Accueil > Ukwemera > Abakristo > Umukardinari Roger Mahony yankiwe n’abakristo kuzotora Papa mushasha
Umukardinari Roger Mahony yankiwe n’abakristo kuzotora Papa mushasha
mercredi 20 Ruhuhuma 2013
Uwo mukaridinari yitwa Roger Mahony akaba yahora arongoye Diocese nkuru ya Los Angeles muri Californie. Icatumye bamwiyamiriza nuko bivurwa ko ashigikiye abakoresha ibiterasoni abana ivyo bita pedophilie mu kubakingira ikibaba.
Nkuko bivugwa, uyo mu kardinali yoba yaratorokesheje abapatiri bashika 122 bariko baronderwa n’ubutungane bwa Californiya ku mabi bakoreye abana bato.
Naho yakukurutse mu mabanga yo kurongora ishengero, uwo mugabo w’imyaka 77 aracari umu kardinali akaba kandi afise uburenganzira bwo gutora umupapa niyo mpamvu abakristo bahagurutse kumwiyamiriza ngo ntaze atore kuko uwuzosubirira benedicto wa 16 yamye agwanya ugufata kunguvu abana, ntiyotorwa n’uwushigikiye ababafata ku nguvu.
Papa benedicto wa 16 ategerezwa guca akura mumabanga y’ubu kardinali Roger Mahony kubera ivyo yagirizwa gutyo akurweko n’uburenganzira bwo gutora.
Ariko kugirango ntibizane ishusho mbi kw’ishengero mu kubikora bogerageza kumwumvisha ko yosiba canke akemeza ko amagara yiwe atifashe neza.
Sylvere Bavumiragiye