Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhungu wa Jackie Chan yasavye imbabazi inyuma yo gufungurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuhungu wa Jackie Chan yasavye imbabazi inyuma yo gufungurwa

Umuhungu wa Jackie Chan yasavye imbabazi inyuma yo gufungurwa

mardi 17 Ruhuhuma 2015

Jaycee Chan w’imyaka 32 aheruka gupfungurwa inyuma yaho yagirijwe kunywa ibiyayura mutwe.

Umuhungu wa Jackie Chan, Jaycee Chan yaheruka mu gasho inyuma yaho afatanywe ibiyayura mutwe. Joycee Chan ntiyigeze ahakana icaha yagirijwe, vyongeye aranavuga ko bari kumwe n’umugenzi wiwe aturuka mu gihugu ca Taiwan, ari nawe yamuhaye ivyo biyayuramutwe. Uwo muhungu yaremeye ata ngoranye ibihano yafatiwe.

Inyuma yo gufungurwa ku gihano c’amazi atandatu yari yaciriwe mu munyororo, umuhungu wa Jackie Chan, yaciye bugufi arasaba imbabazi ku bintu vyose yakoze, avuga ko yikuye ku bavyeyi biwe, akabamaramaza agenda gukora ibintu bidafise akamaro ko kandi nawe nyene vyomutera isoni mu gihe banywereye urumogi mu nzu yiwe. Ivyo yabivuze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, agisohoka ibohero.

Umuvyeyi wiwe Jackie Chan yarababajwe cane n’icaha umuhungu wiwe yakoze, kuko mu kazi kiwe ari umuserukizi (ambassadeur) mu kurwanya ibiyayura mutwe mu gihugu c’Ubushinwa.

Mu mwaka w’2013, umukuru w’igihugu c’ubushinwa niho yatanguza uruganda rwo kurondera abantu bose bikekwako kunywa n’ukudandaza ibiyayuramutwe. Muri ico gihe, abantu barenga ibihumbi 7800 nibo bafashwe.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.