Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Joseph Minala arabangamiwe n’abamenyeshamakuru batemera imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Joseph Minala arabangamiwe n’abamenyeshamakuru batemera imyaka (...)

Umukinyi Joseph Minala arabangamiwe n’abamenyeshamakuru batemera imyaka yiwe

mardi 6 Rusama 2014

Umukinyi w’umupira w’amaguru Joseph Minala ararajwe ishinga n’ibinyamakuru vyo gihugu c’Ubutaliyano biguma bimwagiriza ko abesha imyaka. Yemeza ko afise imyaka 17 kandi ariteguye gutanga ivyemeza vy’imyaka yiwe.

JPEG - 23.9 ko
yemeza ko afise imyaka 17,abandi bakavugako afise 37

Joseph Minala avuka mu gihugu ca Cameroun akina mu murwi wa Lazio Lome mu gihugu c’Ubutaliyano. Naho biri uko, Joseph Minala afise ingorane z’uko abamenyeshamakuru n’insamirizi bamwagiriza ko abesha imyaka yiwe. Yemeza ko yavutse kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro 1996, afise imyaka 17. Ariko bamwagirizako yoba afise imyaka yoba ishika kuri 37, abandi nabo bakavuga ko yoba ashikana imyaka 40. Ivyo rero biramubabaza akavuga ko azotanga ivyemeza vyose vy’imyaka yiwe kugira akure amazinda.

Joseph Minala ati : "Abanyafrika tugira imyaka mike ariko bikaboneka ko dushaje. Nkishika aha mu gihugu c’Ubutaliyano, narasavye abategetsi baho ko bongirira igipimo ca ADN, ariko uwari yemeye kubimfasha yantaye ku kibuga c’indege, n’ubu sindasubira kumukubita ijisho, erega naho tudafise ibara rimwe ry’umubiri twese turi abantu".


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.