IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yoba yahunze igihugu

Umuhuza w’abarundi yoba yahunze igihugu

vendredi 24 Mukakaro 2015

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara ashobora kuba yahunze igihugu inyuma y’ivyo aherutse gushikiriza.

Amakuru ava mu begereye umuhuza w’abarundi amenyesha ko Mohamed Rukara yuriye indege igihe c’isaha umunani n’igice kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Mukakaro.
Mu gihe yahora agenda aherekejwe n’abasirikare,ayo makuru amenyesha ko yoba yagiye ku kibuga c’indege ata musirikare amucungerera ubuzima bari kumwe.

Mohamed Rukara ashobora kuba yahunze igihugu inyuma yaho avugiye ko abarundi bose bangana imbere y’amategeko kandi ko ata murundi n’umwe akwiye kwicwa,kandi ko amasezerano ya Arusha ategerezwa kwubahirizwa.

Arangiza,Mohamed Rukara yavuze ati :"Ukuri ndakuvuze ariko ndazi ko nshobora kukuzira."

Gushika ubu,nta makuru y’igihugu yoba yagiyemwo aramenyekana,ariko n’inkuru tubandanya kubatohoreza.


Van Naris Mugisha

Messages

  • UWO NAGENDE HARI ABANDI BASHINGANTAHE BO KUMUSUBIRIRA!! KUKO HANO IGIHUGU BURI MURUNDI W’UMUTIMA NI UMUHUZA WA MUGENZIWE KUGITICE.

  • mutama genda ar uguhanura nuko wabwira intumva.

  • Ukwokurinikwo ahubwo abomuhigabobabadashaka ukuri.muga,imaniramubona

  • Ahubwo Mohamed n’umugabo weyemeyekuvuga ukuri kandi aziko ashoborakukuzira.Kimwegusanuko n’abandi barundi bogira imitimabakamenya ukuri.

  • Umugabo Akoze Ibitarivyo Umugore Nabana Baramuhanura None Acabirukako ? None Bo Bakosheje Ntabahanura !!

  • buriya nivyotutabona iyotuja siheza mana tabara uburundi nabarundi ibihebigiyekuza ntabwarivyiza

  • Mana Turazi Ko Ibidashoboka Kubana Babantu Imbereyawe Bishoboka!Kaze Uhuze Abarundi!

  • None Kwabarundi Bahereye Hanze Mufisumugambi Woguteragira Abarundi Bashasha? Ahaaaaaa! Birame Mbone Tuzobatubona Iherezo Ryibibintu Ibisigaye Ntimumbaze

  • barundi barundikazi murabe neza hagati mubutegetsi harababa rukara guhungigihugu kabisa abateramashurwe nibabandanye ariko biragoye

  • GAHINI amaze kugirishari yaciye yica murumunawe, Imana yaciye imuvuma acapfa yangara n’ukuvuga ko vyabaye kuri GAHINI nivyo biriko biraba muburundi. Impanuro nobagira mworeka kuvuma umw’Imana itaravuma ahandi ho muzosanga muriko muramuhezagira!

  • Umuhuza kuba ahunze,ni rwarukurikirane wa mucezo wa ndani aho ahunga mandat yiwe iheze aho ashaka ukungene asoma urusaku mu barwanya leta ntimumwizere

  • yari yatemvye kubivuga kandi yarabina akaza kubivuga ibintu vyayangay mugabo ntanco

  • mohamed rukara niyihungire akize amagaraye kuko muburundi harimwo ibizimwe ntazapfa ninzara ngo nuko ahunze uburundi canke adahuje abarundi

  • je barantwe ibiringo vyabo biheze ngobarahunze ntavyahanyuma nawe vyagenze ukonye asigaje gutwara 24h ngarahunze nibabe barondera iyindimvugo bakoresha ahandiho twarabamenye

  • uyo mugabo rukara akomoka muri sudani yamajepho uravye neza asa na ba jony garange sewabo yaje ava muri sudani aje gushaka akazi muburundi yari umukozi wa bami i muramya cndd ivuye mwishamba abanyamahanga benshi binjiye muru uyo mugambwe bakurikiye inyungu zabo novuga nka ba karenga, rukara na bandi bakongomani benshi ico nikibazo kibangamiye umugambwe ni gihuku kuko aboba ntu bajejwe amabanga akome mugihugu

  • NGIRANGO AKUMBUYE BABARABU BIWEYABAMWO NTIYAVUZEKOYABAYE MUBARABU IMYAKAMYINSHI NGONAMATUNGOYIWE YOSIARIYARI CANKE NGIRANGO ARIMUBUYENZI NTAWOVUGAVYINSHI REKATURINDIRE

  • iyireta.yaturambip.nonuwuvuzivyobadashaka.acabumwasiwabo.nicahishijw.kitazonyeguruka.nibidibazobivuga.

  • ha?abatavugarumwenareta.ntibamwizer.usangagiyegusumurusaku.

