidogera umuhinyanyuzi Amili Pro akora muri MA Production ni abaririmvyi Lil K na Olga Lorie. Bavuga ko bamaze igihe kitari gito bamurondera ashire amajwi mu ruririmbo rw’abo bise"Ubuzima ni katihabwa" nawe abinyegeza. Ikibabaza n’uko atababwiza ukuri ku ngorane yoba afise akareka kubajuragiza. Ubuheruka yabahaye isaha bomusanga aho akora, Lil-k avuga ko yahamaze amasaha 2 amurindiriye, amuhamagaye kuri ngendanwa Amili ntiyitabe.
Lil-k avuga ko gushika n’ubu ahamagara, ariko n’ubu ntiyitabwe. Lil-k na Olga Lorie bafashe ingingo yo kuja kwicara aho Amili akorera mpaka bamwibonere amaso mu yandi. Basaba ko abahinyanyuzi bameze nk’uko bokwikubita agashi, kuko bica akazi k’ababitura nabo nyene bakaba bahahombera.
Lil-k avuga ko yari kumuheba akarondera uwundi mugabo Amili amufitiye amahera yo kuva mu mwaka w’2010. Ntibosubira gutanga amahera ahandi kandi. Twemeye kubaronderera umuhinyanyizi Amili Pro twumve ico abivugako.
Mwomenya ko Lil-k asanzwe ari mu murwi Other Boys umaze gukora indirimbo nka "Kora ku munota" yakorewe muri Sky Music.
Umviriza ururirimbo "Kora ku munota"
Chérif Nkeshimana
Messages
7 Rusama 2014, 15:03, par ERIC NDAYISABA
Ivyobituma,umuririvyiadashoboragutera,imbere mukazikiwe.uyonaweyikebuke,baririvyimwese ndabateye.intege,mujiberenkumuzinga murakoze
13 Rusama 2014, 08:19, par renentuntU
Uyu AMIRI PRO niyikebuke atunganirize abamwituye kuko tumuzi neza kubandi.