Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuhungu wa Jackie Chan yasavye imbabazi inyuma yo gufungurwa
Umuhungu wa Jackie Chan yasavye imbabazi inyuma yo gufungurwa
mardi 17 Ruhuhuma 2015
Jaycee Chan w’imyaka 32 aheruka gupfungurwa inyuma yaho yagirijwe kunywa ibiyayura mutwe.

Umuhungu wa Jackie Chan, Jaycee Chan yaheruka mu gasho inyuma yaho afatanywe ibiyayura mutwe. Joycee Chan ntiyigeze ahakana icaha yagirijwe, vyongeye aranavuga ko bari kumwe n’umugenzi wiwe aturuka mu gihugu ca Taiwan, ari nawe yamuhaye ivyo biyayuramutwe. Uwo muhungu yaremeye ata ngoranye ibihano yafatiwe.

Inyuma yo gufungurwa ku gihano c’amazi atandatu yari yaciriwe mu munyororo, umuhungu wa Jackie Chan, yaciye bugufi arasaba imbabazi ku bintu vyose yakoze, avuga ko yikuye ku bavyeyi biwe, akabamaramaza agenda gukora ibintu bidafise akamaro ko kandi nawe nyene vyomutera isoni mu gihe banywereye urumogi mu nzu yiwe. Ivyo yabivuze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, agisohoka ibohero.
Umuvyeyi wiwe Jackie Chan yarababajwe cane n’icaha umuhungu wiwe yakoze, kuko mu kazi kiwe ari umuserukizi (ambassadeur) mu kurwanya ibiyayura mutwe mu gihugu c’Ubushinwa.
Mu mwaka w’2013, umukuru w’igihugu c’ubushinwa niho yatanguza uruganda rwo kurondera abantu bose bikekwako kunywa n’ukudandaza ibiyayuramutwe. Muri ico gihe, abantu barenga ibihumbi 7800 nibo bafashwe.
Lorene Nubwabo
Messages
19 Ruhuhuma 2015, 03:58, par nduwimana pierre claver
Nivyukuri,gutanga indero nliyo,nivyo bikenewe mugihugu cacu,ayo umuntu akeiue gujanirws ico yakoze,bataravye uwariwenuwakoze icaha akamenys yuko yakoze icaha akongera akihana