  • Nyamitwe aca amunyara shahu twararonse umwana wo muri ville akandamiza abo bitwa ngo bashaka kuguma batwomeka ko Arusha, Constitution, stevia n’ibindi. Ariko na Nyamitwe ashobora guhunga!!!

  • icyo ciyoni RUKASA gihuze ibiki mandat yiwe iraheze avuye mugihugu ngo arahuze, mbega uburundi ubwo agiye kubesha abazungu yuko atarashigikiye agatsiko kabicanyi kayoboye na PETER na bahemu binda bagurisha bagenzi babo Gen GACIYUBWENGE,wagambaniye abandi ba general,bamuha 2.5 million dollars.

  • NIYIGIRE KOYAROSAHACA NAYAHANDI HOHASIZE UBUZIMA KUKUBUTEGETSI DUFISE BUZIRA UKURI

  • uguhunga ni guhanga nyene biguma ari bibi gusa. ariko iyaba dufise umutima wogukunda igihugu naho twohunga twojana iteka. kandi inguvu z,umuyobozi ziri mW,ijambo rimuva muksnwa . niyo washaka guha agaciro uteka ntuzigera utinya . ariko niwaha agaciro ivyuronka bizokwanka ko ugoborora ururimi kuko ruzoca ruremerwa. ukunda ukuri ntatinya kukuvuga. ntanyungu nazimwe zisumba igihugu cawe cambaye iteka. Rwagasore nabatavuka bazo muvyinira

  • None abo bavuga yuko abhunga CNDD bahunga kubera ibiringo vyabo biba vyaheze none ko ikiringo ca Nkurunziza caheze we azohunga ryari😧

  • niyigire yabony ko vyase ivyo yahanuy vyose kuk naw bohava bamwica nabahebere igihugu cabo.

  • UMVA KUBA YAHUNZE NDAZI KO ATAGITANGAJE KUKO GISIGAYE GITWARWA NINYAMASWA NKURU MBI

  • Urahaze Amafaranga Ho Wibiye Nkurunziza Yaraguhaye Akuryamako Igikanu Gisi Gaye Arigikanu None Uramuhindutse?

  • Igire Mutama Ushike Amahoro Ubise Izo Nkozi Zikibi Abo Bos Batoteza Abandi Bameny Ko Bazoronka Impembo Yivyo Bakoze.Nibihane!

  • Uburund bwarubwakera ubu ntakuri bukigira kuva aho duterewe nicocorezo ngo ni CDD FDD

  • Nn ko mbon muvga ngo mandant zhez barahung mbeg peter we mandant yiw niw itarahra???muratwenza pe me Imana izobahanir ivy mukora

  • NIWIGIRE.MUTAMA NATWE TURINYUMAYAWE NUBUNDI UMUGABO UKURIYAMAKUZIRA KANDI UKURIGUCAMUZIKO NTIGUSHA IVYU BURUNDI VYANANIRANYE

  • niygire areke uwomugbo yigra kwasenga jewe imana asenga ntayonzi

  • ni kubera iki bavuga ukuri mandat zabo ziheze????????
    ndashigikiye alice NZOMUKUNDA we yabibonye kare kandi akabivuga akongera akabivamwo.

  • Aba batama bose Nkurunziza yagombye kubirukana kuko nibo birwa biba barangiza bati turahunze. Ndizera ko leta izashiraho itegeko rifatira imitungo yasozwe nabeneyo amafaranga avamo akajya mwisanduku ya leta y’uburundi

  • hahaaaa!!?mbe rukara arahunze ahubwo yarakwiye kuja mugasho.mbe kwariwe yatumye mutama#radjabu#atarwa mugasho ubunawe arashikiriwe?mwe namwe mwita rukara ntahomutaniye nawe.umuntu aba ahashatse nagende.gusa twebwe igihugu tuzokigumamwo abavugango cndd fdd yaraje ngo ibintu bicabibi ducatwumva uwariwe ni bamwe baturiza amapine abantu mugisagara gushika2005ubuntamahoro mufise mumutima

