IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi asaba abafise ivyo bapfa kubitorera inyishu biciye mu (...)

Umuhuza w’abarundi asaba abafise ivyo bapfa kubitorera inyishu biciye mu biganiro

lundi 17 Myandagaro 2015

Umuhuza w’abarundi asaba abafise ivyo bapfa mu Burundi kubitorera inyishu biciye mu biganiro.

Nkuko biri mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi,umuhuza w’abarundi asaba abarundi kwigumya muri iki gihe turi mu bihe aho bigoye kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Umuhuza w’abarundi amenyesha ko mu gihe atacokorwa mu maguru masha,ubwicanyi bukorwa mu gihugu bushobora gutuma ibintu vyononera cane gusumba uko biri uno munsi mu gihugu.

Muri iryo tangazo,umuhuza w’abarundi arangiza atera ivyatsi ubwicanyi bukorwa mu gihugu,ahoza imiryango yabuze,agasaba kandi abarundi kuguma batekanye.


IGIHE

Messages

  • N’ areke Kudusiga Inkore Kumaso Kuko Intwaro Y’ Ubwicanyi Mawe Arimuriyo. Mbe Ko Atagumye Ngaha Ngo Nawe Bamuhinduke? Uwabaye Uwambere Mukurwanira 3ème Mandat,ntiyaraye Imuhitanye! Iyo Intwara Igize Ubwicanyi Ubuhizi, Haragera Igihe N’ Abari Muriyo Basubiranamwo. Ntimwibaze Rero Ngo Hazoguma Hicwa Ba Mboimpa, Ba Bikomagu, Ba Manirumua, Ba Zedi Feruzi N’ Abandi Muzi Bahigwa Buhongo Ariko Twizere Ko Rwasa We Batakirondeye Kumupfakaza Ko Yemeye Guhemukira Abamuzize Bose Akifatanya N’ Abamuhekuye.

  • bikomagu na adolphe barimubiganiro mukuzimu

  • Enda sha Rukara ba winumira kuko , n’uko utabizi , uriko uter’ishavu abantu. Wewe , tu fais partie du système yakoreye ikibi abantu benshi , n’ubwicanyi burimwo. None warahunze, ukaza uraraba iyo ibintu bija , uza urarekura akajambo kamwe kamwe, juste pour paraître neutre et correct. Bureka guta akanwa, kuko abantu barakuzi àta juste valeur.

  • Enda sha Rukara ba winumira kuko , n’uko utabizi , uriko uter’ishavu abantu. Wewe , tu fais partie du système yakoreye ikibi abantu benshi , n’ubwicanyi burimwo. None warahunze, ukaza uraraba iyo ibintu bija , uza urarekura akajambo kamwe kamwe, juste pour paraître neutre et correct. Bureka guta akanwa, kuko abantu barakuzi àta juste valeur.

  • NJANYE NAWE MUTAMA.UDUHENGA WIHANGANISHA BOSE UTAVANGUYE.

  • Kariyo,reka sha kuduhenda intwaro z’ubwicanyi zamye ho kuva twikukira ahubwo ngira ngo wewe niho bikigushikira none niyo mpanvu uriko uravuza induru ubona iyutangura kuva kera wiyamiriz’akabi ubu ntituba tugez’aha.

  • hahh burya muburundi turafise umuhuza?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.