Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhora Twitter uzogura ubuhinga bw’umuziki bwitwa “We Are Hunted" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Umuhora Twitter uzogura ubuhinga bw’umuziki bwitwa “We Are Hunted"

Umuhora Twitter uzogura ubuhinga bw’umuziki bwitwa “We Are Hunted"

samedi 13 Ndamukiza 2013

Umuhora Wearehunted.com, watangujwe mu mwaka w’2007 mu gihugu ca Astraliya, ukaba ukorera i San Francisco, muri Californiya. Uwo muhora ufasha abawukoresha kugukurikirana ku mwanya ku mwanya amakuru y’ivy’umuziki biciye ku buhinga bubereka bishasha kw’isi yose.

Naho atarinze gutomora umugambi wiwe na Twitter, Wearehunted.com yamenyesheje abakunzi bayo ko vuba cane hagiye kuboneka ihinduka mw’itangaza ry’amakuru y’imiziki. Uwo muhora wavuze uti: "Nta nkeka Twitter n’umuziki birajanye cane. “

"Amakuru azohora abanza guca kuri Twitter hama ashikirizwe abakunzi bayo, nabo baheze bayahanahane ku musi ku musi.”

Kubw’umuhora ngurukanabumenyi uteye imbere muri ubwo buhinga, ihinduka rya Twitter muvy’umuziki rishobora gushirwa ahabona mw’isabukure y’umuziki itegekanijwe vuba muri Californiya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.