  • Haaaa biragoye umuhuza nawe !!!Mana bahafi y,uburundi

  • Haaaa biragoye umuhuza nawe !!!Mana bahafi y,uburundi

  • Abo batutsi bari muri cnddfdd nabo gucunga bashaka kudusamburira umugambwe nabo bagume bawutambikijemwo,ndababazwa n’abahutu bavugako ata moko ariho,no muri cnddfdd abatutsi bajanyeyo amanyanga,ikurwa rya radjabu ni montages zabo kandi basigaye bigamba,nabandi benshi bagiye babihomekako bose bagiye bavayo,bo mugabo bakamatayo,mwa bahutu bo muri cnddfdd faites attention umugambwe wacu twasheshe ko amaraso barawutwara,ibibanza vyacu,baje kuduhenda tutarahumuka tukiva mw’ishamba,baduhendesha ubusa nka Rurimirije yabahendesheje imipira n’ibirato vya sport,rabe neza mukanure,ndabira kanyange umukenyererarugamba yarahavuye hatarukira umututsikazi butoyi,mbega yotubwira urwo rugamba akenyerera ugwarigwo,aho twariko dutotezwa mu kamenge no mu yindi mihingo y’igihugu,abakomagu batubaga dufise inda ,mbega be na sindokotse barihe?Ntibari biraramiye mu ma quartiers yanka abahutu ico gihe badutuka ngo turi amafuku,mwa bagesera mwe b’abatutsi muri mu mugambwe ,ntimwibaze ngo twese turaryamye bande de sanguinaires,ntimuze mutwanikako amenyo ,twese ntidusenga nka perezida,abahutu bo muri cnddfdd muhaguruke mwigwanire umugambwe wacu ugiye kuba nka Uprona,detrompez vous umututsi ni wa wundi ntahinduka ,murabe ntitwinjiranwe ibi vyose duhitiyemwo nibo babiduteje,ntimwibagire kahise.Nibo batudandaza mu bazungu,faites attention.

  • @peter
    Wewe witita peter,nta bandi wipfuriza guhunga atari nyamitwe,jewe nshaka rurimirije,butoyi evelyne ,denise sindokotse,sendazirasa,edouard nizindi mbwebwe z’abatutsi ziri muri cnddfdd zomoke,bariaba sans echecs.

  • Fidelité,

    Ibi uvuga nivy’ukuri. None ko mubizi, mubibona, bibapfana gute? Amanyanga yanyu, philosophie yanyu ya corruption no kwiruka inyuma y’ibihumbi nivyo biriko bisambura umugambwe wanyu. Philosophie y’inda ntiyukaka. Nta vision mugira atari iy’amafaranga iyo nayo ni inzira idashika. Abakeba bo ntibasinziriye namwe mwishinga gufora inda no kwicisha Abarundi ibisabisho.
    Ugutwara igihugu c’est un sacerdoce. Rabire akarorero kuri ba Mandela, Gandhi, Sankara... nta ma compte , nta miduga, nta mazu yamamilliaridi bari bafise.

    Umugambwe wanyu ntushobora gutwara igihugu mutagira philosophie.

  • Igituma Bahunga Nuko Babona Ko Atamahoro Bifitiye Kandi Baracadufitiy Impuhwe Kuk Imana Idufiseko Umugambi.

  • niyihungire natwe tubuze iyo tuja twogenda.

  • None Akivuga Ukwo Kuri Haringarukabi Yoba Yarabonye Yoba?

  • None Akivuga Ukwo Kuri Haringarukabi Yoba Yarabonye Yoba?

  • None Akivuga Ukwo Kuri Haringarukabi Yoba Yarabonye Yoba?

  • @Muco
    Abo bandi ba perezida kuba batubatse ntavyo nzi,peut etre sankara ,ariko jewe ico ndiko ndakora ngaha nukwibutsa abahutu benewacu iyo twavuye,ni urugamba nkurwo ishamba ntibizoroha ariko ikintu cose ni buhoro buhoro,jewe sinobagaya à100 pour cent mes frères,c’est normal qu’ils se sont laissés corrompre kubera oppression na pauvreté abatutsi batuzingamitsemwo iyo complexe izotuvamwo buhoro buhoro,ivyo uvuze ni vyo rwose ,abakeba ntibasinziriye ariko je ne desespère pas abafise philosophie ndazi ko bariho,ariko ndi sure aussi ko atari barya baryumyeko ba cnddfdd,nta rugamba rworoha kandi nabo bakeba ntibaje na rwo ngo barashitse nkuko bamye babikora,bizohinduka ni bukebuke ni urugamba rubandanya si kazima twamaze kubona ingorane,ba sogokuru bati igiti ntikigukora mu jisho kabiri.

  • None,ubu Koko Ibwirizwa Shingiro Ry’iburundi Ubu,Rirafuswe?Nukuri,nicogusengera Ico Gihugu,abafashuburundi,nimucndanye Muhanure Turabe Icovamwo.

  • Vrmt Ntakundi, Vyose Biri Mukwihangana! Ibyo Mu Burundi Vyo Bisigaye Nka Paradiso!

  • Kwaiyo Nkurunziza Ntiyemera Abavuga Ukur. Ikibi Ciwe Yigira Umusenzi Yibukeko Abarundi Bakeny Amatara N’amazi Atiristi Igihugu Cose .Hindura Ighugu Kibe Nk U Rwanda Na Tanzania. Ahsante

  • Kwaiyo Nkurunziza Ntiyemera Abavuga Ukur. Ikibi Ciwe Yigira Umusenzi Yibukeko Abarundi Bakeny Amatara N’amazi Atiristi Igihugu Cose .Hindura Ighugu Kibe Nk U Rwanda Na Tanzania. Ahsante

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.