Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinyanyuzi Lizzer Pro na Laddy Grace baremeza ivy’urukundo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuhinyanyuzi Lizzer Pro na Laddy Grace baremeza ivy’urukundo (...)

Umuhinyanyuzi Lizzer Pro na Laddy Grace baremeza ivy’urukundo rwabo

jeudi 11 Mukakaro 2013

Lizzer Classic ni umuhinyanyuzi akorera muri Buja Record mu gisagara ca Bujumbura. Ni umusore ava mu gihugu ca Tanzaniya, bikaba vyaragiye bivugwa cane ko akundana n’umwigeme w’umurundikazi azwi kw’izina rya Laddy Grace.

Lizzer Classic na Lady Grace bagiye baranka kuvyemera ariko ubu bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko bakundana, nayo imvo zari zatumye badaca babivugira hejuru aribo bazizi. Bamenyeshejeko bamaranye ikiringo c’amazi umunani bakundana kandi ko urukundo rwabo bumva rwazoshika ku ntumbero nyamukuru aho bumva igihe nk’iki, mu mwaka uza bagomba kuzoba barubakanye.

Lizzer avuga ko muri aya mezi ari imbere, ashaka ko uyo mukunzi wiwe Laddy Grace azoba ariko yakira urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye, azoca amwambika impeta yabitegura kubaka urugo ( Bague de Fiancaille).
Naho Laddy Grace we avugako urukundo akunda uyo musore atawo yigeze arukunda, nta n’uwo azorukunda kuko abona ko amufatiye runini mu buzima aho yabivuze muri aya majambo ati: Ndaryoherwa iyo ndi kumwe nawe, urabaruta bose nta n’umwe akwegereye namba.

Laddy Grace abandanya avuga ko yamuririmbiye n’indirimbo yitwa wari urihe ? ku vy’ urukundo rwiwe na Lizzer Pro aho avugako uyo ariwe yamwigishije kuririmba kuko ariwe yamwinjije mu buhinyanyuriro bwa mbere ko ngo ari naho bamenyaniye aho yariko akora indirimbo n’umurwi yahora arimwo.

Ubu abo bose bakaba beretse abahora bibaza namba boba bakundana bikomeye canke namba babiterwa n’umuziki, ehe ko uyo muhinyanyuzi ariwe akorera uyo Laddy Grace indirimbo ziwe ubu rero n’abakunzi ndetse bakomeye abavyiba baronse inyishu.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.