Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinyanyuzi w’umurundi Kent-p nawe ageze mu rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuhinyanyuzi w’umurundi Kent-p nawe ageze mu rwanda

Umuhinyanyuzi w’umurundi Kent-p nawe ageze mu rwanda

lundi 8 Ruheshi 2015

Umuhinyanyuzi azwi cane cane mu karere k’Africa y’Ubuseruko Kasongo Reagen batazira kent-p, ubu ariko akorera mu gihugu c’Urwanda, ku Mvo z’umutekano utifashe neza mu Burundi.

Mu majambo yandite kuri facebook yiwe mu congereza tuyashize mu kirundi yavuze ati :’’Naho noba ndi kure yawe nguma ndakwiyunvira gihugu canje nkunda.’’
Mu kiganiro yahaye uruganda rwo kumenyesha amakuru IGIHE.bi; yavuze ko yiteguriye kugaruka mu burundi hamwe ibintu vyotungana, kuko ubuzima busa n’ubwahagaze, tumubajije ko yoba yarahunze yaciye atwenga, arko avuga ko ubu ariko arakorana n’umuririmvyi Sat-b asanzwe nawe nyene ari mugihugu c’Urwanda, kandi nawe nyene avuga ko ariko yagura imbibe murwego rwo guhinyanyura umuziki kandi wo kurwego rywo hejuru.

Kent-p yabandanije atubwira ko yiteguye gutangura kwinjira mu mahiganwa mpuzamakungu kuko ama clip yiwe ubu batanguye kuyerekana ku mboneshakure mpuzamakungu nka Trace TV, Chanel O, Citizen, African Box TV n’izindi.

Tubibutse ko Kent-p ari mu bahinyanyuzi b’umuziki(clip) bakomeye mu burundi kandi akaba ariwe yakoze indirimbo yabaye iya mbere ikozwe neza kandi igatahukana agashimwe kitiriwe video de l”anné 2014 (IKINYAMUGIGIMA).
Akaba kandi yarakoze indirimbo nyishi zakunzwe ku rwego rutangaje nka:

1.Ikinyamugigima ya Sat-B (2012),
2. Disque Dure ya Lolilo (2013)
3. FreeStyle ya Sat-B(2013)
4. Lizzo.Com ya Lolilo (2014),
5. What’s My Name ya Big Fizzo na Channy Queen (2014),
6. Satura Amabafle ya Sat-B (2014)
7. Jigi jigiwe ya Happy Famba,
8. Katoto RMX ya dj pro na Sat-b na Mkombozi

Raba indirimbo Ikinyamugigima


Bill Nkurunziza

Messages

  • Mumisiheze hataraza izivugo nzantacozimaze abarundi bamye batemberera Rwanda nkuko nabanyarwanda basanzwe batemberera mu Burundi ariko ntibacebakurikizwa amajambo ngobabaye impuzi. Ariko kuva Kagame akoze ukwashoboyekwose kugira ateze akavuyo Burundi ntamurundi acenerewe kwinjira murwanda atabanje kwenera kwemaga koyemeye kwitwa impunzi, nonegayemwe mubona icogihugu kibanyi kirikokirifata nkumubanyi tuzi nkabarundi nkumuzimyamuriro? Akataretse kabagasema.

  • Jewe ndakunda amakuru y’igihe ariko mutanguye gushira izo mbwebwe mu majwi nca ntangura guta icizere canyu. Iyo tuvuze ko igihugu kiri mu bihe bigoye muzana ba sat_B, ba ,...... Jewe mbona atakamaro bifise

  • @None?: Impunzi zirahari n’abaza bisanzwe barahari kandi bose turabakira. Muvane amatiku aho rero mushakire umuti ibibazo byanyu mureke kubyegeka kuri Kagame. None impunzi tuzangire kwinjira kugirango mutavuga Kagame.

  • @ Kareg, ekanukuri mwagizeneza kandinamwe twiteguye kuzobagiriraneza nkukwonamwe mwadukoreye nukuri mwagizeneza.

  • Navugish’ukuri Yahunze Ntabw’ar’umuziki Wamujanye Murwanda

  • @None, do u know what means None? You are none as ur friends mwishyizemo Kagame, sinzi namba ariwe wagiriye inama Peter yo kwitoreza 3eme mandat. Kandi umenye ko iyo mvugo yumvikana icyo ushaka kuvuga, ngo twabagiriye neza namwe muzatugirira neza? Muzabireke tuzajya nahandi kandi uko ubyifuza harinaho twebwe bitazamera nkamwe, igikuru nuko twebwe hatarimo amoko kuko abakazanye ayo moko bari iwanyu Nkurunziza yabahaye akazi. Umwanzi agucira icyobo Imana igucira akanzu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.