Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi
Umukinyi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi
samedi 2 Rusama 2015
Umukinyi w’umurundi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi no mu bindi bihugu. Uwo mugambi uzokwitirwa izina ryiwe.
Umugambi wo gufasha"Fondation Saido Berahino" uzokwugurugwa ku mugaragaro mu ndwi iza mu gisagara ca Londres. Umugambi uzohera mu Burundi hanyuma uje no mu bindi bihugu. Saido Berahino azofasha mu gutanga amazi meza kuri abo bose batayafise. Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Biringham mail, umugambi Saido Berahino uzofashanya n’ishirahamwe WaterAid, kurondera amahera azokora mu gukwiragiza amazi meza kuri bantahonikora, bugarijwe n’ubukene harimwo no kubura amazi meza.
Uwo musatirizi w’imyaka 21 kandi wo murwi wa West Bromwich Albion, nawe agira ati:" Umunsi wo gutanguza ico gikorwa uzombera umunsi mwiza, jewe n’umuryango wanje". Arongera ati:" Jewe narabaye i Burundi kandi narahakuriye, ndazi rero amabi aterwa no kutaronka amazi meza",
Tony Pulis, umumenyereza wiwe nawe agira avuga ko ashigikiye Saido Berahino ko ashoboye kwibuka iyo yavuye, ikindi amushimira n’uko abona ko Saido afise inyota yo gushika ku vyo yiyemeje.
Tubibutse ko saido yahunze Uburundi afise imyaka 10, yinjiye mu murwi wa West Bromwich afise imyaka 12, none aherutse gushirwa ku rutonde rw’abasatirizi mu murwi nserukira gihugu w’Ubwongereza mu batarenza imyaka 21, yatowe kandi nk’umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi.
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Rusama 2015, 14:10, par Nsengiyumva Jean Marie
ndamushimiye ko yiyumviriye gufasha igihugu yavukiyemwo kandi ivyo bizotuma biha inguvu batoyi biwe ba barundi.iryo niteka ntangere kubera niwe mu star wa mbere akomeye mu mupira avuka mu burundi;arekanye urukundo afitiye #uburundi bwamwibarutse.Imana imwongereze inkomezi!
3 Rusama 2015, 17:11, par ###
courage petit yangu ugize umutima mwiza wogukunda igihugu cawe na so wawe yarameze uko nyene jew twari tuzinanye yarakunda abantu cane imana ukuzigame!
7 Rusama 2015, 20:57, par kazoza2020@yahoo.fr
Imana igufashe ubandanye utera imbere.Abarundi bose bagukureko akarorero keza.
3 Nyakanga 2016, 14:15, par Bigirimana Ezechiel
Saido Ndamushigikiye
12 Munyonyo 2016, 15:19, par Ncuti
Ivyo Bintu Ndabikunz Pe!Gufasha Abantu Nivyo Vyingenz Pe!