Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza w’abarundi yarahaye umubonano abagendesha amapikipiki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yarahaye umubonano abagendesha amapikipiki

Umuhuza w’abarundi yarahaye umubonano abagendesha amapikipiki

mercredi 17 Mukakaro 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yarahaye umubonano ku munsi w’ejo aborongoye abagendesha amapikipiki hamwe n’abaserukira abarongoye ibituro. Uwo mubonano wari watewe iteka n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana.

Kari akaryo ko kubasubiza ku murongo hamwe no kwongera kubasubiriramwo amasezerano abo bagendesha amapikipiki bateyeko igikumu.
Umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, Didace Sunzu yamenyesheje ko uwo mubonano wari ugamjie kwibukanya amasezerano bagiranye yatewe ko igikumu mu kwezi kwa Ruhuhuma 201. Ayo nayo akaba yavuga ahantu batarenga, amasaha batarenza bariko barakora, ni ukuvuga isaha cumi na zibiri z’umugoroba ku mvo z’umutekano kandi bakaba bategetse abo bagendesha amapikipiki gusiga ibara ry’umuhondo hamwe no kwambara impuzu zibaranga n’inkofero zikingira umutwe iyo habaye impanuka.

Kari akaryo kandi ko kwereka umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu asanzwe ari nawe arekurira amashirahamwe gukorera ku mugaragaro, umurwi mushasha w’imfatakibanza uzokora hagati y’amezi 6 n’amezi 12 imbere yo gushiraho umurwi burundu uzokwiga ivyo bibazo.

Abo bagize uwo murwi baremeye gukurikiza amasezerano bahanye, baraniyemeza ko mu gihe bazoba bafise ingorane bazokwitura uwo murwi usanzwe urimwo n’uwuserukira ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, ubushikiranganji bw’umutekano, uwuserukira uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura hamwe n’uwuserukira ibiro vy’umuhuza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.