Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukenyezi buca ahiganwa na Jacob Zuma yagabanije indoto abari ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukenyezi buca ahiganwa na Jacob Zuma yagabanije indoto abari ku (...)

Umukenyezi buca ahiganwa na Jacob Zuma yagabanije indoto abari ku butegetsi

mercredi 29 Nzero 2014

Mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umupfasoni Mamphela Ramphele yamenyesheje ko buca yitoza mu kibanza c’ukurongora ico gihugu, inyuma yo gushinga umugambwe Agang ku wa 22 Ruheshi umwaka w’2013.

Uyo mupfasoni Mamphela Ramphele akaba yari yubakanye n’umuhisi Steve Biko, umwe mubafashanije na Nelson Mandela, mu kurwanya intwaro karyanisha miryango muri ico gihugu ca Afrika y’Epfo. Ariko icagiye gutangaza abantu batari bake, akaba ari ingene uyo mupfasoni, yavuze ko agiye kuja hamwe n’umwe mu migambwe ikomeye, iri mu yitavuga rumwe na ANC mu kwitegurira amatora. Abatari bake rero bashigikiye ANC, bakaba barakubiswe n’inkuba bumvise ivyatangajwe n’uwo mupfasoni ko yoba agira yifatanye n’umukeba wabo mu matora y’umukuru w’igihugu.

Abakurikiranira ibintu hagufi aho muri ico gihugu, bakavuga ko urubuga rwa poritike rushushe, na rirya hoba hariko haraba gushika n’ubu imibonano mu mpisho, hagati ya Mamphela Ramphele na Helen Zille arongoye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, kugira baze barabe uko bokwitegurira amatora, bagatsinda ANC, umugambwe usanzwe uri ku butegetsi urongowe na Jacob Zuma.

Umupfasoni Mamphela Ramphele akaba yamenyesheje ko aje azikenyeye, mu gihe avuga ko igihugu cabo ubu gisigaye kirangwamwo ibiturire, ubusuma bw’amafaranga bugirwa na bamwe, ibura ry’ubuzi ryugarije abatari bake. Akavuga ko, hageze namba hatarengeranye, ko bashitsa ivyo bari baremereye abanyagihugu bo muri ico gihugu mu mwaka w’1994.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ayo makuru niyo bamaze kwifatanya ariko rero bariya bafasoni ba biri sabo guta mundasa hellen zille hano arakomeye aravuga rikijana mbese iyo haza kuba nkiyo iwanyu baba baramutwitse abona kandi amatora yose aba intara ye aguma ayitsindira none bakaba biyunze mumenye ko ubaye umugabwe wa gatatu wiyunze nawe.gusa yose niyabagore ubwo rero musholozi arahagabira kandi mbna na juriass malema amugeramiye kuko urwaruka rwose rwigiriye inyuma ya marema.ubwo anc irye igaba.

  • Wamukenyeziwe. urashaje igihugu nka sud AFRICA NTAGO ARICYO KURONGORWA NUMUKENYEZI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.