Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Dugary Ndabashinze yaratoye mitende
Umukinyi Dugary Ndabashinze yaratoye mitende
mercredi 24 Mukakaro 2013
Inyuma y’ugukomereka bikomeye, umukinyi w’umurundi Dugary Ndabashinze ubu ariko aratora mitende buhorobuhoro. Dugary Ndabashinze ni umukinyi wa kera muri RC Genk yo mu gihugu c’Ububirigi, akorana n’umurwi wa Limbourgeoise.
Ikinyamakuru FootGoal.net cararondeye uwo mukinyi w’umurundi kugira ngo bashobore kumenya vyinshi ku bijanye no gusubira gukina kwiwe.
Dugary avuga ati : " Ubu,ndi mu myimenyerezo i Spa hamwe n’umurwi wa Genk. Haraheze ikiringo c’indwi nimenyereza n’uwo murwi. Bukebuke ndumva ndiko ndakira. Mu mubiri niyumva ko ari neza n’aho maze amezi umunani ntakina. Ntegerezwa kuguma mu murwi wa Genk kuko bashoboye kunyitaho kandi bakaba bakinyizigiye.
Dugary Ndabashinze amenyesha ko yumva yakize neza, ko hasigaye gusa ko asubira ku rugero yariko atararwara. Yizeye ko hamwe n’imiyabaga yo muri uwo murwi ko mu misi mike azoba yasubiriye ku rugero rwiwe.
N’aho afise imigenderanire n’iyindi mirwi, Dugary amenyesha ko ata mahitamwo aragira. Icipfuzo ciwe ariko n’uko yoguma mu gihugu c’Ububirigi.
Prosper Ndayikeza
Messages
29 Mukakaro 2015, 17:06, par HARAGAKIZA léopold
NASHAKA MBAZE UMUGWI NDABASHINZE DUGGARRY AKINAMWO
9 Ndamukiza 2016, 21:51, par Révérien
Noned Digary Ubuyarakize Arakina Nta Mugwiuriuramurondera