Accueil > Amakuru > u Burundi > Cheik Mohamed Rukara yakejwe mu mabanga mashasha aheruka kugenwamwo
Cheik Mohamed Rukara yakejwe mu mabanga mashasha aheruka kugenwamwo
jeudi 13 Munyonyo 2014
Umuhuza w’Abarundi Mohamed Rukara yakiriye mu biro iwe uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, Boubacar Diarra, aho yari aje kumukeza ku mabanga mashasha aheruka kugenwamwo.
Uwuserukira Ubumwe bwa Afrika rero akaba akenguruka ibikorwa n’umuhuza w’Abarundi Mohamed Rukara, aho Boubacar Diarra avuga ko bitangaje kubona umuhuza w’Abarundi agenwa kuba icegera c’uwutwara urwego rw’Abahuza b’Afrika. Avuga ko we n’abo bakorana bose bamukeje kubona yarashimwe muri urwo rwego. Avuga ko Rukara yitanga mu kazi kiwe. Diarra akaba yaboneyeho n’ukumenyesha ko Ubumwe bw’Afrika buzorungika abarorerezo mu matora yo mu mwaka uza.
Eka n’umwe mu bavugizi b’umuhuza w’Abarundi akaba yashikirije ko kubona umuhuza w’abarundi yarashimwe ari bimwe mu bikorwa asanzwe arangura mu guhuza mu karere k’Afrika, aha mukibuka ko Cheik Mohamed Rukara yabaye umwe mu bahuza b’amadini mu gihugu ca Tanzaniya nk’uko Jerome Ndiho yabivuze. Ndiho akaba yashikirije kandi ko urwego rw’abahuza b’Afrika rwiyemeje gufasha mu gutsimbataza amahoro mu karere.
Tukabibutsako ayo matora yabereye ku cicaro c’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika Addis Abéba.
Aristide NIZIGIRE
Messages
13 Munyonyo 2014, 19:13, par Umwenegihugu
Ekanatwebwe abarundi bomumigambwe yose ikorera muburundi turinumunezero ntangere kandituramukeje Sheihk Mohamede Rukara asanzwe arinumuhuza wabarundi.
13 Munyonyo 2014, 19:20, par Natwe
@ Umwenegihugu Natwe abomumashirahamwe adaharanira ivyicaro muri leta nubwo OLUCOME yaraye yerekanye kwaharanira ibibanza muribinabiriya, muvyukuri natwe turishimiye kandi turakeje umuhuzawabarundi kwiteka atewe kandibirushaho hutuma igibugucacu kimenyekana mumakungu
13 Munyonyo 2014, 22:30, par Nwari
mwe 2 mwataguye kwandika baza mugongore imitwe yanyu ;ko mukeza ico bita umuhuza
14 Munyonyo 2014, 17:22, par Burear
Nonega Nwari ubabajwe nukwabarundi bariko barakeza umuvukanyi uburumdinkabo!? Nubwuzikwandikikirundi ushoborakuba utarumurundi maze igihekinini ntitegereza ivyiyumviro vyawe nsanga ukunzekubabazwacane niyowumvise umurundi ateyintambwe! Ariko hariho nabantubatarabarundi iyobimvise umurundi ateyintambwe bifatikanya nabarundi mukunukeza nkuko ubona uwomunyacubahiro yigoye akazakumukeza!.
25 Mukakaro 2015, 16:04, par David
Ego vraiment arabikwiye kuko aritanga ntakorera umugambwe!