Accueil > Inkino > FOOTBALL > Papy Faty ku rutonde rw’abakinyi 10 bigenza neza muri Afrika y’Epfo
Papy Faty ku rutonde rw’abakinyi 10 bigenza neza muri Afrika y’Epfo
samedi 10 Rusama 2014
Umukinyi w’umurundi Papy Faty akina mu gihugu ca Afrika y’Epfo yashizwe ku rutonde rw’abakinyi mvamahanga 10 bariko bafasha guteza imbere urukino ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu.
Ku rutonde rw’abakinyi mvamakungu 10 bariko bafasha iterambere ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umukinyi w’umurundi Papy Faty akina mu murwi Bidvest Wits afise ikibanza ca 5. Imbere y’izina rya Papy handitseko uku : "Nk’uko bivugwa na mugenzi we bakinana muri Wits Matthew Booth, Papy Faty, ni umukinyi mpuzamakungu w’umurundi wa mbere yigenjeje neza mw’iryo higanwa. Imbere y’uko Papy avunika mw’ivi, yarafadikanije na Sibusiso, Vilakazi na Jabu Shongwe guteza imbere umurwi Bidvest Wits".
- Papy Faty akina muri Afrika y’epfo
Abandi bakinyi bari kuri urwo rutonde ni nka :
1) Robert Ng’ambi aza mu kibanza ca mbere, hagakurikira
2) Ansi Jaakkola
3) Antony Laffor
4) Willard Katsande
5) Papy Faty
6) Franck Mhango
7) Alje Schut
8) Tendai Ndoro
9) Knowledge Musona
10) Khana Billiat
N’aho Papy Faty yashizwe kuri urwo rutonde rw’ibihangange, mwomenya ko mu bakinyi 10 batumweko n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB gutegura urukino rw’Intamba mu rugamba na Botswana, umukinyi Papy Faty ntazoshobora kuza kubera ubu ari mu bitaro, bivuye ku gikomere co mu kuguru aheruka kugira.
Chérif Nkeshimana
Messages
18 Ndamukiza 2016, 17:17, par Preince Papy
Nukuri Ndaryohewe Kubona Umukini W’umurundi,bamushize Mu Rutonde Gw’ibihangange Muri Afrika Y’efo.Nukuri Nigitangaza Cane,kubona Papy Faty Yagiye Murutonde Gwibihangange.Ni Mukinyi Mwiza Cane Wohagati Yifata Neza Cane,Imana Imuhezagire Kandi Imukize,ndabashimiye.
3 Mukakaro 2016, 10:38, par IRADUHAYE DIVIN
papy faty akina hagati neza cane mu ndamukunda cane
20 Myandagaro 2016, 21:05, par NDAYIKEZA VIANNEY
BIRANEZEREJE CANE
8 Nyakanga 2016, 21:18, par Ally Kabuzi
Imana Imuje Imbere Abandanye Akora Vyiza
8 Nyakanga 2016, 21:24, par Ally Kay Kabuzi
Flctation Bon Frere